Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Urubanza rw'aba Nazi: Ku myaka 100 uwahoze ari umurinzi aracirirwa urubanza mu Budagi
Inyuma y'imyaka 76 intambara ya kabiri y'isi irangiye, umwe mu bahoze bacungera ibibanza vyahonerejwemwo abantu yitavye sentare (urukiko) ku ruhara rwo gufasha mw'iyicwa ry'abanyororo 3.518 i Sachsenhausen hafi ya Berlin.
Josef S yagirizwa gufasha mw'iraswa ry'abanyororo bo mu ntambara b'aba Soviet hamwe n'igandagurwa ry'abandi hakoreshejwe umwuka wa Zyklon B.
Ubu hari ukwiruka n'umwanya kugira abagirizwa ivyaha vyo mu gihe c'aba-Nazi baje imbere y'ubucamanza , uwo yitavye sentare uyu munsi akaba ariwe gushika ubu afise imyaka myinshi.
Muri iyi myaka ya vuba niho aba-Nazi bo ku ngero zo hasi batangura gucirirwa imanza.
Haraheze imyaka cumi, urubanza rwahamije ivyaha uwahoze ari umurinzi w'amakambi y'aba-Nazi John Demjanjuk rwaciye inzira yafashije abashikirizamanza kwagiriza abantu bafashije bakanakokeza amabi y'aba-Nazi mu ntanbara ya kabiri y'isi. Gushika ico gihe , uruhara rutaziguye rwategerezwa kubanza kuronkerwa ivyemezo.
Uwuzwi nka Josef S, kubera amategeko y'Ubudagi yo gukingira ibiraba umuntu bwite, uwuregwa yajanywe mu kibanza c'inkino catunganijwe vyihariye kugira kiberemwo urwo rubanza mw'ibohero riri i Brandenburg an der Havel, aho urubanza rwatanguye mu mutekano ukomeye cane.
Yahashitse ari mu ntebe y'abadashobora kwigendera (wheelchair/chaise roulante) afise agasaho batwaramwo impapuro (briefcase canke malette).
Josef S amaze imyaka aba aho Brandenburg, bivugwa ko yakora amagufuri canke ivyugazo, akaba ataco arigera avugira ku mugaragaro kijanye n'urwo rubanza.
Yari afise imyaka 21 igihe yatangura gukora nk'uwucungera ikambi i Sachsenhausen mu 1942. Ubu ku myaka hafi 101, abonwa nk'uwushobora kurenguka imbere ya sentare ikiringo gishobora gushika ku masaha abiri n'igice ku munsi. Urwo rubanza ruzobandanya gushika mu kwezi kwa mbere.
Abantu ibihumbi n'ibihumbi barapfiriye mw'ikambi ahitwa Oranienburg, mu buraruko bwa Berlin , muri abo harimwo abarwanya umugambi w'aba Nazi, Abayahudi, abanyaporitike batavuga rumwe n'ubutegetsi, abagabo bagirana imibonano mpuzabitsina n'abagabo nkabo hamwe n'abanyororo bo mu ntambara.
Icumba co kwiciramwo abantu hakoreshejwe umwuka cubatswe i Sachsenhausen mu 1943 hanyuma abantu 3.000 baricirwa muri iyo kambi igihe intambara yariko irahera kuko "batari bashoboye gutambuka".
Urubanza rwo kuri uyu wa kane ruhambaye cane cane ku bantu 17 bitwaye, barimwo abacitse kw'icumu i Sachsenhausen.
Christoffel Heijer yari afise imyaka itandatu igihe yabona se irya nyuma: Johan Hendrik Heijer yari umwe mu bantu 71 b'abanya-Hollande barwana banka ibikorwa vy'aba-Nazi barashwe baricwa muri iyo kambi. .
Yabwiye ikinyamakuru Berliner Zeitung ati: "Ukwica si amaherezo; si icaha mu mategeko gishobora guhanagurwa n'igihe."
Ariko , benshi mu ba-Nazi bahora bacunga amakambi nta rubanza bazocirirwa.
Mw'ikambi yo kwiciramwo abantu ya Stutthof honyene hari abahacunga 3.000, muri abo 50 bonyene nibo bahamijwe ivyaha. Bruno Dey yahamijwe gufasha ivyaha vyo kwica ikivunga mu mwaka uheze aca ahabwa igihano ariko kidashirwa mu ngiro.
Ku ndwi iheze, niho uwari umunyamabanga- mw'ikambi ya Stutthof, Irmgard Furchner, yategerezwa gucirirwa urubanza mu buraruko bwa Hamburg ariko yaciye atoroka ikigo yabamwo hasigaye amasaha make ngo urubanza rube.
Yahavuye afatirwa Hamburg none urubanza rwiwe rwaciye rusubira gutegekanywa ku wa 19 ukwezi kw'icumi. Yararekuwe n'igiporisi muri iyi ndwi.