Rwanda: Theoneste Bagosora yagiriwe na jenoside yasandavye

Theoneste Bagosora yari umutegetsi mukuru wa gisirikare mu gihe ca jenoside

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Theoneste Bagosora yari umutegetsi mukuru wa gisirikare mu gihe ca jenoside

Umwe mu banyarwanda bazwi ko bagize uruhara rukomeye muri jenoside, Col. Théoneste Bagosora yapfiriye mu bitaro muri Mali.

Umuhungu wiwe Achille Bagosora yabwiye BBC ko se wiwe yapfiriye mu bitaro i Bamako aho yari amaze ukwezi arwariye. Nta zindi nsiguro yashimye gutanga.

Bagosora yasandavye ku myaka 80 y'amavuka.

Kuva mu 2012, Col. Théoneste Bagosora yari apfungiwe muri Mali inyuma y'aho yagiriwe n'ivyaha bitandukanye bijanye no kugandagura Abatutsi mu gihe ca jenoside mu 1994, akaba yari yaciriwe umunyororo w'imyaka 35.

Col Bagosora azwi ko yari umutegetsi mukuru wa gisirikare mu gihe ca jenocide yo mu Rwanda mu 1994.

Inyuma y'aho umuhari FPR (ubu ukaba ari umugambwe canke ishyaka mu Kinyarwanda) ufatiye ubutegetsi mu kw'indwi 1994, Col. Bagosora yarahunze, co kimwe n'abandi batari bake, ariko akaba yagiye gufatirwa muri Cameroun mu kwa gatatu 1996, aca atwarwa i Arusha muri Tanzania, ahari icicaro ca sentare mpuzamakungu yahariwe Urwanda.

Ico gihe yaragirijwe ivyaha bitandukanye harimwo jenocide, guhamagarira abantu gukora jenoside n'ibindi bitari bike.

Col. Bagosora yabanje gucirirwa umunyororo wo guherayo ku yagirizwa ivyaha vy'ubwicanyi bitandukanye, harimwo ivyo kugandagura abategetsi batari bake b'Urwanda ico gihe, harimwo uwari umushikiranganji wa mbere w'Urwanda Agathe Uwilingiyimana.

Mu kwa cumi na kabiri 2008, yaciriwe umunyororo wo guherayo kuri ivyo vyaha, ariko akaba yarunguruje, avuga ko wewe ata ruhara yabigizemwo, ko ahubwo vyakorwa n'abandi we akaza kubibwirwa vyabaye.

Abacamanza bo mu gisata c'iyungururizo basanze koko wewe atategetse gukora ubwicanyi we nyene ubwiwe, ariko y'uko bwakozwe n'abo yatwara kandi ko yari azi ko bwariko burategurwa ariko akaba ataco yakoze kugira ngo abuhagarike kandi yari abifitiye ububasha.

Niho iyo sentare yaca ifuta urubanza rwa mbere rw'umunyororo wo guherayo, maze imucira uw'imyaka 35.