Aung San Suu Kyi: Uwo yatembagajwe ku butegetsi bwa Myanmar yaciriwe iyindi myaka ine yo gupfungwa

Aung San Suu Kyi in 2018

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Uwo yatsindiye agashimwe k'amahoro ka Nobel ari mu minwe y'abamutembagaje ku butegetsi kuva mu kwezi kwa kabiri

Sentare yo muri Myanmar yaciriye Aung San Suu Kyi yakuwe ku butegetsi iyindi myaka ine yo gupfungwa, mu rubanza rwa vuba muri nyinshi zimurindiriye.

Yahamijwe icaha co gutunga no kwinjiza mu gihugu bitemewe n'amategeko amaradiyo yo gutumatumanako (talkie-walkies) hamwe no kurenga ku ngingo za Covid-19.

Madame Suu Kyi yagiriwe n'icaha ubwa mbere mu kwezi kwa 12, aca acirirwa igihano kigufi c'imyaka ibiri yo gupfungwa.

Asanzwe apfunzwe kuva mu kwezi kwa kabiri igihe igisirikare catembagaza ubutegetsi bwiwe ubu akaba ahanganye n'ibirego vy'ivyaha birenga 10, vyose akaba abihakana. Vyariyamirijwe cane nk'akarenganyo.

Vyibazwa ko ivyaha vyo kuri uyu wa mbere vyavuye mu gihe abasirikare basaka inzu yiwe ku munsi haba itembagazwa ry'ubutegetsi n'ingabo zari zirongowe na jenerari Min Aung Hlaing, uwo munsi akaba ariho bavuze ko batoye ivyo ibintu muri iyo nzu.

Urubanza rwo kuri uyu wa mbere ku murwa mukuru Nay Pyi Taw nta binyamakuru vyemerewe kurukirira, abacamanza ba Madame Suu Kyi nabo bakaba barabujijwe kuvugana n'abamenyeshamakuru.

Ico gihano ca vuba giciye kimushikana ku myaka itandatu yo gufungwa.

Mu kwezi guheze uwo yatsindiye agashimwe k'amahoro ka Nobel yahamijwe guhamagarira abantu kutumvira ubutegetsi no kurenga ku mategeko ya Covid-19, mu ciyamirijwe n'umukuru w'urwego rwa ONU rw'agateka ka zina muntu Michelle Bachelet nk'"urubanza rw'akamaramaza".

Human Rigjhts Watch nayo yavuze ko izo manza ari "ikinamico ya sentare y'imanza zo mu kinyegero ku vyaha vy'irementanya… kugirango (Aung San Suu Kyi) azohere mw'ibohero".

Itangazo ry'icegera c'umuyobozi w'iryo shirahamwe muri Asia, Phil Robertson, ryagirije kandi igisirikare "kumuhamya ivyaha muri sentare ijejwe kumuhezayo ku birego bidafashe kandi bishingiye ku mvo za poritike", rivuga ko "cirengagiza uburenganzira bw'abantu bose, kuva kuri Suu Kyi… gushika ku mihari y'abatayoboka ubutegetsi mu mabarabara."

Ifatwa ry'ubutegetsi n'igisirikare muri Myanmar (kizwi kandi nka Birmanie/Burma) mu kwezi kwa kabiri ryabaye haheze amezi umugambwe wa San Suu Kyi, National League for Democracy (NLD), utsinze urukombamazi amatora yo mu kwezi kwa 11 mu 2020.

Igisirikare cavuze ko amatora yabayemwo ubusuma, ariko abakurikirana amatora bavuze ko muri rusangi yagenze neza.

Itembagazwa ry'ubutegetsi ryakiriwe n'imyiyerekano mu gihugu cose, igisikare ca Myamar kikaba kitihanganiye abitaba iyo myiyerekano basaba demokrasi, abaharanira uburenganzira hamwe n'abamenyeshamakuru.

Madame Suu Kyi ni umwe mu bantu barenga 10.600 bafashwe n'igisirikare kuva mu kwezi kwa kabiri, mu gihe abandi barenga 1.303 bishwe mu myiyerekano nk'uko bivugwa n'umugwi ubikurikirana, Assistance Association for Political Prisoners.