Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Wimbledon 2017: Andy Murray aza mu kibanza ca mbere agakurikirwa na Djokovic, Federer na Nadal
Umukinyi wa mbere muri tenisi mu Bwongereza Andy Murray yagenywe mu kibanza ca mbere muri bane bari kw'isonga muri uwo mukino mw'ihiganwa rya Wimbledon.
Novak Djokovic aza mu kibanza ca kabiri, Roger Federer uwa gatatu hanyuma Rafael Nadal mu kibanza ca kane.
Ni ubwa mbere kuva mu nkino za Wimbledon zo 2014 aho abo bakinyi bane baba ari aba mbere ba Grand Slam kandi bakaba batazoja mu nkino z'ijonjora gushika mu gice ca kabiri gishira ica nyuma.
Umudagi Angelique Kerber ni uwa mbere mu bapfasoni, mu gihe umwongerezakazi Johanna Konta ari mu kibanza ca gatandatu.