Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
AUKUS: US na UK biranegurwa ku amasezerano yo kwivuna umwansi vyagiriraniye na Australia
Amerika n'Ubwongereza biriko biriyamirizwa n'ibihugu bitari bike ku masezerano yavyo vyagiriraniye na Australia mu bijanye n'umutekano.
Aya masezerano - afatwa nk'umugambi wo guhangana n'Ubushinwa - azotuma Amerika n'Ubwongereza biha Australia ubuhinga bwo guhingura amato y'intambara yo musi y'inyanja akoreshwa n'inguvu za nikleyeri.
Ariko igihugu kibabaye cane ni Ubufaransa buvuga ko ari "amasezerano y'incamugongo", mu gihe Ubushinwa nabwo bwagiriza ibi bihugu bitatu ko vyafashe "ingendo ya ca gihe c'intambara y'ukwikekana" (Guerre froide/Cold War).
Hari ubwoba ko aya masezerano ashobora gutuma Ubushinwa bwinjira mu ntambara.
Aya masezerano azwi nka Aukus, yatangajwe na Perezida Joe Biden wa Amerika, umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Boris Johnson hamwe na mugenziwe wa Australia Scott Morrison hirya y'ejo ku wa gatatu.
N'aho batavuzemwo Ubushinwa, Aukus ifatwa nk'umugambi wo kubuza Ubushinwa kwiganza mu nyanja y'Ubushinwa (Mer de Chine méridionale/South China Sea).
Boris Johnson yabwiye abashingamateka ko aya masezerano "atagamije guhangana" n'Ubushinwa.
Ariko uyu mushikiranganji wa mbere yabajijwe n'uwo yasubiriye, Theresa May, nimba aya masezerano adashobora gutuma Ubwongereza bwisanga mu ntambara bwinjijwemwo n'Ubushinwa.
Uyu mupfasoni yabajije umushikiranganji wa mbere "ingaruka" aya masezerano ashobora kugira mu gihe Ubushinwa bwotera izinga rya Taiwan.
Boris Johnson yishuye ati: "Ubwongereza buraciyemeje gukingira amategeko mpuzamakungu, niyo mpanuro ikomeye twoha incuti zacu kw'isi, kandi ni na yo mpanuro ikomeye twoha reta y'Ubushinwa".
Taiwan ifata ko ari igihugu cigenga, ariko Ubushinwa bubandanya bwongereza igitsure iri zinga bubona ko ari intara yabwo yiyonkoye.
'Ingendo itabereye'
Hagati aho, Washington iriko irondera guhumuriza Ubufaransa ku bijanye n'aya masezerano yaje gutoba amasezerano y'amamiriyaridi menshi cane yo kwubaka ubwato bwo musi y'inyanja Ubufaransa bwari bwagiriraniye na Australia.
Umushikiranganji w'imigenderanire w'Ubufaransa Jean-Yves Le Drian avuga ko iri tangazo ari "incamugongo".
Avuga ko ari "Ingingo mbi, yafashwe n'uruhande rumwe kandi amaherezo yayo ataboneka neza", yamwibukije Donald Trump yahoze arongoye Amerika.
Mu kwihora, abaserukira Ubufaransa muri Amerika bahagaritse ibirori vyari bitegekanijwe vyo kwigina ubucuti hagati ya Amerika n'Ubufaransa.
Uwahoze aserukira Ubufaransa muri Amerika, Gérard Araud, yabwiye ikiganiro World Tonight ca BBC ati: "Ni ingendo itabereye. Amerika yari izi ko aya masezerano akomeye ari inyungu z'igihugu c'Ubufaransa, ariko Amerika yarayirengagije".
Umunyamabanga wa Amerika ajejwe imigenderanire Antony Blinken avuga ko Ubufaransa ari "incuti ikomeye" kandi ko Washington izobandanya "ikorana cane" na Paris.
Jen Psaki ajejwe kumenyesha amakuru muri Maison Blanche/White House avuga ko ibivugwa n'Ubufaransa ataco bimaze.
Ati: "Hari amasezerano y'ubufatanyabikorwa menshi arimwo Ubufaransa hamwe n'ayandi butarimwo, kandi na bo nyene barafise amasezerano y'ubufatanyabikorwa batadushizemwo. Uko niko bimeze mu migenderanire mpuzamakungu".
'Impinduka zikomeye'
Umuhanuzi mukuru w'Ubwongereza ajejwe umutekano Stephen Lovegrove avuga ko aya masezerano - yiteze gufasha ibi bihugu bicuditse guhanahana ubuhinga bwa none butandukanye mu bijanye n'ibikorwa vyo musi yinyanja - yerekana "impinduka zikomeye".
Aya masezerano asigura ko Australia izoba ibaye igihugu kigize indwi kw'isi gikoresha amato y'intambara akoresha inguvu za nikleyeri, inyuma ya Amerika, Uburusiya, Ubushinwa, Ubwongereza, Ubufaransa n'Ubuhindi.
Umuhanuzi mukuru w'Ubwongereza ajejwe umutekano Stephen Lovegrove avuga ko aya masezerano "ashobora kuba ari yo ya mbere akomeye kw'isi mu myaka 60 iheze".
Ubushinwa ku ruhande rwabwo, rwagiriza ibi bihugu bitatu gufata "ingendo ya ca gihe c'intambara y'ukwikekana" (Guerre froide/Cold War) ishobora kubangamira inyungu zavyo bwite.
Ikinyamakuru cegamiye reta y'Ubushinwa Global Times kigabisha ko hashobora kuba ugusiganwa mu guhingura ubwato bwo musi y'inyanja bukoresha inguvu za nikleyeri, congerako y'uko ingabo za Australia ari zo zishobora kuba "iza mbere zipfa" mu gihe Ubushinwa "bwokwivuna".
Ariko umushikiranganji wo kwivuna abansi wa Australia, Peter Dutton, aramirira kure ibivugwa n'Ubushinwa.
Ati: "Ubu si bwo bwa mbere Ubushinwa buvugije induru ku bijanye n'aho Australia ihagaze".
"Turishimiye demokarasi yacu mu karere kacu. Turi kumwe n'ababanyi bacu mu karere ka Indo-Pacifique mu guharanira amahoro arama, kandi aya masezerano azotuma akarere gatekana. Ukuri ni uku kandi na bijambojambo vyo kwishongora bishobora kuzimanganya ukuri".