Masten Wanjala yishe abana muri Kenya nawe yishwe n'abanyagihugu

Ahavuye isanamu, Directorate of Criminal Investigations - Kenya
Umugabo yiyemereye kuba yishe abana benshi hanyuma agatoroka igiporisi mu minsi ibiri iheze yishwe n'abanyagihugu mu burengero bwa Kenya, nk'uko vyemezwa n'igiporisi.
Igiporisi kivuga ko Masten Wanjala yabonywe n'abanyagihugu aho yari yinyegeje mu nzu mu gisagara ca Bungoma baca baramukubita gushika apfuye.
Abategetsi bari batanguje igikorwa co guhiga uwo mugabo yiyemereye ko yishe abana b'abahungu barenga 10 mu kiringo c'imyaka itanu.
Bivugwa ko yari yasubiye imuhira w'abavyeyi biwe - bari baramuciye - hanyuma anigwa n'ababanyi bamenye ko ahari, nk'uko uwabibonye yabibwiye ikinyamakuru Standard.
Umukuru mu giporisi yabwiye ico kinyamakuru yo yari yabanje kugerageza kwihisha abakeka ko yaje mu kwimukira mu nzu yindi yari hafi.
Bivugwa ko umuyrango wiwe woba wemeje ko ikiziga ari iciwe,
Musyoki Mutungi avuga ati : "Ntituzi ingene yashoboye kuva Nairobi agashika iwabo [mu burengero bwa Kenya] ."
"Abanyagihugu biketse ko bamubonye nibo ba mbere bamumenye baca baja kumwica n'imbere y'uko igipoiri kibimenyeshwa."
Abaporisi batatu bari ku kazi umunsi yatoroka ku wa gatatu bagirijwe kuba barafashije muri iryo toroka hamwe no gufata ibintu minenerwe.
Abantu kandi bariko baraba benshi mu gusaba ko umukuru w'igiporisi muri Kenya atanga imihoho (yegura) kubera iryo toroka ryashegeshe igihugu cose.
Masten Wanjala yari yitezwe kwitaba sentare ku wa gatatu ku bwicanyi bw'abahungu batari munsi ya 14 i Nairobi, no mu duce tw'uburasirazuba n'uburengerazuba bwa Kenya.
Igiporisi kivuga ko camenye ko yatorotse kiriko kirahamagara mw'igenzura ry'abanyororo mu gitondo.
Yari apfunzwe mu gihe iporisi cari kigikora amaperereza ku rukurikirane rw'ubwicanyi bwakorewe abana bugatuma igihugu gishegeshwa.
Abaporisi batatu bari kw'izamu umunsi yatoroka igituro ca porisi ca Jogoo Road, mu gace kazwi nka Eastlands k'i Nairobi, baciye bafatwa.
Wanjala yari yafashwe mu kwezi kw'indwi uyu mwaka, yemera guha ibiyovyabwenge no kwica abana b'abahungu, bamwe akanywa amaraso yabo.










