Kakuma: Dusengimana Felicien afasha impunzi kumenya amakuru yo mu bihugu ziturukamwo

Impunzi y'umurundi Felicien Dusengimana wo muri zone ya mbere muri bloke y'indwi ni we yagize uwo mugambi, agura ibikoresho bifata imboneshakure ya buri gihugu kivamwo impunzi ziba muri iyo kambi ya Kakuma.
Avuga ati: "Niyumviriye kugura ama antenne menshi afata imboneshakure z'ibihugu vyose impunzi ziba ngaha ziturukamwo kugira zize ziramenya amakuru avugwa iyo zikomoka."
Dusengimana avuga ko ivyo bituma bataba nk'abantu baba mu mwobo.
Uwufise imboneshakure yiwe mu nzu Dusengimana aca amuha urutsinga ruva ku cuma gifata igihugu ashaka.
Ikambi ya Kakuma, iri mu buraruko bushira uburengero bwa Kenya, ibamwo impunzi zirenga ibihumbi ijana ziva mu bihugu cumi na bibiri, harimwo Urwanda n'Uburundi.
Muri izo mboneshakure impunzi zishobora klubona, harimwo izo mu Rwanda no mu Burundi.
Impunzi twaganiriye zivuga ko umugambi wa Dusengimana wabafashije kuko bahigira vyinshi.
Umwe mu mpunzi z'abarundi atashimye ko izina ryiwe rimeneyekana agira ati: "Biradufasha kuko uretse ko biduteramisha, turahamenyera amakuru avugwa iwacu, ingene ibintu bigenda birahinduka, kuri bamwe bikaduha icizere co gutahuka, abandi kuba turatenyenya. "

Impunzi yose ishaka kuraba imboneshakure yo mu gihugu iwabo isabwa kuriha amashilingi igihumbi (hafi amadolari 10) buri kwezi. Aho harimwo n'umuyagankuba uva ku moteri ya Dusengimana nyene mu gihe uwukeneye kuraba iyo mboneshakure aba atawo asanganywe mu nzu iwe.
Umusore aheruka kwubaka urwiwe yitwa Fabiyano avugako ari "ikintu ciza. Nko kuri twebwe tutavukiye mu Burundi, bituma tumenya igihugu cacu eka mbere n'ururimi rwacu". Yongerako ati : "Bituma tutibagira igihugu c'amavukiro [y'abavyeyi bacu], tukanahakumbura tutahazi."











