Lithuania isaba abanyagihugu guta amaterefone yo muri China

Icegeranyo casanze terefone ya Xiaomi 10T Pro ifise ubushobozi bwo kugenzura ibiyikorerwako vyose

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Icegeranyo casanze terefone ya Xiaomi 10T Pro ifise ubushobozi bwo kugenzura ibiyikorerwako vyose

Ubushikiranganji bw'ukwivuna abansi bwa Lithuania buragabisha abanyagihugu ko bakwiye guta amaterefone akorerwa mu Bushinwa kandi bakirinda gusubira kugura ayandi mashasha.

Ikigo c'iki gihugu kijejwe umutekano nyabwonko (Cyber Security Centre) kivuga ko cakoze amatohoza ku materefone ngendanwa akoresha 5G yahinguwe n'amakompanyi yo mu Bushinwa.

Kivuga ko imwe mu materefone y'ikompanyi Xiaomi ifise muri yo ubuhinga bwo gukurikirana ibiyikorerwamwo, mu gihe iyindi na yo y'ikompanyi Huawei ifise utunenge ku mutekano wa nyene kuyikoresha.

Huawei ivuga ko ata makuru y'ibanga ya nyene gukoresha terefone aja hanze, hanyuma Xiaomi ikavuga ko ata vyo gukurikirana amabanga ya nyeneyo ikora.

Umushikiranganji wo kwivuna abansi, Margiris Abukevicius, avuga ati: "Duhanura abantu kudasubira kugura amaterefone mashasha y'abashinwa, hanyuma bongere bate vuba bwango ayo bamaze kugura".

Kuneka

Icegeranyo c'iki kigo kivuga ko casanze terefone Mi 10T 5G y'ikompanyi Xiaomi irimwo logiciel/software ishobora gutora kandi ikagenzura amajambo kanaka harimwo nk'ayavuga ngo “Rekura Tibet”, "Ni harambe ubwigenge bwa Taiwan" canke "urugambwa rwa demokarasi".

Iki cegeranyo cerekana amajambo ashika 449 ashobora kunekwa n'ama apps ari muri terefone za Xiaomi, harimwo no kugenzura imbuga ngurukanabumenyi ziyicako.

I Bulaya, ubu buhinga bwarugawe ariko iki cegeranyo kivuga ko bushobora kuvyurwa umwanya uwo ari wo wose hakoreshejwe ubuhinga bwa none.

Umupfasoni avugira Xiaomi yabwiye BBC ati: "Amaterefone ya Xiaomi ntakurikirana ibiyago vya ba nyene kuzikoresha. Xiaomi ntiyigeze ibuza kandi ntizokwigera ibuza canke ibangamira ibikorwa vy'abakoresha amaterefone yacu".

Avuga kandi ko iyi kompanyi igendera ku mategeko yose agenga gukingira umutekano w'abakoresha amaterefone yayo.

Ubu bushakashatsi kandi bwasanze terefone ya Xiaomi yegeranya amakuru yose aca kuri terefone yayo ikayarungika kuri 'serveur' yayo iri muri Singapour.

Iki kigo kiti: "Iki ni ikintu gikomeye, si kuri Lithuania ahubwo ku bihugu vyose bikoresha ubuhinga bwa Xiaomi".

Iyi kompanyi ihingura amaterefone ngendanwa iramamaye cane mu bantu kubera amaterefone yayo azimbutse, aho ubutunzi bwayo bwadutse gushika ku bice 64% mu gice ca kabiri c'uno mwaka ugereranije n'umwaka uheze.

Huawei P40

Iki cegeranyo kandi gishira ahabona inenge iri kuri terefone ya P40 5G ya Huawei, ituma amabanga y'abayikoresha yibwa.

Itangazo ryasohowe n'ubushikiranganji bwo kwivuna abansi buri kumwe n'ikigo kijejwe umutekano nyabwonko rivuga riti:

“Ububiko nyabwonko bwa Huawei, AppGallery, bujana abakoresha amaterefone yayo mu bundi bubiko nyabwonko busanzwe bufise ama apps amwe amwe yihwejwe na programmes zirwanya imigera zigasanga ari apps maneko canke zamaje kwinjirwa n'imigera".

Umuvugizi wa Huawei yabwiye BBC ko isanzwe ikurikiza amategeko n'amabwirizwa y'ibihugu ikoreramwo, kandi ko ishira imbere umutekano n'ukubungabunga amabanga ya ba nyene amaterefone.

Avuga ati: “Nta mabanga yigera atangwa hanze ku materefone ya Huawei".

"Ikintu conyene ni uko AppGallery yegeranya ikanatunganya amakuru akenewe kugira ngo abakiriya bayo bashobore kurondera, gushira mu materefone yabo no gukoresha apps zivuye ahandi, co kimwe no mu bundi bubiko nyabwonko".

Avuga kandi ko Huawei ibanza kwihweza neza kugira ngo abakiriya bayo bashobore gukoresha "apps zidatera ingorane".

Iki kigo kandi carihweje iyindi terefone ya 5G y'ikompanyi OnePlus ariko kikaba casanze ata ngorane iteye.

Iki cegeranyo gisohotse mu gihe icuka kibi hagati ya Lithuania n'Ubushinwa kigenda ciyongera.

Mu kwezi guheze, Ubushinwa bwasavye Lithuania gutahukana uwuyiserukira i Pekin/Beijing bunavuga ko na bwo nyene bwari bugiye gutahukana uwubuserukira i Vilnius (umugwa mukuru wa Lithuania).

Iki cuka kibi catanguye igihe Taiwan itangarije ko ubuserukizi bwayo muri Lithuania bugiye kwitwa Ibiro vy'ubuserukizi bwa Taiwan (Taiwanese Representative Office).

Ibindi biro vy'ubuserukizi bwa Taiwan i Bulaya hamwe na Reta zunze Ubumwe za Amerika bikoresha izina ry'umugwa mukuru w'ico gihugu, Taipei, kugira ngo vyirinde izina ry'iri zinga ubwaryo Ubushinwa buvuga ko ari intara yabwo.