Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Kenya: Umunyarwandakazi Kayitesi Esperance afasha abagore n'abana bapfunzwe
Umunyarwandakazi Kayitesi Esperance yashinze ishirahamwe Esperance Foundation ryo gufasha abagore n'abana bapfunzwe mu gihugu ca Kenya.
Avuga ko iciyumviro co gufasha abantu bapfunzwe camujemwo igihe yari apfungiwe i Kinshasa ku mugwa mukuru wa Republika ya Demokrasi ya Congo mu mwaka wa 2002.
Kayitesi avuga ko ico gihe haje abakozi b'Imana kubafasha, aca yigira inama yo kuzokora igikorwa nk'ico niyaramuka arekuwe. Yarekuwe amaze umwaka wose mw'ibohero.
Agira ati:" Narabona ingene abana bababara. Narabona ingene bavukira ngaho bagakurira ngaho. narababara cane kuko abo bana bakurira mu bitutsi, nta kindi kintu bamenya.
"Jewe nari nasize abana hanze, nta mahoro nari mfise, naguma mbabaye kuko sinari nzi ubuzima abo bana barimwo.
"Ico gihe rero mbonye ko hari abagiraneza bashobora kuza bakagufasha, nabariye Imana, nti Mana, ukazonkura ngaha, na jewe nzofasha abagore n'abana."
Esperance Kayitesi yashinze ishirahamwe Esperance Foundation mu 2019, rikaba cane cane rifasha mu gikorwa co kubumviriza no kubaha impanuro [counselling].
Barabaha kandi abashingwamanza babafasha gutegura imanza zabo bakongera bakabaha n'ibindi bintu vya nkenerwa harimo nk'ifashanyo y'ivyo bakenera bari mu butinyanka.
Esperance Foundation rikorera cane cane mu karere ka Nairobi na Naivasha, ririgisha kandi abo bagore imyuga ibafasha igihe baba bavuye mw'ibohero.
Lea w'imyaka 28, umuvyeyi w'Umwaka umwe, yarafashijwe n'iryo shirahamwe igihe yari apfungiwe mw'ibohero rya Langata riri mu gisagara ca Nairobi aho yamaze umwaka wose yagirizwa kwiba amashilingi ibihumbi ijana.
Avuga ati: " Hariho amashirahamwe yaza kudufasha, ariko iryo ryari rifise ico ryisangije kuko ryumviriza rikanahanura abahuye n'ibibazo, ico gihe rero nanje baramfashije.
N'igihe narekurwa, Esperance Foundation ryarampamagaye ndabereka aho mba, ndababwira ikibazo mfise, baransabira akazi ahantu nk'umukorera-bushake, na bo nyene barampaye ivyo ndabafasha. Nk'ubu bagiye gufasha abandi bapfunzwe i Langata tugenda tujanye, tubashiriye ibintu nk'ibikoresho abagore bakenera bari mu butinyanka… ubu nanje ndakora akazi ko kwitangira abandi."
Lea avuga kandi ko mw'ibohero yahigiye umwuga wo gushona impuzu, akaba arindiriye ko iryo shirahamwe rimufashisha imashini.