Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
HIV/AIDS: ibinyoma biracakwirakwira ku vyerekeye SIDA gushika n'ubu mu 2021
Umusi wa nyuma Paul Thorn abonana n'abavyeyi, haraciye imyaka mirongo, baciye bamwirukana batinya ko abandukiza. Igihe yapimwa agasanga yaranduye umugera wa SIDA mu 1998, vyabaye ngombwa ko ahagarika amashure yiwe y'ubuforoma.
Ati: "Imyaka 20 yose nayimaze mu bwoba".
Muri kino gihe, Thorn aho ari mu Bwongereza, ni gake yiyumvira ivy'uwu mugera - kiretse gufata ikinini buri musi no kwama aja kwa muganga kabiri mu mwaka.
Abagendana umugera wa SIDA basanzwe bafata imiti barabaho ubuzima busanzwe nk'abandi - kandi n'ivyiyumviro vya kera bidafashe, ko umuntu ashobora kwandura uwu mugera wa SIDA asangiye isahani n'uwanduye bisa n'ibitakiriho - ariko ibinyoma vyovyo n'ubu biraciganje.
'Hariho umuti'
Doreen Moraa Moracha akomoka muri Kenya yavukanye umugera wa SIDA, ariko yagiye kumenya ko awufise ku myaka 13, hari mu 2005.
Ihayagizwa ry'ibidandazwa (publicité) niryo ryamutumye arondera umugabo wo muri Tanzania, yavuga ko yari umuganga, akaba yemeza ko yashobora gukiza umugore Moraa Moracha na nyina wiwe umugera wa SIDA.
Ati: "Twaranyoye uwu muti kama yagurisha kandi twagarutse twizeye ko ata mugera wa SIDA tugifise".
Yaciye ahagarika gufata vya binini bipfupfahaza (ARV) bituma umugera utabandanya urwirirana - gushika aho yanduriye uruherehere n'umusonga kubera abasoda b'umubiri bari bamaze gutakaza inguvu.
Ni mu gihe kandi urugero rw'umugera mu mubiri rwari hejuru cane, umuganga akaba yamubwiye ko mu gihe yokwandura iyindi ndwara yari guca apfa.
Mu gihe utavuwe, umugera VIH/HIV utuma umuntu arwara indwara ya SIDA - indwara ituma umubiri udashobora kuba ucirwanira n'aho twoba uturwara dutoduto.
Muganga Adeeba Kamarulzaman arongoye ishirahamwe International Aids Society avuga ko ibivugwa ko hari imiti ivura umugera wa SIDA birwiriye cane.
Ariko gushika ubu, nta muti wa SIDA uhari, nta n'urucanco.
Gusa, mu misi iheze habaye ivyizigiro inyuma y'aho habonekeye abantu bakize uwu mugera.
Mu kwezi guheze, hari umugore wo muri Argentina yabaye umuntu yari agize kabiri yemejwe ko ata mugera yari agifise kandi ata muti yigeze afata. Ariko ntibizwi ingene vyagenze n'icoba carabitumye.
'Uzokwama wanduza'
Joyce Mensah - umunya-Ghana yimukiye mu Budagi ahunga ukunenwa - avuga ko incuti zose zamutaye mbere agatakaza n'akazi mu gufatwa nabi kubera amagara yiwe.
Avuga ko uku kunenwa kuvana n'ivyiyumviro bitari vyo ko abantu banduye umugera wa SIDA ari ngombwa ko bazotegerezwa kuwanduza abo bubakanye canke abana babo.
Mensah ati: "Iyo umuntu arinze abwira umunyamuryango canke uwo bubakanye ko yanduye umugera wa SIDA ... abantu baba bazi ijana kw'ijana ko umuntu arwaye, iyo wanduye waranduye, nta bindi".
Mu vy'ukuri, iyo umuntu afashe neza imiti igabanya ubukana bw'umugera wa SIDA igihe kirekire, ntashobora kwanduza kubera umugera utaba ukiboneka (n'ubwo aba akiwufise kandi agategerezwa gufata umuti ubuzima bwiwe bwose).
Umugore Mensah yavyaye abana bane igihe yari ku miti - kandi nta n'umwe muri bo yanduye umugera wa SIDA.
Kw'isi yose, ibitigiri vy'abana banduzwa na ba nyina vyaragabanutse gushika ku rugero rw'ica kabiri kuva mu 2010, kubera imiti yakwiye hose.
Ariko muri Ghana, umukobwa wa Mensah aherutse kwirukanwa kw'ishure bamwagiriza ko na we nyene ashobora kuba afise umugera - kandi ko yari guhava yandukiza abandi.
Ian Green arongoye ishirahamwe Terrence Higgins Trust, na we nyene agendana umugera wa SIDA, avuga ati: "Ikibazo conyene nyamukuru ku bantu bagendana umugera wa SIDA, kandi naje ni vyo vyambayeko, ni uko wewe nyene ubwawe wibona ko utegerezwa kwanduza abantu.
"Mu myaka itari mike, nari mfise ubwoba ko nzohava nanduza abandi uwu mugera.
"Kubona ubu nashoboye kumenya ko ntacanduza umugera, cabaye ikintu kimbohoye".
'Umugera wa SIDA waraheze'
N'aho kwandura umugera wa SIDA atari urubanza rwo gupfa mu gihe abantu bawugendana bashobora kubaho mu buzima busanzwe kandi bameze neza, bamwe mu barwanya ikiza SIDA babona ko hari ukurenza urugero mu vyo biyumvira.
Dr Kamarulzaman avuga ati: "Hari intambwe zikomeye cane mu kuvura no gukinga umugera wa SIDA, ariko iki kintu co kwiyumvira ko atamugera ukibaho ni inzitizi ku twigoro two gukinga, no kurondera umuti wa SIDA".
Ibitigiri bitangwa n'ishirahamwe ONU vyerekana ko mu 2020, abantu hafi imiriyoni 38 kw'isi yose bagendana umugera wa SIDA, hamwe na 700.000 bahitanywe n'indwara zifitaniye isano na SIDA, ibi bigashobora kuba bivana n'uko ata miti bafashe.
Thorn avuga ko abakiri bato bayibona nk'indwara y'abatama, bigasubirwamwo kandi na Green, avuga ko "mu bisanzwe bafise ubumenyi buke kuri yo".
Yongerako ati: "Bibaza ko umugera wa SIDA ari ikintu ca kahise".
'Jewe si ndi umuntu ashobora kwandura umugera wa SIDA'
Nk'uko abakiri bato bayibona nk'indwara y'abatama, hari benshi babona uwu mugera nk'ikintu kigenewe abagabo bahuza ibitsina n'abo nka bo.
Kw'isi yose, abarenga igice c'abagendana umugera wa SIDA ni abagore - kandi niwo uhitana abagore benshi bakiri mu myaka yo kurondoka, nk'uko bivugwa na Christine Stegling wo mw'ishirahamwe ry'abagiraneza Frontline Aids Worldwide.
Ariko mu bagore bavugana na we, ni bake muri bo bazi ko bageramiwe.
Madame Stegling ati: "Iki ni ikintu gihambaye cane dukwiye gukorerako, kuko abagore bari muri iyi myaka hamwe n'abagore bokwipfuza gusama imbanyi bategerezwa kuja mu biganiro bitoroshe bijanye n'imibonano mpuzabitsina batikingiye".
N'aho hari intambwe nini imaze gushikwako, ibinyoma bikibandanya gukwirakwizwa bishobora gutuma abantu batakaza ubuzi bwabo, incuti n'abagenzi, ubuvuzi nyabwo ndetse no kwisuzumisha.