Ethiopia: Imigwi icenda harimwo TPLF na OLA yishize hamwe mu kugwanya reta

Impande zose ziri muri iyo ntambara zibandanya zamirira kure akamo ko guhagarika imigwano.

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Impande zose ziri muri iyo ntambara zibandanya zamirira kure akamo ko guhagarika imigwano.

Imigwi icenda igwanya reta ya Ethiopia, harimwo TPLF (Tigray People's Liberation Front) na OLA (Oromo Liberation Army), bumvikanye kugira urunani rwo kugwanya intwaro y'umushikiranganji wa mbere Abiy Ahmed.

Ivyo bibaye mu gihe Abiy atorohewe kubera abitwaje ibigwanisho basugereje umugwa mukuru.

Reta i Addis Ababa yavuze ko yimirije intsinzi kandi ko izobandanya kugwana ico yise ingwano yo gupfa no gukira.

Abafitaniye ubucuti na Ethiopia hirya no hino kw'isi bahamagarira guhagarika iyo ntambara.

Imigwi OLA na TPLF iza yari yaratanguye gufashanya mu ntambara, muri iyi ndwi ikaba yavuze ko yafashe igisagara ca Kemise, kiri ku birometero 325 mu buraruko bwa Addis Ababa.

Itangazo rizoshirwa ahabona ku musi wa gatanu mu gitondo i Washington DC. Ariko bishobora kubangamira utwigoro tw'intumwa idasanzwe ya Amerika mu karere k'ihembe rya Afrika Jeffrey Feltman, yatanguye kubonana n'abashikiranganji bakomakomeye mu ntumbero yo kubasaba kwitaba ibiganiro.

Impande zose ziri muri iyo ntambara zibandanya zamirira kure akamo ko guhagarika imigwano.