Khadar Ahmed: Ingene uwabuze aho yiga gukora film ubu ariko aratahukana udushimwe no gukundwa na benshi

Ahavuye isanamu, Bufo
- Umwanditsi, Na Damian Zane
- Igikorwa, BBC News
Film 'The Gravedigger's Wife' (umugore w'umwimvyi w'imva), yatahanye agashimwe, wogira ngo yatunganijwe n'umuntu abifisemwo uburambe, ariko niyo film ya mbere ya Khadar Ahmed.
Ingene igenda, umwanya imara n'ubwiza bwayo vyerekana ukwiyemera gufiswe n'uwo mugabo w'imyaka 40 atagira uburambe muri uwo mwuga.
Yahunze n'umuryango wiwe intambara yo muri Somalia amaherezo baruhukira muri Finlande afise imyaka 16 - kandi ntiyigeze ahonyoza ikirenge mw'ishure ryo kwiga gukora no gutunganya film (cinema).
Yabwiye BBC ati: "Imana yonyene niyo izi kangahe nasavye ishure ryo kwiga film ariko nkaba ntigeze ndarironka."
Ariko guteza imbere film ziri mu rurimi rw'igi-Somali yabigize ihangiro - kugira yerekane akaranga n'amamuko vyiwe abicishije muri film.
Ku bwa Ahmed, kubona yatahanye agashimwe ka mbere mw'ihiganwa rya Afrika ry'ama film Fespaco mu kwezi guheze, vyerekana ko inkuru mu rurimi rwiwe zishobora gukundwa n'ahandi.
Bitandukanye na Bollywood
The Gravedigger's Wife ni inkuru y'urukundo irimwo hamwe hamwe hababaje ariko mu buryo butwenza y'aho umuntu ashobora gushika kugira arokore ubuzima bw'uwo akunda. Uwo mwimvyi w'imva - Guled, akinwa na Omar Abdi - yicaye imbere y'ibitaro ari kumwe na bagenziwe, afise igipawa, arindiriye ko hagira umurwayi apfa.
Aho bibabarije, n'uko kugira Nasra, umugore wiwe arwaye, abandanye kubaho, Ahmed ategerezwa kuronka amafaranga, ayo nayo akaboneka ari uko hagize abapfa.
Uwo mugore akinwa na Yasmin Warsame, ari ku mpfiro kubera amafyigo yiwe atagikora. Kubera amafaranga menshi akenewe kugira abaganga bamwiteho abandanye kubaho, bisaba Guled gufata ingingo zikomeye cane.

Ahavuye isanamu, Bufo Fims
Iyo nkuru ata bintu vyinshi vyo kuyiryohora birimwo, yakorewe amasanamu arimwo ibice vyinshi ata majambo wumva n'ibirere vyagutse cane, ntaho ihuriye n'inkuru Ahmed yakuriyemwo. Yibutsa film za Bollywood ziba zirimwo umuziki, ugutamba n'ukurangira mu kanyamuneza. Ahmed avuga ati:
"Ntaco nari nzi kuri izo film, nta film nari mfise kugira ndabireko mu gukora iyi.
"Gutyo rero nayikoze uko jewe nyene binjemwo n'uko ndabibona".
Mu vy'ukuri, ntaho yibuka yoba yarabonye film y'igi-Somali ikozwe hakurikijwe ubuhinga nyabwo bw'umwuga.
Nyina wiwe yagumye akorora amasozi mu mwanya wose bamaze bariko bararaba The Gravedigger's Wife ubwa mbere mw'ihiganwa rya sinema rya Cannes mu kwezi kw'indwi. Ahmed avuga ati nyina "yararengewe. Hari benshi batigeze baronka urweze n'amahirwe yo kwibona muri film. N'ivyo nashaka gushikako."
'Kwumva wishimye'
The Gravedigger's Wife ibera, kandi amasanamu yayo yafatiwe ku rubuga, muri Djibouti, bihana urubibe na Somalia, ariko ntirerekanwa muri ivyo bihugu.

Ahavuye isanamu, Bufo
Abantu benshi b'aba-Somali, n'abandi bafise amamuko yo muri Somalia, barabonye iyo film mu kwezi kw'icenda mw'ihiganwa mpuzamakungu ry'ama film i Toronto muri Canada. Ahmed avuga ko "bose bumvise bishimye. Vyari biryoshe kubaraba ingene baryohewe no kuyiraba hanyuma bagaca banzako".
Uwo atunganya ama fiml avuga ko inzira yaciyemwo mu gukora iyo film ishobora gutanga icitegererezo.
Ntiyigeze aja mw'ishure ryigisha ivya film, nta n'aho yigeze aronka uwumwigisha ivyo gutunganya ama film, nta na film y'uwundi muntu yari bwigere akorako.
Yatanguye urugendo rwiwe rwo gutunganya iyo film mu myaka 10 iheze igihe yandika integuro yayo. Yari afise ishaka ryo kuba ariwe ubwiwe yoyitunganiriza mu gi-Somali ku buryo yabanje kubika iyo nteguro kugira yige ingene bikorwa mu kurabira ku ma film yakunda.
Amaze kuraba Bollywood, yaciye azunguruka amazu y'ama cinema kw'isi, harimwo muri Korea y'Epfo na Iran. Ariko izamutereye ivyiyumviro cane ni fim zakorewe muri Afrika. Arakunda cane cane igikorwa c'umunya-Mauritania Abderrahmane Sissako, yari umukuru w'umugwi w'abatanga udushimwe twa Fespaco uyu mwaka.
Umunya-Chad Mahamat-Saleh Haroun nawe ari mu bo Ahmed yafatiyeko, akaba yibuka ingene yatangariye ubwiza bwa film yiwe yo mu 2010, A Screaming Man.
Amaze kwiga izo film akagerageza kwuva ubuhinga bw'ingene zikorwa, yaciye atunganya film zibiri ngufi mu hanyuma yandika mu ki-Finlande imbere y'uko akora The Gravedigger's Wife.

Ahavuye isanamu, Bufo
Ubu rero aribaza niba iyo aba yaragiye kw'ishure ryo kwiga ingene film zikorwa hari ico kuba vyahinduye mu nzira mbi canke nziza.
"Nshaka gutera intege abanya-Afrika bakiri bato bakora film, abadasanganywe amahirwe menshi, gufata camera hanyuma bakore film zabo, bandike inkuru zabo, bafate amasanamu yabo kandi bavyikorere bo nyene, kuko si bose baronka basanganywe ubushobozi bwinshi."
We nyene avuga ko afise ishaka ryo kubandanya akora ama film muri Afrika: "Namuka muri Afrika kandi nemera ko kazoza k'ama film ari muri Afrika. Hari inkuru nyinshi zidashobora gukinirwa mu bihugu vya Buraya."










