Umuti wa mbere wa SIDA uterwa mu rushinge ukamara igihe kirekire wemejwe

Abantu ibihumbi n'ibihumbi barwaye umugera wa SIDA bagiye guhabwa umuti uterwa mu rushinge ukamara igihe kirekire, maze bagahagarika vya binini bama bafata buri musi.

Abagiraneza bishimiye cane uyu muti mushasha wemejwe n'ikigo kijejwe ubuvuzi mu Bwongereza NHS.

Uyu muti utuma umugera ugabanya inguvu, ukaba ukora co kimwe na vya binini vyo gupfupfahaza bisanzwe bifatwa buri musi.

Vyitezwe ko mu Bwongereza abantu bababa 13.000 bashobora guca bahindukirira uyu muti.

Imiti Cabotegravir (uzwi kandi kw'izina rya Vocabria ukaba wahinguwe n'ikigo ViiV Healthcare) hamwe na rilpivirine (uwu nawo ukaba uzwi kandi nka Rekambys wahinguwe na Janssen) ni imiti iterwa incuro zibiri rumwe rumwe ukwarwo rimwe mu mezi abiri.

Hagati aho, uwu muti ugirira akamaro gusa barya bantu bageze ku rugero rw'aho umugera utakiboneka mu maraso inyuma y'igihe bariko barafata vya binini.

Abahinga bavuga ko uwu muti ushobora kugirira akamaro abantu benshi.

Umwigisha wa kaminuza Chloe Orkin, akaba ari umuhinga mu bijanye n'umugera wa SIDA kuri kaminuza ya Queen Mary i Londres/London, avuga ko uwu muti ushobora kugabaniriza abarwayi umuzigo wo kwama bafata vya binini buri musi, kuko wowo bazowuterwa incuro zitandatu gusa mu mwaka.

Muganga Sanjay Bhagani, arongoye ishirahamwe European Aids Clinical Society, avuga ati: "Iki ni ikintu gikomeye cane".

"Kunenwa ni ikibazo gikomeye cane ku banduye umugera wa SIDA, kandi abatari bake ntiboroherwa no gufata ibinini imisi yose. Ibi rero bizotuma abenshi baronswa uwu muti uterwa mu rushinge".

Alex Sparrowhawk w'i Manchester, asanzwe akora mw'ishirahamwe ryishinze kurwanya SIDA rizwi nka Terrence Higgins Trust.

Haciye imyaka 12 yanduye umugera wa SIDA, kuva ico gihe akaba ari ku binini vya ART imisi yose. Avuga ko ari ikintu kiryoheye ugutwi kwumva ko hari uwundi muti ushobora kugabanya uwu muzigo.

"Iyi nkuru ni ikintu abantu benshi bari bamaze igihe kirekire barindiranye igishika.

"Iciyumviro co guterwa umuti incuro zitandatu gusa mu mwaka hagufata imiti ya misi yose ni ikintu gishimishije cane. Kwibuka ko wama ufata imiti ya SIDA buri musi vyama bwikwibutsa ko urwaye SIDA kandi ntibishobora kukuvamwo.

"Hari abantu bashobora kuba babana n'abandi batazi ko banduye canke batanduye umugera, canke usanga bakora mu buzi bubatuma bazunguruka irya n;ino kw'isi, ibi bigashobora kuba inzitizi ku kwama umuntu afata imiti imisi yose".

Kubw'iwe, abakwiye gushirwa imbere mu kuronswa uwu muti ni abo bose bawukeneye cane gusumba abandi, nk'akarorero abasanzwe bahura n'ikibazo co kunenwa.