Kenya - Kakuma: Impunzi ntizirera amaboko ngo zitege imfashanyo gusa

Impunzi zivuga ko zihatorera akoyoko, kuko abagize umugwi Kolakisa badafise ibiciro bihanitse
Insiguro y'isanamu, Impunzi zivuga ko zihatorera akoyoko, kuko abagize umugwi Kolakisa badafise ibiciro bihanitse

Abashonyi bahurikiye mu mugwi Kolakisa (Urumuri) bafasha izindi mpunzi mu kubashonera kuri make bakanakira abashaka kwiga uwo mwuga.

Bavuga ko bashona impuzu zitandukanye zaba izo abagabo canke z'abagore, harimwo mbere n'imideli mishasha.

Kolakisa kandi ngo irigisha n'urundi rwaruka umwuga wo gushona ata co barinze gusaba.

Umwe mubigiye gushona muri uwo mugwi ni Toussaint Ndayisenga, ubu na we asigaye ari umushonyi yabigize umwuga.

Insiguro y'amajwi, Imvo n'Imvano ku buzima bw'impunzi ziva mu Burundi zo mu nkambi ya Kakuma muri Kenya

Agira ati: "Turigisha urwaruka, baba abahungu canke abakobwa bipfuza kumenya umwuga wo gushona. Nanje nigiye ngaha, none ubu dukorana n'uwanyigishije."

Uretse kuremura impuzu z'impunzi ziba zatabutse, bavuga ko bashona na nshasha baheza bagashora kw'isoko

Impunzi zihungukira iki?

Impunzi zivuga ko zihatorera akoyoko, kuko abagize umugwi Kolakisa badafise ibiciro bihanitse.

Aza, umuririmvyi w'umurundikazi aba mw'ikambi ya Kakuma avuga ko bafasha impunzi cane.

Avuga ati: "Aba bantu bashonera iruhande yacu. N'ababanyi. Bashona neza ku mahera make kandi babonye ata co wirengeje baranagushonera ku buntu."

Impuzu zashonywe n'umugwi Kolakisa (Urumuri)
Insiguro y'isanamu, Uretse kuremura impuzu z'impunzi ziba zatabutse, bavuga ko bashona na nshasha baheza bagashora kw'isoko

Iyindi mpunzi twise Porotazi na yo ivuga ko hari n'igihe babaha ideni.

Agira ati: "Baradufasha cane. Iyo tubazaniye nk'impuzu z'abana hari n'igihe bataturihisha kubera bibutse ko na bo abana bacu bahora babatuma.

"Canke bakaduha ideni tuzoriha turonse uburyo."