Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Uganda iriko irahiga umurwi mushasha w'inyeshamba ivuga ko urondera gutembagaza ubutegetsi
Igipolisi ca Uganda kivuga ko hari umurwi mushasha w'inyeshamba uzwi kw'izina rya Uganda Coalition for Forces of Change (UCFC), kandi ko umaze kwica abaporisi bane b'ico gihugu bakiba n'inkoho zabo zine.
Mu gikorwa co guhiga uwo murwi, abaporisi bavuga ko bashoboye gufata umunani muri izo nyeshamba bongera bafata n'inkoho zibiri n'amasasu 22 mu karere ka Kasanda kari ku birometero 102 uvuye ku mugwa mukuru Kampala.
Mu kiganiro yahaye abanyamakuru ejo ku wa kabiri, umuvugizi w'igiporisi ca Uganda Fred Enanga yavuze ko abafashwe bemeje ko uyu murwi ufise intumbero yo gutembagaza ubutegetsi bw'iki gihugu.
Avuga ko amatohoza akibandanya kugira ngo bamenye abatanguje uyu murwi.
Enanga ati: "Bavuga ko batera abaporisi kugira ngo baronke inkoho, bongere barwanye abaporisi nka bamwe mu bansi babo kubera bafata abapolisi nk'inzitizi kuri bo mu mugambi wabo wo gutembagaza ubutegetsi".
Avuga ko hampande y'abo bafashe, igipolisi cafashe n'amaterefone bakoresha mu guhanahana amakuru, ivyombo vyo guteka n'amahema babamwo.
Avuga ko ibitero vyabo babitanguye ku wa 07 z'uku kwa cumi na kabiri, kandi ko abafashwe bashoboye gutanga amazina y'ababarongoye, ivyo avuga ko bizofasha igipolisi kumenya neza uyu murwi.
Uganda isanzwe ifatanije na Repubulika y'Intwaro Rusangi ya Congo mu guhiga inyeshamba z'umuhari ADF ufise ibirindiro vyawo mu buseruko bwa Congo.
Ni inyuma y'aho habereye ibitero vy'ibisasu ku mugwa mukuru Kampala no mu micungararo yawo mu kwezi kwa cumi na rimwe guheze, reta yagirije umurwi wa ADF.