Imyaka 60 y'ukwikukira: Bimwe mu bintu bikomeye vyubatse Tanzania y'ubu

Ahavuye isanamu, Getty Images
Kuri iri genekerezo rya 9 kigarama 2021, Tanzania ihimbaza imyaka 60 imaze yikuyeko intwaro ya gikoloni, inyuma y'igihe yari imaze yiganziwe, ubwa mbere n'Ubudagi, inyuma y'intambara ya mbere y'isi yose Ubwongereza bugaca buyifata.
Ni ibirori vyitabirwa n'abatari bake, abategetsi batari bake n'abo mu karere barimwo, na Perezida Paul Kagame w'u Rwanda, Uburundi bukaba bwarungitse icegera c'umukuru w'igihugu, Prosper Bazombanza.
Abatanzania bamaze igihe kitari gito bitegurira uyu musi, aho bagiye bibuka ivyaranze iyi myaka 60 yose igihugu cabo kimaze kironse intahe y'ukwikukira.
None ni ibintu nyabaki bikuru bikuru vyaranze Tanzani?
Mu gitabo ciwe kizwi cane ca Sapiens, umuhinga mu vya kahise Yuval Noah Harari, arasigura igituma kiremwamuntu agenda atera intambwe ikomeye mu mibereho yiwe ugereranije n'ibindi bikoko.
Atanga ibituma bibiri: ubushobozi bwo gukorana n'abandi kandi mu mwumvikano, ica kabiri kikaba ari ubushobozi bwo gukora ikintu gishobora kuba kitagaragara canke kidafadika ariko kikaba cizewe cane.
Tanzania ni kimwe mu vyakozwe na kiremwamuntu. Imbere y'imyaka ijana iheze, ubu butaka bwitwa Tanzania bwariho ariko iri zina ntiryariho.
Ni ibintu vyinshi vyabaye muri iki gihugu, ariko turabire hamwe bimwe muri bikuru bikuru vyaranze iki gihugu muri ino myaka 60 kimaze cikukiye, ico gihe kikaba caronse intahe y'ukwikukira citwa Tanganyika.
Abategetsi b'Uburundi n'u Rwanda uyu munsi bari muri Tanzania kwifatanya ni ico gihugu mu birori:
Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.
Impera ya X ubutumwa, 1
Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.
Impera ya X ubutumwa, 2
Imbere ya Tanzania, imbere ya Tanganyika
Ku bahinga b'ivya kahise, Tanzania ni kamwe mu burere bw'isi buzwi ko ari ho hatanguriye kuba kiremwamuntu ugereranije no mu bundi burere.
Mu bushakashatsi bwakozwe na Mary Leakey mu karere ka Laetoli, mu ntara ya Arusha, hari ivyemezo vyerekana ko abantu ba mbere ba kahise bari bazwi nka Australopithecus afarensis babaye muri aka karere mu myaka irenga imiriyoni zitatu iheze.
Ingenzi y'umwarabu, Ibn Battuta, mu nzandiko yasize zo mu kinjana ca 14 ku vyerekeye igisagara ca Kilwa kiri mu ntara ya Lindi iri mu bumanuko bw'igihugu, yasiguye ko ari kimwe mu bisagara vyiza cane yari amaze gushikamwo kw'isi yose.
Kilwa, Laetoli, Zanzibar, Unyanyembe n'ubundi burere ubu ari ubutaka bwa Tanzania bwari busanzwe buzwi imyaka myinshi cane cane imbere y'umwaka wa 1920, n'imbere y'uko iki citwa Tanzania ubu kibaho.
Mu myaka 60 imaze yikukiye, Tanzania ni kimwe mu bihugu vya Afrika bizwi ko vyaranzwemwo amahoro, mu gihe ibindi bitari bike vyagiye bihura n'inkukuma y'intambara hagati ya bene gihugu.
None iki citwa Tanzania ni iki?
Tanzania ni izina ryavuye mu kwiyunga kw'ibihugu bibiri: Tanganyika na Zanzibar. Ibi bihugu bibiri vyishize hamwe ku wa 26 z'ukwa kane 1964, maze haca havuka iri zina. Akahise kavuga ko inararibonye yitwa Mohamed Ikbar Dar ari we yatanguje iri zina, ico gihe akaba yiga mw'ishure ryisumbuye.
Ico yakoze, yafashe indome zitatu za mbere z'amazina y'ibi bihugu vyiyunze - Tan na Zan, hanyuma, nk'uko we nyene abivuga, aca yongera indome IA, impfunyapfunyo y'izina ryiwe rya mbere kandi ry'idini' Ahmaddiya. Ico gihe vyaboneka ko yari yo ngendo y'ibihugu bimwe bimwe vyari vyikukiye yo kugira izo ndome zibiri mu mazina yavyo, nka za Somalia, Nigeria, Tunisia, Algeria na Ethiopia.

