Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
FBI yatanguye kunyegurura inzandiko z'ibitero vyo ku wa 11/9 vyagiriza Saudi Arabia
Ikigo kijejwe igendereza FBI cashize ahabona urwandiko rwerekana ko hari abanya Arabia Saoudite bari bafitaniye imigenderanire kandi bavuganye na babiri mu bakoze ibitero vyo ku wa 11 z'ukwa cenda 2001 muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.
Ababuriye muri ibi bitero bamye basaba kuva kera ko izi nzandiko zishirwa ahabona, zikaba zerekana ko hari abategetsi ba Arabia Saoudite bari bazi ivy'ibi bitero imbere y'igihe ariko bakaba ataco bakoze kugira ngo babihagarike.
Ariko uru rwandiko ntirushira ahabona ikintu na kimwe cerekana ko reta ya Arabia Saoudite ifise uruhara mu nteguro ry'ibi bitero vyo ku wa 11/9.
15 muri 19 banyuruje indege zakoreshejwe muri birya bitero bari abanya Arabia Saoudite.
Imbere yo gushira ahabona aya makuru, ibiro vy'ubuserukizi bwa Arabia Saoudite muri Amerika bwakirije yompi iyi ngingo, bwongera busubira kwamirira kure amakuru avuga ko reta y'iki gihugu yari izi ibijanye n'aba banyuruje indege, bikavuga ko aya makuru ari "ibinyoma bifise intumbero mbi".
Uru rwandiko rwashizwe ahabona ejo ku wa gatandatu, umusi Amerika yari mu birori vyo kwibuka imyaka 20 ihaciye ibi bitero bibaye ku butaka bwa Amerika - aho abababa 3000 bapfuye mu bitero vyakozwe hifashishijwe indege zine zafashwe mpiri - rukaba ari urwa mbere mu zindi zitezwe gushirwa ahabona.
Imiryango imwe y'ababuriye muri ibi bitero yabandanije itera igitsure Perezida Joe Biden imusaba gushira ahabona izi nzandiko, ikavuga ko atari akwiye kwitaba ibi birori vy''ejo ku wa gatandatu i New York mu gihe yoba adashatse kuzishira ahabona.
Uru rwandiko rw'impapuro 16 rwa FBI ruracasubirwamwo bikomeye. Rushingiye ku biganiro yagiranye n'umuntu atavuzwe umwidondoro, rwerekana ibiganiro abanya Arabia Saoudite batari bake bagiranye na babiri mu banyuruje izi ndege, Nawaf al-Hazmi na Khalid al-Midhar.
Aba bantu babiri bigize abanyeshure kugira binjire muri Amerika mu 2000. Urwandiko rwa FBI ruvuga ko bahawe ubufasha bukomeye na Omar al-Bayoumi, ivyabona bavuga ko yakunda kuja ku biro vy'ubuserukizi bwa Arabia Saoudite i Los Angeles n'aho ico gihe yari azwi nk'umunyehure.
Uyu muntu yabwiye FBI ko Bayoumi "yari afise ikibanza gikomeye cane" kuri ivyo biro.
Uru rwandiko ruvuga ruti: "Mu vyo Bayoumi yafashijemwo Hamzi na Midha harimwo ubukarimani (traduction/translation), ukwiyunguruza, uburaro n'amafaranga".
Uru rwandiko rwa FBI ruvuga kandi ko hari isano hagati y'aba bagabo babiri banyuruje indege na Fahad al-Thumairy, umu imam agendera ku vyiyumviro vya kera ku musigiti wa King Fahad uri i Los Angeles. Afatwa nk'umuntu "agendera ku vyiyumviro bikaze".
Bayoumi na Thumairy bompi bavuye muri Amerika hasigaye indwi nke ngo ibi bitero bibe, nk'uko bivugwa n'itororokanirizo ry'amakuru AP.
Iri tororokanirizo ry'amakuru risubiramwo kandi amajambo ya Jim Kreindler, umwe mu baburanira imiryango yaburiye muri ivyo bitero, aho avuga ko uru rwandiko rwashizwe ahabona ruje "rwemeza ivyo twamye tuvuga muri uru rubanza ku bijanye n'uruhara rwa reta ya Arabia Saoudite mu bitero vyo ku wa 11/9".
Mu kwezi guheze, urubanza rwashinzwe n'imiryango yaburiye muri ibi bitero rwatumye abahoze ari abategetsi ba Arabia Saoudite barengutswa kwisigura.
Ubutegetsi bwa George W Bush, Barack Obama na Donald Trump bwose bwaranse gushira ahabona izi nzandiko, ku mvo bavuga ko ari iz'umutekano w'igihugu.
Ariko mu ndwi iheze, Joe Biden yategetse ko inzandiko zijanye n'amatohoza kuri ibi bitero zihwezwa gushasha, aho yabwiye abategetsi b'uru rwego rujejwe igendereza gushira ahabona ivyo bashoboye kwerekana mu mezi atandatu ari imbere.
Kuva kera hamye havugwa uruhara Arabia Saoudite ifise muri ibi bitero, bivanye n'igitigiri c'abanya Arabia Saoudite bari muri vyo hamwe n'uko umukuru wa al-Qaeda Osama Bin Laden yari afise amamuko muri ico gihugu.
Ariko, umurwi washizweho kugira ngo wihweze ivy'ico gitero wasanze ata kintu na kimwe cerekana ko reta ya Arabia Saoudite canke abategetsi bakuru b'ico gihugu boba barabigizemwo uruhara.
Amerika na Arabia Saoudite bifitaniye ubucuti bumaze imyaka myinshi cane, n'aho hari ibihe bwagiye butosekara.
Donald Trump yaratsimbataje ubu bucuti ariko Joe Biden aherutse kuvuga ko Arabia Saoudite "yaciwe" kubera uruhara yagize mu bwicanyi bw'agahomerabunwa bwakorewe umumenyeshamakuru w'iki gihugu Jamal Khashoggi muri Turukiya.
Umunyamakuru wa BBC, Frank Gardner, avuga ko kuva ico gihe Perezida Biden yahavuye yorosha imvugo ku mutegetsi w'ikirenga w'ico gihugu, igikomangoma Mohammed bin Salman, icerekana ko atari ikintu coroshe kwikurako iki gihugu.