China: Rurangiranwa mu kuvuza piano Li Yundi yapfunzwe yagirizwa kugura imaraya

Ahavuye isanamu, Getty Images
Rurangiranwa mu kuvuza piano mu Bushinwa, Li Yundi, apfunzwe azira gusambana n'imaraya, nk'uko bivugwa n'ikinyamakuru ca reta.
Ku rubuga hwaniro, igipolisi canditse ko umugabo w'imyaka 39 hamwe n'imaraya y'imyaka 29, bemeye ko bakoze ibintu bitemewe n'amategeko.
Bafashwe inyuma y'aho abanyagihugu batangiye iyo nkuru ku bategetsi.
Mu gihe igipolisi kitashize ahabona izina ryiwe, ikinyamakuru ca reta mu nyuma cemeje ko ari Li.
Iyo nkuru yababaje abakunzi benshi b'uwo mugabo azwi kw'izina rya "China Piano Prince".
Ku myaka 18, Li yabaye umuntu wa mbere akiri muto avuza piano - ahawe agashimwe ka mbere gakomeye mpuzamakungu ka Chopin Piano Competition mu 2000.
Yabandanije avuza piano hirya no hino kw'isi, akaba n'umuntu azwi cane mu bantu bavuga ururimi rw'igishinwa.
Umuntu umwe yanditse ku rubuga hwaniro rwa Weibo rumeze nka Twitter ati:"Mana yanje, biratangaje. Uyu ni Li Yundi twese dutangarira?"
Abandi berekana amakenga ku kuntu yafashwe.
Undi yanditse ngo:"Mfise amakenga yo kumenya ingene abantu bamenye ko ari we. Ubonye umugabo w'imyaka 39 n'umugore w'imyaka 29 binjiye mu nzu bari kumwe, bigenda gute ngo abantu bamenye ko ari imaraya, na we ari umukiriya wiwe?"
Inyuma y'aho iyo nkuru imenyekaniye, ishirahamwe ry'abanyamuziki mu Bushinwa ryavuze ko rigiye kwaka ubunywanyi Li kuko "atanga isura mbi cane mu bantu".
Bamwe mu baraba ibintu n'ibindi bavuga ko ipfungwa ryiwe rishobora gufatwa nk'igabishwa ku nyifato mbi y'abandi ba rurangiranwa mu gihe Ubushinwa bwahagurukiye abakora akazi kerekeye umuziki.
Mu mategeko yo mu Bushinwa, abasambana canke bagurisha imaraya bashobora gupfungwa gushika ku misi 15 bakanatangisha n'amande ashobora gushika ku madolari ya amerika 782.










