Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Novak Djokovic: Umucamanza yategetse ko uyu mukinyi wa tennis arekurwa ubwo nyene
Umucamanza yumvirije urubanza rwa Novak Djokovic ku ngingo ya reta ya Australia yo guhagarika visa yiwe yo kwinjira mu gihugu yatesheje agaciro iyi ngingo.
Umucamanza Anthony Kelly yategetse ko uyu mukinyi wa tennis arekurwa aho yugaraniwe, aca ategeka reta kuriha ivya nkenerwa vyose.
Uyu mukinyi w'umunya Serbia w'imyaka 34 yari yagiye i Melbourne mu ndwi iheze, aho yiteze kurwanira igikombe ciwe c'ihiganwa Australian Open.
Hagati aho, umushikiranganji ajejwe abimukira Alex Hawke arashobora guhagarika uru ruhusha afatiye ku bindi bituma.
Reta yemeye imbere ya sentare ko Djokovic ata mwanya ukwiye yahawe wo kwisigura igihe amenyesherejwe ko visa yiwe yari ihagaritswe.
Uyu mukinyi yabwiwe ko yari afise gushika isaha zibiri n'igice zo mu gitondo ku wa kane uheze kugira agire ico ashikiriza ku vyerekeye icemezo co guhagarika visa yiwe hisunzwe ingingo ya 116 y'itegeko rya Australia rigenga abimukira, ariko abajejwe imbibe bakaba bagiye gufata ingingo ntabanduka haciye akanya gato isaha imwe n'iminota 40.
Uyo mucamanza yavuze ko Djokovic yategerezwa kuba yahawe umwanya ukwiye wo kwerekana igituma visa yiwe itategerezwa guhagarikwa iyo abategetsi bafatira ku kiringo ca mbere yari yahawe.
Umucamanza Kelly ati: "Twese tugendera ku mategeko amwe. Mu yandi majambo: ayo mategeko ntiyubahirijwe".
Uru rubanza rwatanguye ku wa mbere mu gatondo rucerewe kubera ingorane z'ubuhinga bwa none mu gihe rwategerezwa kwerekanwa ikibiriraho ingene ruriko ruragenda.
Abashingwamanza ba Djokovic bavuga ko uyu mukinyi amaze gutwara igikombe ca Grand Slam incuro 20 yinjiye mu gihugu bizwi ko ubudahangarwa ku mabwirizwa ategeka ingenzi kubanza kwicandagisha Covid-19 bwari bugifise agaciro.
Nick Wood yabwiye sentare ko ubudahangarwa bwari bwahawe uyu mukinyi n'imirwi ibiri y'abaganga itandukanye inyuma y'aho aherukira kwandura coronavirus kandi ko yari yeretse abategetsi inkaratasi zose nkenerwa zo kwa muganga.
Wood ati: "Yari yakoze ibisabwa vyose. Yari yubahirije ivyo yasabwa vyose n'abajejwe Tennis muri Australia".
Vyabonetse ko umucamanza Kelly yemeye ibivugwa na Wood aca abwira abashingwamanza ba reta ko atangajwe n'ivyo yari amaze kwumva gushika ubwo.
Yabajije ati: "None hari ikindi uyu mugabo yategerezwa kuba yakoze?".
Abashingwamanza ba Djokovic bavuga kandi ko ingene abajejwe imbibe bamufashe ari "akarenganyo keruye".
Abategetsi bamaze kuvugana nawe ku kibuga c'indege, yasavye ko borindira gushika mu gitondo kugira ngo avugane n'abantu biwe ku bijanye n'ingingo yofata nimba ari iyo kuva mu gihugu. Ibi abategetsi bari bavyemeye.
Yaciye aja kuryama, ariko aza kuvyurwa n'abategetsi isaha cumi na zibiri z'agatondo bavuga ko bamutegetse kwishura ku nguvu, bamubwira ko hari ku nyungu ziwe mu gihe bofata ingingo yihuta.
Umushingwamanza wa reta Christopher Tran wewe yavuga ko Djokovic atari kuronswa ubu budahangarwa bwo gufata urugendo kubera yari aherutse kurwara Covid, anahakana ko ata karenganyo canke ibindi bintu bitumvikana vyahabaye mu gufata iyi ngingo.
N'aho Djokovic ataco arashikiriza ku mugaragaro ku vyerekeye ivyo kwicandagisha, mu kiganiro yagiranye n'abajejwe imbibe yaravuze ko ataricandagisha.
Yabwiye uwamubaza ko yari amaze kwandura Covid incuro zibiri - mu kwa gatandatu 2020 no mu kw'icumi na kabiri 2021. Impapuro zerekana ko yipimishije yarazeretse uwariko aramubaza - rumwe akaba yaruronse ku wa 16 z'ukwa cumi na kabiri 2021, umusi umwe imbere y'uko Djokovic aja ahabona atambaye agapfukamunwa.