Kevin Strickland: inyuma y'imyaka 42 yapfunzwe ata caha afise, amaze kwegeranirizwa imiriyoni $1.5

Ahavuye isanamu, Midwest Innocence Project
Umugambi wo kwegeranya imfashanyo yo gufasha wa mugabo wo muri Missouri yari amaze imyaka 42 yose mw'ibohero ku caha c'ubwicanyi atigeze akora umaze kugera ku miriyoni 1.5 y'amadorari y'abanyamerika.
Kevin Strickland yarekuwe ku wa kabiri w'indwi iheze afise imyaka 62. Kuva ahagarikwa afise imyaka 18, yabandanije yiyamiriza ivyo yagirizwa.
Ni ryo pfungwa rya mbere rirerire rishingiye ku kinyoma muri kahise k'ubutungane, ariko rero, mu mategeko ya Missouri nta ndishi y'akababaro azokwigera aronswa.
Ni co gituma abashingwamanza biwe baciye batanguza isekeza bise GoFundMe bacishije ku rubuga ngurukanabumenyi kugira ngo bashobore kumuronderera ingene abaho.
Gushika ejo ku wa Mungu, isaha cumi na zibiri z'umugoroba mu masaha yo mu Burundi no mu Rwanda, bari bamaze kwegeranya amafaranga angana na 1.511.440 y'amadorari y'abanyamerika.
Abashingamwanza bo mw'ishiramahwe Midwest Innocence Project, ari nabo bamaze amezi n'amezi bakora kugira ngo bafashe Strickland kurekurwa, barakengurukira abantu barenga 27.000 batanamuzi bashoboye kwitanga.
Reta ya Missouri yemera gutanga indishi y'akababaro mu gihe gusa umupfungwa arekuwe biciye mu bipimo vya ADN/DNA, ariko iyo biciye ku vyabona nta na kimwe aronka, nk'uko abashingwamanza biwe babivuga.
Ku wa kabiri, umucamanza yategetse ko Strickland arekurwa ubwo nyene aho yari apfungiwe mw'ibohero ry'iyo reta, inyuma y'imisi 15.487 yari amaze apfunzwe.
Yari yaciriwe umunyororo w'ubuzima bwose hamwe n'imyaka 50 adashoboye kurekurwa vy'agateganyo inyuma y'uko yagiriwe n'icaha c'ubwicanyi mu nzu imwe yo mu gisagara ca Kansas ku wa 25 z'ukwa kane 1978.
Muri iryo joro, abicanyi bane bararashe abantu batatu bari mu nzu: Sherrie Black, 22, Larry Ingram, 22, hamwe na John Walker, 20.
Uwa kane - Cynthia Douglas, 20 - yarakomeretse ariko ararucika inyuma y'uko yigize ko yapfuye. Ku rwikeko rw'umukunzi wa mushikiwe, igipoliri carahagaritse uyu musore Strickland hanyuma bikavugwa ko bateye igitsure umugore Douglas ko yomukura ku rutonde.
Strickland yabwiye igipolisi ko wewe yari yibereye muhira araba televiziyo. Nta vyemezo nyavyo vyigeze vyerekana ko yigeze agira uruhara muri ubu bukozi bw'ikibi.

Ahavuye isanamu, Midwest Innocence Project
Urubanza rwiwe mu 1979 rwagumye mu kirere, inyuma y'aho umwe mu bacamanza w'umwirabure abandanije asaba ko yorekurwa.
Mu ntahe y'icese ya kabiri yari igizwe n'abacamanza b'abazungu gusa, basanze Strickland yagirirwa n'icaha kimwe c'ubwicanyi bwo ku rugero rwa mbere, hamwe na bibiri vy'ubwicanyi bwo ku rugero rwa kabiri.
Haciye imyaka, umugore Douglas yahavuye yigarura ku vyo yari yavuze nk'icabona conyene, ariho yandikira Midwest Innocence Project ko "hari ibintu bitari bitomoye ico gihe, ariko ubu namenye vhinshi kandi nipfuza gufasha uyu muntu mu gihe vyoba bishoboka".
Umugore Douglas yapfuye imbere y'uko amenyesha ko yigaruye ku vyemezo yari yatanze mu kurega Strickland, ariko nyina wiwe, umugore bavukana n'umukobwa wiwe bose baremeje ko "yerekanye uwutari we".
Mu kw'icumi na rimwe kw'umwaka uheze, abashikirizamanza baciye batangura gusubiramwo urubanza hanyuma - bisunze itegeko rishasha rya Missouri - baciye bandika urwandiko basaba ko akurwako ivyaha agaca arekurwa ubwo nyene.










