Kenya: Hatowe ibiziga cumi vy'abana, uwagirizwa aremera ko yari amaze kwica cumi

Ahavuye isanamu, Twitter
Igiporisi muri Kenya cahagaritse umusore w'imyaka 20 yagirizwa kunyuruza no kwica abana, akaba yemera ko amaze kugandagura abashika cumi.
Masten Milimu Wanjala yagirizwa ubu bwicanyi ni we nyene yatwaye abaporisi mu bibanza bitandukanye yatayemwo ibiziga vy'abo yagandaguye, ibintu vyatangaje abatari bake.
Igisata kijejwe gukora amatohoza ku bugizi bwa nabi (DCI) cacishije ku rubuga rwa Twitter ivyo uyu yagirizwa ubu bukozi bw'ikibi yivugira we nyene.
DCI ivuga kandi ingene yakora ubu bwicanyi bw'agahomerabunwa yakorera abana abanje kubahendahenda abasanze aho bariko barakina.
Igiporisi kivuga ko uburyo yakora ubu bwicanyi buteye ubwoba, kandi ko yemeye ko yakoresha isumu isa n'ifu imbere yo kubanyonga canke kubavoma amaraso.
Ibiziga vy'abana babiri yishe vyatowe ahitwa Kabete iri ku nkengera z'umugwa mukuru Nairobi, ikindi naco nyene kikaba catowe ejo kuwa gatatu muri ako karere ku nkengera y'umwonga.
Igiporisi kimenyesha ko uyu musore yagirizwa ubu bwicanyi yatanguye kubukora afise imyaka 16, akaba yatanguriye ku mukobwa w'imyaka 12 yari yaburiwe irengero mu karere ka Machakos kari ku birometero 54 mu burengero bw'umugwa mukuru Nairobi.
Igiporisi kivuga ko kibandanya kibaza uyu musore kugira ngo gishobore kumenya aho yataye ibiziga vy'abandi yagandaguye.
Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.
Impera ya X ubutumwa
Abajejwe amatohoza bavuga ko uyo musore yababwiye ko yanyuruza aba bana abanje gukina nabo mu kiringo c'umwanya kanaka.
Yafatiwe ahitwa Kitengela mu gisagara ca Nairobi inyuma y'aho amatohoza yerekaniye ko yari ahantu haherutse kuburirwa irengero ry'abana babiri.
Ivyaha vyo kunyuruza abana vyagiye vyiyongera mu gisagara ca Nairobi, aho igiporisi cashoboye kurokora abatari bake, ariko benshi bakaba batowe bamaze kwicwa.
Mu misi iheze, igiporisi cashizeho igisata kidasanzwe kijejwe gukora amatohoza no guca imanza zijanye n'inyuruzwa ry'aba bana, ikibazo bavuga ko kibangamiye umutekano w'igihugu.











