Manchester United: Ole Gunnar Solskjaer yirukanywe inyuma yo gutsindwa na Watford

Ole Gunnar Solskjaer

Ahavuye isanamu, Getty Images

Umumenyereza wa Manchester United Ole Gunnar Solskjaer yasezerewe muri uyo murwi inyuma yo gutsindwa na Watford 4-1 ejo kuwa gatandatu.

Mu nkino indwi zose, Man United yatsinzemwo rumwe gusa, muri zo hari urwo yatsindiwe muhira na Liverpool 5-0, n'urwo yatsinzwe na Manchester City 2-0, ubu ikaba iri mu kibanza c'indwi mw'ihiganwa ry'umupira w'amaguru mu Bwongereza Premier League.

Itangazo risohowe n'uyu murwi wa Old Trafford rivuga riti: "Turababajwe n'uko vyabaye ngombwa ko dushika kuri iyi ngingo itoroshe".

"N'aho izi ndwi nkeya za nyuma zabaye mbi, ibi ntivyoca bifuta igikorwa yakoze mu myaka itatu iheze co kwubaka umushinge wa kazoza.

"Turashimiye cane Ole ku twigoro twiwe nk'umumenyereza tukaba tumwipfurije kuroranirwa mu migambi yiwe yo muri kazoza.

"Ikibanza afise muri kahise k'umurwi kizobandanya kibungabungwa, atari nk'umukinyi gusa, ariko nk'umugabo akomeye yadushikanye mu bihe vy'umunezero. Tumuhaye ikaze i Old Trafford mu gihe cose azoba ashatse kugaruka nk'umunyamuryango wa Manchester United.

"Michael Carrick niwe azoca afata ibintu mu minwe mu nkino ziri imbere, mu gihe umurwi ukirondera umumenyereza mfatakibanza azowumenyereza gushika mu mpera z'umwaka w'inkino".

Iyi ngingo itangajwe inyuma y'aho abategetsi bakuru bakuru w'uyu murwi, harimwo na ba nyenewo, The Glazers, bakoraniye bakaganira kuri kazoza kiwe.

Bumvikanye ko uru rukino yatsinzwe na Watford ruba urwa nyuma kuri Solskjaer kandi ko bagiye kwumvikana ku bijanye n'ibogozwa ryiwe.

Abategetsi b'uyu murwi bari babanje kwihanganira Solskjaer, bibaza ko yari gushobora guhindura ibintu.

Ariko ibintu vyagiye guhinduka ejo aho batsinzwe na Watford, kizigenza nawe, Harry Maguire, agahabwa ikarata itukura.

Hanyuma kandi, mu gihe ari ngombwa ko baronka itike yo kubandanya mu mahiganwa ya Champions League, abarongoye Man United baboba ko batoshobora kwigerezako ngo bareke batsindwe na Villareal ya Unai Emery.

Hari ababona ko uyu mumenyereza w'imyaka 48 yari yaragiriwe ubuntu kubona muri iki gihe abakinyi bari mu karuhuko k'inkino mpuzamakungu atirukanywe.

Gushika ubu uwusobora kumusubirira. Ivyo kuzana Zinedine Zidane bisa n'ivyanse, ariko hari abandi bashobora kwikorwako, muri bo hakaba harimwo Brendan Rodgers wa Leicester, Mauricio Pochettino wa PSG hamwe na Erik ten Hag wa Ajax. Ikibazo ni uko bose bagifitaniye amasezerano n'iyi mirwi, kandi bikaba bitazwi nimba hari n'umwe ashobora kwivana mu murwi wiwe.

De Gea ati: "Ayo twaraye tuboneye i Watford ni ibara"

Umunyegori wa Manchester United David de Gea avuga ko ayo baraye baboneye muri uru rukino ari "ibiterasoni, amahano yiyongera ku yandi".

De gea ati: "Ayo twaraye tuboneye i Watford ni ibara"

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, De gea ati: "Ayo twaraye tuboneye i Watford ni ibara"

Hampande yo guterwa 4-1, uru rukino rwagiye kurangira kizigenza wa Oldtraford Harry Maguire yirukanywe mu kibuga ahawe ikarata itukura.

"Ingene twakinye uno musi ni ibiterasoni.

"Mu gice ca mbere twakinye nabi cane - ni ibintu bidashobora kwihanganirwa uravye abakinyi dufise. Ni ayandi mahano. Nivyo twaragize ibibazo, ariko simbona n'ukuri ico novuga.

