Sudan: Reta ivuga ko yaburijemwo itembagazwa ry'ubutegetsi

Ikinyamakuru cegamiye reta ya Sudani gitangaza ko muri kano gatondo ko ku wa kabiri hari abashatse kugerageza gutembagaza ubutegetsi bw'ico gihugu bagateshwa, ariko nticatangaje abo ari bo.

Iki kinyamakuru kiti: "Habayeho kugerageza gutembagaza ubutegetsi, abanyagihugu bategerezwa guhaguruka bakabirwanya".

Umuvugizi wa reta Mohamed Al Faki Suleiman avuga ko abikekwa muri iki gikorwa bategerezwa kubazwa.

Amakuru ava muri Sudani avuga ko abashatse gutembagaza ubu butegetsi bagerageje kwifatira ibibanza bikuru bikuru, harimwo iradiyo, ariko bagateshwa.

Amareresi yahanahanywe ku mbuga hwaniro avugwa ko ari ayo ku mugwa mukuru Khartoum yerekana abasirikare bari mu biduga vya burende mu mabarabara, bamwe bereka imiduga inzira itegerezwa gufata.

Umutegetsi wo mu nama nkuru irongoye igihugu yabwiye itororokanirizo ry'amakuru Reuters ko bamaze gufata ibintu mu minwe.

Hari imigumuko muri Khartoum, bikaba vyari vyitezwe ko kuri uyu wa kabiri haba imyiyerekano, igisirikare kikaba cahashitse kugira gikomeze umutekano.

Sudani ubu isanzwe irongowe n'umushikiranganji wa mbere Abdalla Hamdok ahagarariye reta mfatakibanza yashinzwe inyuma y'aho ubutegetsi bwa Omar al-Bashir butembagarijwe mu kwa kane 2019.

Bashir yabogojwe inyuma y'imyiyerekano yari imaze amezi atari make yo kumwiyamiriza, ubu akaba akiri imbere ya sentare ku ruhara rwiwe muri coup d'Etat yamushikanye ku butegetsi mu 1989.

Iyi myiyerekano yatanguye hiyamirizwa iduzwa ry'ibiciro vy'umukate n'igitoro, ikaba yagiye kuvamwo iyo kwiyamiriza uyu mukuru w'igihugu, abagore n'urwaruka bakaba barayigizemwo uruhara rudasanzwe.