Novak Djokovic yemeye ko yarenze ku mategeko yo kuguma ukwa wenyene kandi yaranduye Covid

Icamamare muri tennis Novak Djokovic yemeye ko habaye amakosa mu mpapuro ziwe zo gusohoka no guhura n'umumenyeshamakuru kandi yari yatowe ko yanduye Covid, mu gihe Australia ikirondera kumwirukana mu gihugu.

Djokovic ivyo yavyemeye mu butumwa yanditse kuri Instagram kugira atange umuco "ku makuru atariyo abandanya gutangwa" ku ngendo ziwe.

Uwo aza kw'isonga mu rukino rwa tennis mu bagabo yizeye gukina muri Australian Open ku ndwi iza.

Ariko ukwitaba izo nkino kwasutsweko igipfungu n'impari ku ruhusha rwiwe (visa) rwo kwinjira muri Australia.

Djokovic, asanzwe atarafata urucanco, visa yiwe yarafuswe itariki 6 ukwezi kwa mbere gato inyuma yo gushika muri Australia bivuye ku bibazo ku ruhusha rwiwe rwo kudaterwa urucanco rwoba rwatumye yemererwa kwinjira muri ico gihugu.

Ariko ku wa mbere, mu buryo bwatangaje, umucamanza iyo ngingo yarayisheshe aca ategeka ko uwo mukinyi arekurwa.

Ariko reta ntiravuga ko idashobora kumufatira iyindi ngingo - bishoboka ko umushikiranganji ajejwe abinjira n'abasohoka ashobora gufuta visa yiwe ubugira kabiri iminsi mike imbere y'uko ihiganwa ritangura.

Alex Hawke ashobora gufuta iyo visa ashingiye ko kuba waranduye Covid muri kahise bidaharurwa nk'ibitanga uruhusha rwo kudaterwa urucanco.

Visa ya Djokovic ishobora gufutwa kandi ku "mvo z'inyifato" bishingiye ku matohoza ku mpapuro ziwe zo kwinjira n'uko ashobora kuba yararenze ku mategeko ya Covid yo muri Serbia.

Hamwe Djokovic yotsinda Australian Open - grand slam yiwe igira 21- yoba abaye umukinyi wa mbere wa tennis w'intsinzi nyinshi muri kahise k'urwo rukino.

Mu butumwa bwiwe kuri Instagram, Djokovic yavuze ko yemeye gutanga ico kiganiro n'umunyamakuru w'ikinyamakuru co mu Bufaransa L'Equipe, kuko "atashaka gutererana uwo munyamakuru".

Yavuze ati: "Nagumye ncunga ko turi kure na kure kandi nguma nambaye agafukamunwa kiretse igihe nariko ndafatwa ifoto".

L'Equipe yemeje mu nkuru yayo ko uwo rurangiranwa wa tennis yagumye yambaye agafukamunwa gushika ikiganiro gihere, mbere n'igihe umunyamakuru waco yamusaba kugakura mu kiringo c'iminota itanu gusa.

Uwo munyamakuru, Franck Ramella, yavuze ko yari yabwiwe kutabaza Djokovic ivyerekeye kwicandagisha kwiwe canke ibijanye n'inkino za Australian Open zimirije arico "gituma ntamubajije niba yaribajije kugirisha igipimo".

Ramella ati "naho nari kumubaza, vyari kuba bimaze iki?"

Djokovic yemeye kandi ko yujuje ibitari vyo ku rupapuro rwiwe rw'urugendo imbere yo kwinjira muri Australia avuga ko umugwi w'abamufasha wahaye abategetsi inkuru z'inyongera.

Avuga ko uwutunganya ibijanye n'ingendo ziwe yihenze igihe yariko aruzuza igice c'urupapuro cerekeye ingendo yaheruka gukora.

Urwo rupapuro rwavuga ko ata ngendo yagize mu minsi 14 y'imbere y'uko ashika muri Australia.

Ariko ivyegeranyo bishasha vyerekana ko uwo mukinyi w'imyaka 34 yagiye muri Serbia hanyuma muri Espagne imbere y'uko afata urwo rugendo.

Yanditse ati: "Uwumfasha yarasavye imbabazi kuri iryo kosa mu kwuzuza urwo rupapuro.

"Uko kwabaye ukwihenda kw'umuntu gusanzwe, nta nkeka ko atari ibigirankana."

Uwu mukinyi yahakanye kuba yaritavye ibindi birori hari ivyarimwo abana - kandi yari yaranduye Covid.

Yanditse kuri Instagram ko yafahe igipimo ca PCR ku wa 16 ukwezi kwa 12 inyuma yo kurorera urukino rwa basketaball iminsi ibiri imbere y'aho, aho abantu benshi mu nyuma baciye batorwa ko banduye.

Djokovic avuga ko yari yafashe igipimo cihuta imbere yo kwitaba ivyo birori kandi ko yagiye kumenya ko PCR yiwe yerekanye ko yanduye mu nyuma itariki 17 z'ukwezi kwa 12.

Urwego rwa Australia rujejwe imbibe, rwavuze ku wa kabiri ko ruriko rurakora amatohoza ko "yatangaje ibitari vyo" - ico kikaba coca kiba imvo yo gufuta visa yiwe.

Abajejwe ihiganwa rya tennis ry'abagabo bavuga ko ari ngombwa ko harushiriza kuba umuco mu mategeko yo kwinjira muri Australia hanyuma basaba abakinyi kwicandagisha.