"Naraciye mu bibazo muri uno murwi, ariko ubu ni ibindi bintu - turabura ico dukora dufashe umupira, ahubwo dusanga turiko turatsindwa. Ni ukuri ni ibihe bitoroshe.

"Biroroshe kwagiriza umumenyereza n'abo bakorana, ariko ababa bafise ibintu mu minwe ni abakinyi bari mu kibuga kuko nibo bategerezwa kurwana urugamba rwo kurondera ibitsindo. Ni ngombwa ko twiraba, umwe umwe ukwiwe, hanyuma tukagira ico dukoreye umurwi wacu n'abakunzi bawo. Biragoye gusigura igituma twakinye uko twakinye - si mbona ico novuga.

"Biragoye gutahura - turababaye, turashavuye. Jewe ubwanje umutima urameneka - ni ibihe bitoroshe ku murwi wose".

Twaritaye mu rudubi twongera duta mu rudubi n'abafana bacu

Urugero rwa Manchester United rwo gutsinda kuva inyuma ya Noel ya 2020 muri Premier League ubu ruri musi ya 50%, aho mu nkino 37 zose imaze gutsinda 18 gusa.

Gushika ubu, imaze gutakaza inkino umunani, inganya muri 11, ubu ikaba itari muri zine za mbere.

Muri kino gihe, mu nkino 12, uyu murwi umaze gutsindwa ibitsindo 21 mw'ihiganwa.

Ifirimbi ya nyuma imaze kuvuga, Solskjaer, gushika ubu atari bwigere atahukana n'igikombe na kimwe kuva ashitse muri uyu murwi mu kwa cumi na kabiri 2018, yazungurutse imbere y'abafana ba Man United abaramutsa ariko mu buryo bwo kubasaba imbabazi.

Ole Gunnar Solskjaer ati :"twaritaye mu rudubi twongera duta mu rudubi n'abafana bacu".

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ole Gunnar Solskjaer ati :"twaritaye mu rudubi twongera duta mu rudubi n'abafana bacu".

Umukinyi wo hagati, Bruno Fernandes avuga ko baba abakinyi no ku bajejwe ubumenyereza, bose bakwiye gutabwako impfane hakwidogera Solskjaer wenyene.

Solskjaer ati: "Igice ca mbere catubereye amahano kandi simbona ingene nosigura igituma twakinye uko twakinye batatwinjirana uko bishakiye. Twararushijwe".

"Ubu mu mitwe y'aba bahungu ibintu bimeze nabi cane - twaritaye mu rudubi twongera duta mu rudubi n'abafana bacu. Biragoye guhagarara ng'aha ngo ubisigure, ariko ni umupira w'amaguru, dutegerezwa kuvyakira uko nyene".

Ihinduka ni ngombwa

Man United yiteze kuja gukina na Villarreal muri Ligue des Champions/ Champions League ku wa kabiri imbere y'uko ihura na Chelsea, uwundi mukeba wo muri Premier League, ku kibuga cayo ca Stamford Bridge ku wa Mungu itariki 28 z'ukwa cumi na rimwe.

Yiteze kandi kuzohura na Arsenal, Crystal Palace, Young Boys na Norwich gushika hagati mu kwa cumi na kabiri.

Uwahoze akina inyuma muri Arsenal Martin Keown avuga ko kazoza ka Solskjaer muri Man U kari kageze ahatemba.

Keown yabwiye BBC ati: "Ni vyo ko ari umwe mu bantu bayo, ni umunyamuryango muri urya murwi, ariko vyongeye ntibashobora kwirengagiza ko afise uruhara mu ngorane barimwo".

"Ni ngombwa ko haba ihinduka. Ibintu bimeze nabi cane kuri uyu mumenyereza".

Alan Hutton, yahoze ari umukinyi w'inyuma wa Ecosse/Scotland yabwiye BBC Radio 5 Live ko "ibintu vyagenze nabi cane" kuri Manchester United mu gihe "ari umurwi wuzuyemwo ibihangange, mugabo ntaco bawumariye".

Hagati aho, si Manchester United yonyene yaraye ihuye n'ingorane, kuko na mugenzi wayo Arsenal,yaraye ibonye ayo imfyisi yaboneye ku mugezo, mu guterwa ibitsindo 4-0 na Liverpool yaboneka ko itashobora kwihanganira ko Chelsea, iri kw'isonga rya Premier League, iyisumvya amanota indwi yose.

Arsenal yari imaze gukina inkino cumi zose idatsindwa.