Ahavuye isanamu, Maktaba
Iryo ni ryo zina ryemejwe rikemerwa, abanyagihugu bayo nabo bitwa abatanzaniya. Iyo butaba ubwenge bw'iyi nararibonye Ikbar, kumbure iki gihugu kiba citwa ukundi - mu gihe hari abantu benshi ico gihe bari biteze ko cari kwitwa Azania.
Izina Tanganyika kandi ni urufatane rw'amazina abiri ; Tanga - bisigura gutembera, kuzunguruka irya n'ino (kutangatanga) hamwe na nyika bisigura akarere k'ishamba. Zanzibar na yo nyene ni izina ryakomotse kw'ijambo Zenj - risigura abantu birabura, aba nabo bakaba ari bari abasangwabutaka bagendewe n'ingenzi zavuye mu mhanga ya kure bari baje gutembera muri ayo mazinga.
Ukwiyunga
Iyo hataba ukwiyunga kwa Tanganyika na Zanzibar, nta gihugu citwa Tanzania kiba kibaho muri kino gihe. Igihe ibi bihugu vyiyunga, cari igihe ca ya ntambara y'ukwikkekana, Zanzibar ikaba yari shinzwe ijisho ridasanzwe, kuko yaboneka ko yashobora guhinduka ikaba 'Cuba' ya Afrika.
Ibitabu n'inzandiko zitari nke ku vyerekeye uku kwiyunga bisigura ko umukuru w'igihugu wa mbere wa Zanzibar, Abeid Amani Karume, yemeye kwiyunga kubera yariko arondera umufasha muri poritike - igihugu - wo kumufasha guhangana n'abakeba ba poritike bari bamuhanze mu misi ya mbere y'ubutegetsi bwiwe.
Hari ibintu vyinshi vyo kwiyumvira kuri uku kwiyunga, ariko iyo kutabaho, kumbure poritike y'amazinga ya Zanzibar nta wuzi ko iba imeze muri kino gihe, hanyuma kandi iyo igahinduka, nta wuzi ko na poritike ya Tanganyika iba imeze uko imeze. Ivyari vyo vyose, Tanzania ya kino gihe iba itandukanye n'iyiba iriho.

Ahavuye isanamu, Maktaba
Bivugwa ko iyo abakeba ba Karume bagashobora gutembagaza ubutegetsi bwiwe - uravye n'ingene bari bafise akadada ko kwigarurira uturere, biragaragara ko Tanganyika ari yo yaca ikurikira. Ubu tuba tuvuga Tanzania ukundi kuntu.
Ukwigumura kw'igisirikare mu mwaka wa 1964
Kimwe mu bitumye iki gihugu ca Tanzania kiba mu mahoro n'umutekano bidasesuye, ni igisirikare cayo, kizwi nka JWTZ (Jeshi la Ulinzi la Wananchi wa Tanzania). Mu misi ifatwa nk'iy'umwijima muri kahise ka Tanzania, ni ivyabaye mu kwa mbere 1964, aho abasirikare batari bake bashakiye gutembagaza ubutegetsi bwa Julius Nyerere. Iyo bagashobora kumukombora, nta wuzi ko Tanzania itaba imeze ukundi.
Iyo migumuko yaratujijwe, bica bituma Perezida Nyerere wa Tanganyika afata ingingo yo gusambura igisirikare c'ico gihe citwa KAR (King's African Rifles) cari casizwe n'abakoloni b'abongereza, aca atanguza gishasha, ari co kizwi nka JWTZ.
Ukuntu iki gisirikare cubatswe, vyatumye Tanzania idahura n'indyane n'imigumuko vy'abasirikare ,nk'uko vyari bimeze mu bihugu bitari bike vya Afrika.
Kimwe mu bintu bikomeye cane vyashitsweko nk'ivyavuye mu nteguro nshasha y'igisirikare ca Tanzania JWTZ inyuma yo kuzimya iyo migumuko yo mu 1964, ni uko Tanzania yagiye kuba mu bihugu bike vya Afrika bitigeze bija mu bibazo vy'itembagazwa ry'ubutegetsi n'igisirikare.
Ururimi rw'igiswahili
Tanzania ni kimwe mu bihugu bike vya Afrika bihuzwa n'ururimi rumwe atari mvamakungu. Uru ni ururimi rutegamike ubwoko ubwo ari bwo bwose, idini, akarere canke amatungo. Abatanzania hafi bo mu mice yose bavuga ururimi rumwe rw'Igiswahili.
Igiswahili, ururimi rwubakiye ku ndimi z'aba Bantu n'icarabu, gifise ingendo zaco zigizwe n'akantu k'ubuntu, ugufatana mu nda n'urukundo. Nico gituma, muri bimwe vyo gukorana kw'itama canke gucokozanya mu bihugu bibanyi bimwe bimwe vya Tanzania bakunze kuvuga ngo abanyagihugu bayo ni abantu "basaba", n'aho vyoba ari ibintu baguze ka mafaranga yabo.
