Covid: Burundi, Rwanda na DR Congo mu bihugu vyavanywe ku rutonde rutukura rw'Ubwongereza

Ahavuye isanamu, Getty Images
Amakompanyi y'ingendo yashimye iyo ngingo yo kugabanya amategeko yo kugumiza umuntu ukwa wenyene, mu gihe ibihugu 47 vyaraye bikuwe ku "rutonde rutukura".
Ubu kuri urwo rutonde hasigayeko ibihugu indwi gusa.
Ariko ikigo gikora muri ico gisata cavuze ko cifuza ko reta y'Ubwongereza ishira mu bikorwa imigambi yo gusubiriza igipimo kizimvye ca Covid bita PCR hakiri kare imbere y'uko hatangura uburuhuko bwo hagati mu mwaka mu mashure bwimirije.
Muri izo ngingo zaraye zihindutse, ibihugu vya Panama, Colombia, Venezuela, Peru, Ecuador (Equateur), Haiti na Dominican Republic (Republique Dominicaine) nivyo vyonyene vyagumye ku rutonde rutukura rw'Ubwomgereza - bisigura ko abantu bafashe ingendo bava muri ivyo bihugu bashitse mu Bwongereza bategerezwa kubandanya kuguma ukwa bonyene mu mahoteri ikiringo c'amajoro 11 ku giciro c'amafaranga y'Abongoreza pound 2.285 ( miriyoni zirenga 6 mu mafaranga y'Uburundi) kuri buri muntu akuze.
Ibihugu abantu bakunze kuja gutemberamwo nka Afrika y'Epfo, Thailand na Mexico biri muri 47 bizovanwa ku rutonde rutukura guhera ku munsi wa mbere isaha cumi zo mu gitondo mu masaha y'ici yo mu Bwongereza (isaha 11 zo mu gitondo mu Burundi no mu Rwanda), bikazotuma ingendo zoroha kandi zizimbuka kuruta uko vyahora.
Kompanyi y'indege Virgin Atlantic yavuze ko ababikisha ibibanza vyo kuja muri Afrika y'Epfo biyongeye gushika ku 150% kuva iyo ngingo yo ku wa kane itangajwe.
Umuvugizi yavuze ko kworosha ayo mategeko ari "intambwe nziza" ariko avuga ko Ubwongereza bukwiye gukurikira Ishirahamwe rya Buraya na Amerika mu kuvanaho ivyo kwipimisha vyose ku bantu baba bararonse incanco zose za Covid batututse muri ivyo bihugu vy'ivyago bike mu gukwiragiza umugera.
Reta y'Ubwongereza yatangaje umugambi wo gusubiriza ingingo itegeka kugirisha igipimo ca Covid ca PCR ku munsi ugira kabiri ushitse muri ico gihugu, igipimo gishobora gusaba amafaranga y'Ubwongereza pound 75 (ibihumbi birenga 200.000 mu mafaranga y'Uburundi) ku muntu, abagenda mu Bwongereza bakaba boca basabwa kurungika ifoto y'igipimo kinyaruka bakoresheje cerekana ko ata mugera babasanganye.
Isoko ryo muri reta rivuga ko ishaka gushiraho iyo ngingo hakiri kare imbere y'uko hatangura uburuhuko bwo mu mwaka hagati, ubwo nabwo ku mashure menshi bukaba buzotangura itariki 22 ukwezi kw'icumi.
Ikibuga c'indege ca Heathrow cavuze ko kumenyesha ryari iyo ngingo izotangurira gukora "arico kibuze" kugira ngo ubwo buruhuko bube intango nshasha ku batari bake.
Izo ngingo nshasha zituma kandi vyoroha ku ngenzi zaronkeye incanco mu bihugu 37 - birimwo Brezil, Ghana, Hong Kong, India, Pakistan, South Africa na Turkey - kugira urugendo mu Bwongereza.
Mu gihe ata gihugu kiri ku turonde rutukura bagendeye mu minsi 10 imbere yo kuja mu Bwongereza, bazofatwa co kimwe n'ababa mu Bwongereza baronse incanco zuzuye.

Vyose: Ibihugu 47 vyavanywe ku rutonde rutukura rw'Ubwongereza
Kuva ku wa mbere isaha cumi zo mu gitondo mu masha y'ici yo mu Bwongereza (isaha 11 zo mu gitondo mu masaha yo mu Burundi no mu Rwanda, ibihugu bikurikira bizova ku rutonde rutukura rw'Ubwongereza:
Afghanistan, Angola, Argentina, Bolivia, Botswana, Brazil, Burundi, Cape Verde, Chile, Congo (Republique Democratique du), Costa Rica, Cuba. Eritrea, Eswatini, Ethiopia, French Guiana, Georgia, Guyana, Indonesia, Lesotho, Malawi, Mayotte, Mexico, Mongolia, Montenegro, Mozambique, Myanmar, Namibia, Nepal, Paraguay, Philippines, Réunion, Rwanda, Seychelles, Sierra Leone, Somalia, South Africa, Sudan, Suriname, Tanzania, Thailand, Trinidad and Tobago, Tunisia, Uganda, Uruguay, Zambia na Zimbabwe.










