Kenya- Kakuma: Bukuru Leonidas yahunze abantu bashaka kumwica kubera urukoba rwiwe

Insiguro y'amajwi, Bukuru Leonidas yahunze abantu bashaka kumwica kubera urukoba rwiwe

Umusore w'umurundi w'umunyamwema Bukuru Leonidas aba mw'ikambi ya Kakuma mu buraruko bushira ubuseruko bwa Kenya avuga ko yahunze abantu bahatswe kumugurisha kubera urukoba rwiwe.

Uwo musore, w'imyaka 20, amaze imyaka itanu ageze mw'ikambi ya Kakuma.

Ihasa ryiwe, Butoyi Jean Paul, ryo rifise urukoba rusanzwe (rwirabura), Leonidas gushika ubu akaba atazi iyo riherereye.

Yavuye iwabo muri komine Giteranyi yo mu ntara ya Miyinga, mu buraruko bw'Uburundi, mu 2006 afise imyaka itanu, ahungishijwe na nyina wiwe, aja kumusabira indaro mu babikira.

Muyinga, Nakivale, Kakuma

Agira ati: "Twavutse turi amahasa, Butoyi yaje yirabura nanje nsa uku, abantu bashatse kungurisha ku batanzaniya, mama wanje ampungishiriza mu kibikira, nahabaye imyaka ibiri".

Avuga ko yavuye mu kibikira kubera amategeko yabo atemerera umwana w'umuhungu arenza imyaka itandatu kubandanya kuhaba.

"Nahavuye nca nja kuba mu gipolisi ntowe n'umwe mu bakomanda baco. Hageze mu 2014 yaciye arungikwa mu butumwa muri Centrafrique, ari na ho naca ntangura kugira izindi ngorane."

Bukuru Leonidas ntiyasubiriye kuronka abamucungerera ubuzima agiye kwishure, yahura n'abantu na ho, akumva bavuga ko ari imari.

Avuga ko yaciye afata ingingo yo kwomoka aja mw'ikambi y'impunzi ya Nakivale mu gihugu ca Uganda aho na ho nyene avuga ko atamaze kabiri.

Agira ati: "Nagezeyo nsangayo abandi bantu b'abarundi benshi twava hamwe, nca mpitamwo guhunga ndahava nza aha muri Kenya."

Ubu Bukuru Leonidas yiga mu mwaka w'icumi mu mashure yisumbuye mw'ikambi y'impunzi ya Kakuma.

Ukumererwa neza bivanze n'agahinda

Avuga ko amerewe neza, ko amashirahamwe afasha impunzi amwitaho mu kumuronsa ibintu vyose vya nkenerwa vy'abanyamwema.

Ariko afise agahinda ko kutamenya aho nyina wiwe n'abo bavukana baherereye, akaba yanahaye Radio BBC Gahuzamiryango ubu butumwa bwo kurangisha:

"Jewe nitwa Bukuru Leonidas, abavyeyi banje, papa yitwa Bizimana Samuel, mama ni Mpawenimana Beatrice, tuvukana turi amahasa, jewe n'uwundi muhungu yitwa Butoyi Jean Paul, wewe arirabura. Nari mfise na bashiki banje batatu, Ciza Valeriya, Munezero Jeanine na Vyukusenge Emelyne.

"Nipfuje kurondera mama wanje n'abo tuvukana, aho bari hose ndipfuza ko twoganira nkamenya uko bamerewe, jewe ndi mw'ikambi y'impunzi ya Kakuma."