Frederik de Klerk, umuzungu wanyuma yaheruka gutwara South Africa yashengeye ku myaka 85

Frederick de Klerk yarongoye iki gihugu kuva mu kw'icenda 1989 gushika mu kwa gatanu 1994.

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Frederik de Klerk yarongoye iki gihugu kuva mu kw'icenda 1989 gushika mu kwa gatanu 1994.

Frederik Willem de Klerk, yahoze arongoye Afrika y'Epfo, akaba ari na we muzungu wa nyuma yarongoye ico gihugu, yasandavye ku myaka 85.

De Klerk, azwi nk'umutegetsi akomeye yagize uruhara mw'iyinjira rya Afrika y'Epfo mu ntwaro rusangi, yari yafashwe na kanseri mu ntango z'uyu mwaka, nk'uko bivugwa n'umuvugizi.

Frederik de Klerk yarongoye iki gihugu kuva mu kw'icenda 1989 gushika mu kwa gatanu 1994.

Ikigo citiriwe Nelson Mandela cagize iko gishikiriza ku rupfu rwa FRW de Klerk, prezida wa nyuma w'umuzungu wa Afrika y'Epfo, yashikirije ubutegetsi rurangiranwa um kugwanya intwaro ya karyanishamiryango um 1994 inyuma y'irangira ry'intwaro y'abazungu bari ku rushi.

Mw'itangazo ico kigo kivuga ko De Klerk "azokwama ari kumwe na Nelson Mandela muri kahize ka Afrika y'epfo".

Ryongeyeko riti: "Iragi rya De Klerk rirakomeye cane. Kandi ni intagereranywa, ico abanye Afrika y'epfo bahamagarirwa kwamiza ku muzirikanyi."

Mu 1990, niho yatangaza ko arekuye Nelson Mandela yari arongoye urugamba rwo kurwanya intwaro mvanguramoko ya apartheid, ingingo yuguruye inzira iganisha ku matora ashingiye ku migambwe myinshi mu 1994.

Itangazo ry'ikigo FW de Klerk Foundation mu gitondo c'uyu wa kane rivuga riti: "Uwahoze arongoye igihugu FW de Klerk yashengeye mu mahoro i muhira iwe i Fresnaye (Cape Town) mu gatondo inyuma y'igihe yari amaze arwaye kanseri yo mu mahaha."

Iki kigo gitangaza ko yatowe iyi ndwara mu kwa gatandatu kw'uno mwaka.

FW de Klerk yari yasubiriye Pieter Willem Botha nk'umukuru w'umugambwe National Party mu kwa kabiri 1989, mu mwaka wakurikiye aca atangaza ko yugururiye imiryango iyindi migambwe, harimwo umugambwe wa Mandela African National Congress (ANC).

Ingingo ziwe zarafashije mu kurangiza ubutegetsi bwa apartheid muri Afrika y'Epfo, akaba yaciye aba umwe mu vyegera bibiri vy'umukuru w'igihugu inyuma y'amatora yo mu 1994 yashikanye Nelson Mandela ku butegetsi.

Mu 1993, yasangiye agashimwe k'amahoro ka Priz Nobel/Nobel Peace Prize na Mandela.

Hagati aho, uruhara rwiwe mu gushira igihugu mu ntwaro rusangi rwamye rutabonwa neza. Mu mwaka uheze, yarisanze mu bibazo igihe yagirizwa ko yasuzuguye uburemere bwa apartheid, mu nyuma yaje gusaba imbabazi avuga ko yihenze kuri iki kibazo.