Wa mutegetsi wa Huawei yari yafashwe na US yarekuwe, China nayo ica irekura abanya Canada babiri

Meng Wanzhou (hagati) yari asohotse avuye muri sentare nkuru y'igihugu ya British Columbia muri Canada ejo ku wa 24/9/2021

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Meng Wanzhou (hagati) yari asohotse avuye muri sentare nkuru y'igihugu ya British Columbia muri Canada ejo ku wa 24/9/2021

Icuka kibi kiri hagati y'Ubushinwa n'ibihugu vyo mu burengero gisa n'ikiriko kirahera inyuma y'aho wa mutegetsi wa Huawei yari apfungiwe muri Canada arekuriwe, hanyuma Ubushinwa nabwo bugaca burekura abanya Canada babiri bwari bwarapfunze.

Meng Wanzhou ajejwe ikigega mw'ikompanyi ikora ama terefone Huawei yari yafashwe mu 2018 ku mutahe wasohowe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika, akaba yarekuwe ejo ku wa gatanu habaye umwumvikano n'abashikirizamanza ba Amerika, aca asubira mu Bushinwa.

Haciye amasaha make, haciye hatangazwa ko Michael Spavor na Michael Kovrig nabo bari mu nzira batashe muri Canada, inyuma y'imyaka bari bamaze bapfungiwe mu Bushinwa bagirizwa maneko muri uyo mwaka nyene,

Pékin/Beijing irahakana ko itapfunze aba banya Canada mu kwihora ihagarikwa ry'umupfasoni Meng.

Ariko abanegura Ubushinwa bavuga ko iki gihugu cabakoresha mu rugamba rwabwo rwa poritike.

Aba bagabo bompi bagumye bahakana ivyo bagirizwa muri ico gihe cose. Mu kiganiro n'abamenyeshamakuru, umushikiranganji wa mbere wa Canada Justin Trudeau yavuze ko bari babaye mu "mahano atagira izina".

Yongerako ati: "Ni inkuru nziza kwumva ko bari mu nzira basubira mu miryango yabo. Mu minsi 1000 iheze, barerekanye inguvu, ukwihangana, n'ubuntu".

Umushikiranganji wa mbere yavuze ko mu gaturuturu ko kuri uyu wa gatandatu ari ho bari bitezwe muri Canada. Baherekejwe na Dominic Barton aserukira Canada mu Bushinwa.

Mu kwa munani guheze, sentare yo mu Bushinwa yari yaciriye Spavor umunyororo w'imyaka 11 ku caha ca maneko. Kovrig wewe ntiyari bwasomerwe.

Michael Kovrig (i buryo) na Michael Spavor bari bapfunzwe kuva mu 2018

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Michael Kovrig (i buryo) na Michael Spavor bari bapfunzwe kuva mu 2018

Mw'itangazo yasohoye, umunyamabanga wa Amerika ajejwe imigenderanire Antony Blinken avuga ko igihugu ciwe "kinezerejwe" n'ingingo y'Ubushinwa, ariko yongerako y'uko aba bagabo batuntujwe "imyaka irenga ibiri n'igice yose bapfunzwe kandi bazira ubusa".

Imbere y'uko arekurwa, umupfasoni Meng - umukobwa w'umutunzi karuhariwe Ren Zhengfei yashinze ikompanyi y'Ubushinwa y'amaterefone ngendanwa Huawei - yaremeye ko yayobeje abajejwe amatohoza ba Amerika ku vyerekeye ibikorwa vy'ubucuruzi Huawei yakorana na Irani.

Yari amaze imyaka itatu yose apfungiwe muri Canada, aho hose akaba yari mu rugamba rwo kubuza ko ajanwa muri Amerika.

Ejo ku wa gatanu, umucamanza wa Canada yategetse ko umupfasoni Meng, ajejwe ikigega muri Huawei arekurwa, inyuma y'aho ashikiye ku masezerano n'abashikirizamanza ba Amerika ku vyo bamwagiriza vya magendo.

Ahagaze kuri sentare ya Vancouver amaze kurekurwa, yabwiye abanyamakuru ati: "Mu myaka itatu nari maze, ubuzima bwanje bwaratosekaye".

Abandanya ati: "Ikintu ico ari co cose kibi cama gifise uruhande rwiza. Sinzigera nibagira abantu bose kw'isi yose bampojeje".

Mu nyuma yacishije ubutumwa ku rubuga rwa Twitter aho ashimira umugambwe w'abakomunista, reta y'Ubushinwa "n'igihugu ciwe c'amavukiro".

Umupfasoni Meng Wanzhou yaboneka n'akamwemwe kenshi igihe yava aho yari ari i Vancouver

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umupfasoni Meng Wanzhou yaboneka n'akamwemwe kenshi igihe yava aho yari ari i Vancouver

Huawei nayo yasohoye itangazo aho ivuga ko irindiranye igishika cinshi co kubona umupfasoni Meng asubiye mu muryango, inavuga ko izobandanya yisigura muri sentare.

Imbere y'uko ahagarikwa, abashikirizamanza ba Amerika bamwagirije magendo, bavuga ko yayobeje amabanki mu bucuruzi bwa Huawei bwahonyanze ibihano Amerika yafatiye Irani.

Igisata c'ubucamanza ca Amerika kivuga ko kibandanya citegurira urubanza na Huawei, ikompanyi ikiri ku rutonde rwirabura rwa amerika.

Umupfasoni Meng ni umukobwa mukuru w'umutunzi karuhariwe Ren Zhengfei yashinze ikompanyi Huawei mu 1987 , akaba yaranabaye umusirikare w'Ubushinwa mu kiringo c'imyaka icenda.

Huawei yo nyene ubwayo niyo kompanyi nini gusumba izindi zose kw'isi ikora ibikoresho vy'itumatumanako. Imaze igihe yagirizwa ko abategetsi b'Ubushinwa bashobora gukoresha ibikoresho vyayo mu bikorwa vya maneko - ivyo Huawei yamirira kure.

Mu 2019, Amerika yarafatiye ibihano Huawei ica iyishira ku rutonde rwirabura rw'amakompanyi ashora ibintu hanze, yongera iyibuza gukoresha ubuhinga bwa amerika.

Ubwongereza, Suede, Australia n'Ubuyapani, na vyo nyene vyarahagaritse Huawei, mu gihe ibindi bihugu harimwo Ubufaransa n'Ubuhindi bwafashe ingingo zisa n'izo kuyihagarika.