MTN iragirizwa guha ibiturire aba Talibani na Al-Qaeda

Ikompanyi nkuru ya terefone ngendanwa muri Afrika, MTN, iragirizwa ko yoba yarahaye imirwi y'abarwanyi bagendera kuvyiyumvira bikaze vya Isilamu muri Afghanistani amahera mu kwikingira.

Ivyo birego vyatanzwe mu rubanza rwugurujwe ku wa gatanu muri sentare ya Amerika bivuga ko iyo kompanyi yahonyanze amategeko ya Amerika arwanya iterabwoba.

Urwo rubanza rwugurujwe kw'izina ry'imiryango y'abanyamerika bishwe mu bitero vyo muri Afghanistani.

Hari n'ayandi makompanyi atanu avugwa muri urwo rubanza.

Muri urwo rubanza, MTN iregwa ko yahaye ibiturire Al-Qaïda hamwe n'abarwanyi b'aba Talibani mu ntumbero y'ukurondera kubungabunga umutekano w'iminara yayo.

Ayo mahera avugwa yarafashije mu migumuko yateguwe n'aba talibani, yatumye haba ibitero muri Afghanistani hagati ya 2009 na 2017, nk'uko ivyo birego bivuga.

Ayo mahera yoba yarafashije "imirwi y'iterabwoba izwi mu vyo uburyo", ivyahonyanze amategeko yerekeye kurwanya iterabwoba.

Iyo kompanyi yo muri Afrika y'Epfo yemeza ko yoyo ibandanya ikora ibikorwa vyayo "mu buryo bwemewe n'amategeko mu bihugu vyose ikoreramwo".

MTN niyo kompanyi ya mbere ikomeye ya terefone ngendanwa muri Afrika, ikagira umunani ku rwego rw'isi, ikaba ifise abanywanyi imiliyoni 240.

Mu 2015, abategetsi ba Nigeria baraciriye iyo kompanyi ihadabu rya miliyari zitanu zirenga z'amadolari y'abanyamerika kubera yiyobagije guca ama karata sim yayo atari yanditswe.

Ico gihano cagihe kugabanywa gushika kuri miliyari 1.7 habanje kuba impari ndende, hanyuma n'uwari umukuru w'igihugu ca Afrika y'Epfo Jacob Zuma na we nyene arafasha.

Mu kwa kabiri kw'umwaka uheze, uwahoze aserukira ico gihugu muri Irani yarahagaritswe ku mugwa mukuru Pretoria, yagirijwe ko yariye igiturire kugira afashe MTN kuronka uruhusha rwa miliyari 31.6 rwo gukorera muri Irani.