‘Urazi ico dukorera abagore tubazanye hano? Tubasambanya ku nguvu tugaca tubica’, aha ni Myanmar

Ishusho y'umugore yambitswe igitambara mu maso

Dukorerwa iyicarubozo, turakubagurwa, tugakorerwa ivya mfura mbi mu gasho k'igipolisi.

Aya ni amakuru ateye akoba y'abagore bo muri Myanmar (yahoze yitwa Birmanie) yahawe BBC.

Abagore batanu bahagaritswe bari mu myiyerekano yo kwiyamiriza abasirikare batembagaje ubutegetsi mu ntango z'uno mwaka bavuga ko bamaze guhagarikwa bakubaguwe, bagakorerwa ivya mfura mbi.

Amazina yabo yarahinduwe ku mvo z'umutekano wabo.

Kugabisha: iyi nkuru irimwo ibivugwa n'umwe mubavugwa ko babakubagura, hari abo bishobora guhungabanya.

Kuva igisirikare gitembagaje ubutegetsi muri Myanmar mu kwa kabiri, igihugu kirangwamwo imyiyerekano, aho abagore bafise uruhara rudasanzwe mu rugamba rwo kurwanya iri tembagazwa ry'ubutegetsi.

Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu avuga ko n'aho igisirikare ca Myanmar gikoresha amayeri menshi harimwo kunyuruza, gufata abantu nk'ingwati n'iyicarubozo, imigumuko yagiye yiyongera kuva batembagaje ubutegetsi.

Gushika ku wa 08 z'uku kwa cumi na kabiri, abantu 1318 baramaze kwicwa mu gikorwa ca gisirikare co kurwanya abari muri iyi myiyerekano, harimwo abagore 93, nk'uko bivugwa n'ishirahamwe riharanira agateka k'abanyororo, Association for Assistance to Political Prisoners (AAPP).

Abagore n'imiburiburi umunani muri aba bahagaritswe barapfiriye mu gasho k'igipolisi, bane muri bo bakaba bakorewe iyicarubozo gushika aho bapfa bari mu kigo basambishirizwamwo.

Myanmar.

Abantu barenga 10.200 baramaze guhagarikwa, muri bo abarenga 2000 ni abagore.

Umwe muri aba bantu baharanira demokarasi, Ein Soe May, yapfunzwe amezi hafi atandatu, muri ico gihe cose, imisi cumi yayimaze muri kamwe mu busho bukomeye, aho avuga ko yakorewe vya mfura mbi akanaborezwa n'igufa.

Soe May yabwiye BBC ko igihe kimwe mu gitondo, yerekanye ikimenyetso c'imyiyerekano, aca arafatwa bamuterera inyuma mu modoka.

Soe May ati: "Nashikanywe hamaze kuba mw'ijoro. Baciye bampfuka igitambara mu maso baca bagenda bantera ibintu mu kunkekeza mu gihe bari bantwaye kunsambisha".

Abamufashe bamubajije ibibazo. Uko yatanga inyishu iyo ari yo yose badashaka niko yakubitwa umugano.

Soe May avuga ko yatewe ubwoba akatari gake ngo ababwire ibijanye n'ubuzima bwiwe bujanye n'igistina (vie sexuelle/sexual life).

Umwe mu bariko baramubaza yamuteye ubwoba ati: "Urazi ico dukorera abagore tubazanye hano? Tubasambanya ku nguvu tugaca tubica".

Ubwo nyene baciye bamusambanya ku nguvu bamupfunze igitambara mu maso.

Myanmar

Ati: "Banyambuye agashati nari nambaye bankorakora hose nk'uko nyene babikoze, bansiga uko zandemye".

Mu nyuma baramwambuye ca gitambara bari bamupfutse mu maso, ari ho yabona umwe muri bo yuzuza amasoro muri pistolet yiwe.

Ananiwe no kuvuga aho bagenziwe bari, baca bamutegeka kwasama bakamutamika "ya pistolet yuzuye amasasu", nk'uko abivuga.

Ibigo vy'agateganyo vyo gunfungiramwo

Nk'uko bivugwa na Manny Maung, umushakashatsi wa Myanmar mw'ishirahamwe Human Rights Watch (HRW), ibigo basambishirizamwo abantu vyari "ikintu ico ari co cose umuntu ashobora gupfungirwamwo, haba mw'ikambi canke inzu yajebwe".

Ibi vyagiye kwemezwa n'umunyamategeko i Myanmar yavuganye na BBC, ariko atashatse ko izina ryiwe rimenyekana ku mvo z'umutekano wiwe.

Uyu mugore avuga ko aburanira abanyororo batari bake bavuga ko bakorewe iyicarubozo bakanakorerwa ivya mfura mbi mu gihe bariko barasambishwa, nk'uko abivuga.

Ati: "Umwe mu bakiriya banje yaritiranijwe, ariko arafatwa. Amaze kuvuga ko atari we abategetsi barondera, yakorewe iyicarubozo mu kumuzibura icuma mu maguru baguma bakizungurutsa gushika aho ata ubwenge".

Mu nyuma uyo mugore "yarungitswe mu kindi kigo gusambishirizwamwo, aho, nk'uko abivuga, umwe mu bari bacunze ico kigo yamubwiye ko mu gihe yokwemera gusambana na we yoca arekurwa", nk'uko abivuga.

