Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ethiopia Vs Tigray: Inyeshamba zisubije igisagara ca Lalibela, umurage w'isi
Inyeshamba zo mu ntara ya Tigray mu buraruko bwa Ethiopia zisubije igisagara ca Lalibela, umurage w'isi, nk'uko vyemezwa n'ababibonye.
Bivugwa ko ata kurasana kwahabaye igihe uwu murage wa ONU wasubira mu minwe y'inyeshamba.
Lalibela, igisagara kirimwo amasengero ya kera, yari yafashwe n'ingabo za Tigray mu kwa munani, ariko hakaba hari haciye imisi 11 ziyitakaje ikigarurirwa n'ingabo za reta.
Ingabo za reta ya Ethiopia zari ziherutse gutera intambwe ikomeye muri iyi ntambara imaze umwaka.
Uburaruko bwa Ethiopia burahanzwe na kigoyi, aho abantu barenga imiriyoni icenda bari mu bukene bw'imfungurwa mu ntara za Tigray, Amhara na Afar, nk'uko bivugwa n'ishirahamwe ONU.
Umwe mu babibonye, yabwiye itororokanirizo ry'amakuru Reuters ko ingabo za reta ya Ethiopia zatanguye kuva muri Lalibela ku wa gatandatu mw'ijoro.
Avuga ko igice ca nyuma z'izi ngabo cagiye ku wa Mungu mu gitondo.
Asubirwamwo avuga ati: "Twarumvise amasasu avugira kure mw'ijoro riheze, ariko ingabo za Tigray zigaruriye Lalibela ata rusoro ruvugiye mu gisagara".
Mw'itangazo wasohoye rigasubirwamwo n'itororokanirizo ry'amakuru AFP, umuhari Tigray People's Liberation Front (TPLF) uvuga ko watanguje "ibitero vyo kwivuna hirya no hino", harimwo no mu gisagara citwa Gashena, hafi ya Lalibela.
Umuvugizi wa TPLF Getachew Reda yanditse kuri Twitter ati: "Ingabo zacu ziriko zivyifatamwo neza, neza, neza cane".
Ntaco reta iratangaza kuri ibi. Ariko ku wa gatandatu, ibiro vy'umushikiranganji wa mbere Abiy Ahmed vyanditse kuri Twitter ko yasubiye ku rugamba kandi ko ingabo za reta zari zigaruriye ibisagara bikomeye kw'ibarabara rija ku mugwa mukuru wa Tigray, Mekelle.
Mu ndwi iheze, abanyagihugu baba i Lalibela babwiye AFP ko n'aho abarwanyi ba Tigray bubashe bakubahiriza ibigo vyeranda mu gihe bari muri ico gisagara hagati ya Myandagaro (ukwa munani) na Munyongo (ukwa 11), ntiborohereje abanyagihugu.
Bivugwa ko inyeshamba zategeka abantu gutanga imfungurwa n'amaterefone. Zarasahuye kandi n'ububiko bw'imiti, nk'uko bivugwa na AFP.
Ejo ku wa Mungu, umwe mu babibonye yavuze ko abantu benshi bahunze ico gisagara "kubera batinya ko hashobora kuba ukwihorahorana. Twararyohewe igihe inyeshamba za Tigray zomoka".
Amasengero 11 yubatswe mu masenga y'amabuye mu binjana vya 12 na 13, yabaye umurage wa UNESCO mu 1978.
Haraciye umwaka iyi ntambara yadutse hagati y'ingabo za reta n'umugambwe TPLF wari umaze imyaka mirongo ari wo wiganziye Ethiopia, ubu ukaba ari wo urongoye Tigray.
Umushikiranganji wa mbere Abiy yarungitse ingabo muri Tigray mu ntumbero yo gutuza TPLF ayagirije ko yari yateye amakambi ya gisirikare ya reta.
Ariko muri Ruheshi (ukwa gatandatu) uno mwaka, inyeshamba zateguye igitero gikomeye, zisubiza intara ya Tigray hafi yose zitera zija no mu ntara zihana urubibe nayo za Amhara na Afar.
Ubwoba bw'uko inyeshamba zariko zisugereza umugwa mukuru Addis Ababa bwatumye mu kwezi guheze ibihugu bitari bike, harimwo Reta Zunze Ubumwe za Amerika n'Ubwongereza, bisaba abanyagihugu bavyo kuva muri Ethiopia.
Kuva ico gihe, igisirikare ca reta cagiye cisubiza ibisagara bikomeye bitari bike biri kw'ibarabara rija ku mugwa mukuru.