Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Nigeria: Uwigize umu-General yafashwe nyuma yo kwigana umukono wa Prezida
Umugabo yigize umu-General yafashwe nyuma y'aho yiganiye umukono w'umukuru w'igihugu ca Nigeria, Muhammadu Buhari.
Ikigo co muri Nigeria kijejwe gukumira ubusuma bw'amafaranga, EFCC, cavuze yuko Bolarinwa Oluwasegun, yari yarigize umu-Genral mu gisirikare, yivye ikigo Kodef Clearing Resources amahera arenga $650.000.
EFCC cavuze yuko uwo mugabo yabeshe ko yari yashizwe ku rutonde rw'abagiye kugenwa n'umukuru w'igihugu mu mabanga, ariko ko yari akeneye amahera yo gutanga igiturire kugira agenwe muri ayo mabanga.
Bwana Oluwasegun ntaco yavuze kuri iryo fatwa kandi ikigo EFCC cavuze yuko azocirwa urubanza itohoza niryahera.
Yafatiwe iwe muhira i Lagos kuwa gatatu aho EFCC cavuze yuko casanze inkoho zitandatu z'ubwoko pump action, inkoni yo gushariza hamwe n'impapuro nyinshi z'impimbano.
Uwo akekwa bivugwa yuko yari yarateguye ikete ry'impimbano rifise umukono w'umukuru w'igihugu, ryerekana ukugenwa mu mabanga y'umugaba mukuru w'igisirikare ca Nigeria, aca arikoresha mu kwiba amafaranga.