Uyo mushingwamanza avuga ko amategeko muri Myanmar yuzuye igipfungu, ugasanga abashingwamanza nka we ata nguvu bafise.

Ati: "Turagerageza kwiyamiriza iri hagarikwa no gusambishwa. Ariko batubwira ko ivyo bakora vyemewe n'amategeko kandi ko iri sambishwa rirekuwe".

Mu gihe bitoroshe guhinyuza ibi bivugwa na Soe May, BBC yavuganye n'abapfunzwe, nabo nyene bemeza ko bakorewe iyicarubozo bongera bakorerwa ivya mfura mi mu bigo basambishirijwemwo.

Umwe mu bapfungwa ati: "Bantegetse kuduza intoke zitatu [ikimenyetso c'imyiyerekano muri Myanmar] mu kiringo kirenga isaha yose mu gihe umwe mu bari bancunze yaguma ankwega imishatsi mu buryo bwo kuntera ubwoba".

Uwundi mugore yatwawe mu kigo c'isambishirizo kiri mu gisagara ca Shwe Pyi Thar, avuga ati: "Abakobwa babakuye muri iki cumba; bamwe muri bo bagarutse impuzu bari bambaye ibifungo vyafungutse canke vyacitse".

"Amakuru y'ibinyoma"

BBC yeretse icegera c'umushikiranganji wa Mynamar ajejwe kumenyesha amakuru Jenerali Zaw Min Tun ibi bivugwa na Soe May, akaba yamiriye kure amakuru avuga ko igisirikare cakoze iyicarubozo, akavuga ko ari "amakuru y'ibinyoma".

Mu ntango z'uno mwaka, igisirikare casohoye isanamu y'umupfungwa. Yari yakubiswe bimwe bibi ku buryo atari akimenyekana. Iyo sanamu yarakwiragiye hose.

N'ubu aracapfunzwe akaba yagirizwa gutunga ibirwanisho atabifitiye uburenganzira.

Soe May imbere y'ihagarikwa n'inyuma y'ihagarikwa, yerekana ingene isura yahindutse
Insiguro y'isanamu, Soe May imbere y'ihagarikwa n'inyuma y'ihagarikwa, yerekana ingene isura yahindutse

BBC yabajije Zaw Min Tun igituma igisirikare kitanyegeje ibikomere.

Yishuye ati: "Ibi ni ibintu bishobora gushika iyo umuntu ariko arahagarikwa. Bagerageza guhunga hanyuma natwe tugategerezwa kubafata".

Gupfungwa ukwa wenyene

Ihohotera ntirikorerwa mu bigo vy'isambishirizo gusa.

Umwe mu baharanira agateka ka muntu ari mu myaka ya 50, twahaye izina rya Lin, yabwiye BBC ingene yashizwe ukwa wenyene mu kiringo c'imisi irenga 40 mu gasho ka Insein i Rangoon.

Nta kintu na kimwe Lin yari afise mu cumba ciwe uretse impuzu yari yambaye, nta n'imiti yaronswa mu gihe yaba ayikeneye. Igihe yari apfunzwe yaratakaje inguvu zose.

Ati: "Nararyama mu mwijima nkama mbona ko nari ngiye gupfa".

"Rimwe na rimwe naguma numva amarira n'amaborogo mu vyumba vyari hafi yanje. Naguma nibaza uwuriko arakubitwa".

Ishusho y'umugore yambaye hafi ubusa ahagatiwe n'abacunze ibohero i Myanmar
Insiguro y'isanamu, Ishusho y'umugore yambaye hafi ubusa ahagatiwe n'abacunze ibohero i Myanmar

Lin aravuga ingene umusi umwe umusirikare yinjiye mu cumba ciwe ari kumwe n'abandi bagore bacunze ibohero batari bake.

Ati: "Mu gihe bari hafi kugenda, nahavuye mbona ko uyo mugabo yariko aramfata amajwi".

Yaragerageje kuvyiyamiriza ariko abwirwa ko ataco bimaze.

Umushakashatsi wa HRW Manny Maung yabwiye BBC ko kenshi mu mabohero, usanga abagore 500 bapakiwe mu cumba kimwe mu bisanzwe kigenewe abantu 100 gusa. Mu kuryama bategerezwa gukuranwa kuko badashobora kuryamira rimwe bose.

Nta n'uburenganzira bafise ku bijanye n'isuku , ivyo bafata nk'ukwimwa "uburenganzira shingiro".

Maung na we nyene yatwawe mu kigo c'isambishirizo ca Shwe Pyi Thar yarashikiwe n'ibi mw'ibohero.

Avuga ati: "Abagore baba bashikanywe ku bigo vy'isambishirizo bari bafise ibiguma bitarakira, bamwe bari mu kwezi bava amaraso, bari bemerewe kwoga inyuma y'indwi yose bapfunzwe".

Soe May, yarekuwe mu kigongwe cahawe abapfungwa barenga 5000 mu kwa cumi, avuga ko yari afise ubwoba ko yashobora gusubira guhagarikwa kubera ibikorwa vyiwe vyo kurwanira demokarasi.

Ati: "Ndazi ko nshobora gusubira guhagarikwa nkicwa, ariko ntegerezwa kugira ico nkoreye igihugu".

"N'aho ata mutekano numva mfise, ntegerezwa kubandanya nifatanije n'abandi muri uru rugamba".