Uru rurimi rumwe rwarafashije cane gukomeza ubumwe mu gihugu kigizwe n'amoko arenga 120, buri bwoko bufise imico n'imigenzo hamwe n'ururimi rwabwo. Iyo hataba inguvu zidasanzwe zo gukomeza ururimi rw'Igiswahili rukaza kuba ururimi rw'igihugu, nta wuzi ko uno musi hataba hari ngorane zitari nke zibonekeza mu bihugu bitari bike.
Nk'akarorero, ikibazo c'amoko muri Tanzania si ingorane, ibi bikaba bivana n'uko abanyagihugu bose bashobora kuvugana mu rurimi rumwe bahuriyeko, n'aho abatuye mu burere bw'inkengera z'ibahari bavuga ko ari ururimi rwabo.
Chama cha Mapinduzi - CCM
Ibice birenga 70% vy'abatanzania, mu buzima bwabo nta wundi mugambwe barabona uja ku butegetsi atari CCM. Uwu niwo mugambwe urongoye iki gihugu mu myaka hafi 45.
CCM - Chama cha Mapinduzi - yashinzwe mu 1977, habaye ukwiyunga kw'imigambwe ibiri, Tanganyika African National Union (TANU) ku ruhande rwa Tanganyika hamwe na Afro-Shirazi Party (ASP), wo ku ruhande rw'amazinga ya Zanzibar.
CCM niyo yashizeyo ubuyobozi mu gihugu nko mu burezi, amagara y'abantu, ibikorwa remezo, ubutunzi, politiki n'ibindi bisata vyose bigize igihugu. bibazo bifitiye igihugu akamaro. Nta gushidikanya, niba ishyaka rya Zuberi Mtemvu ryaragera ku butegetsi nyuma y'Ubwigenge na politiki yaryo "Afurika ku Banyafurika", Tanzaniya birashoboka.
Muri Afrika, ni ibihugu bike bishobora kuvuga ko bifise umugambwe umwe wiganje mu gihugu nk'uko CCM imeze muri Tanzania no mu Batanzania muri rusangi.
Intambara ya Kagera
Mu myaka 60, Tanzania yarinjiye mu ntambara imwe yayihuje n'igihugu ca Uganda, aho yarangiye Tanzania itahukanye intsinzi ikomeye, mu kwomora ku butegetsi uwari umukuru w'igihugu ca Uganda Idi Amini Dada.
Iyi ntambara yatanguye ku wa 30 gitugutu (ukwezi kw'icumi) 1978, iza kurangira ku wa 11 ndamukiza (ukwezi kwa kane) 1979.
Iyi ntambara yatewe na Iddi Amini Dada yashaka ko Perezida Nyerere amwegurira ubutaka bwa Kagera kandi ku nguvu.
Nyerere yaciye agomora ingabo 100,000 z'igisirikare ca Tanzania akaba yibukwa kw'ijambo yavuze, ati: "kavyonzi Iddi Amini Dada yaduteye; ubushobozi bwo kumukubita turabufise, igituma co kumukubita turagifise, n'ishaka ryo kumukubita turarifise, rero nico gituma twafashe ingingo yo kurwana nawe".

Ahavuye isanamu, Maktaba
Muri iyi ntambara, Nyerere yafashwe mu mugongo na Mozambike hamwe n'abarwanya ubutegetsi bwa Uganda, harimwo Yoweri Museveni.
Ni mu gihe Idd Amini Dada yari ashigikiwe na Libya ya Muammar al-Gaddafi hamwe na Palestina ya Yasser Arafat.
Inyuma y'iyo ntambara, Iddi Amini Dada amaze gutsindwa yahungiye muri Libya, hanyuma muri Arabia Saoudite, ari naho yahavuye asandabira.
Iyi ntambara yakomeye ubumwe hagati y'Abatanzania bo mu moko yose, bitanze bari hamwe mu kurwanira igihugu cabo, yongera ituma intwazangabo zikomeye zimenyekana ku ruhara rwabo mu kurwanya Iddi Amini, nka Jenerali Abdallah Twalipo, Jenerali David Musuguri, Jenerali Ernest Mwita Kiaro, Liyetena-Jenerali Silas Mayunga, Liyetena - Jenerali Tumaini Kiwelu, Jenerali de Bridage John Butle Warden, Jenerali de Bridage Benjamin Msuya n'abandi batari bake barwanye iyo ntambara.
Ibikorwa vyo kwegeranya abantu, gutanga amatungo n'amaraso, n'indirimbo zo guhayagiza igihugu zaririmbwe n'abacuraranzi batandukanye vyarafashije cane mu kwubaka Tanzania no gukomeza umushinge iki gihugu cubakiyeko gushika ubu.










