U Rwanda rwakatiye MTN amande y'imiliyoni $8.5

Ikigo kigenzura itumanako mu gihugu c'u Rwanda cakatiye ishirahamwe rya telefone ngendanwa ryo muri Afrika Yepfo, MTN, amande y'imiliyoni $8.5 ku kuba itubahirije amasezerano mu gushira ubuzi bujanye n'ubuhinga (IT) inyuma y'igihugu.

MTN Rwanda yabandanije ikorera ibijanye n'ubuhinga bw'itumanako, IT, mu gihugu kibanyi ca Uganda kandi yari imaze kugabishwa ko "biteye kubiri n'amasezerano y'akazi ko ingingo zikwiye zishobora gufatwa," niko itangazo ryavuye muri "Rwanda Utilities Regulatory Authority" rivuga.

MTN yavuze ko imaze kumenyeshwa ku bijanye n'ayo mande, ko impande zose ziriko ziravugana kuri ico kibazo.

Iryo shirahamwe ryararihishijwe imiliyaridi $5.2 n'ubutegetsi bwa Nigeria mu 2015, ryanse gukatira umurongo abantu bose batari bwandikishe ama sim cards yabo.

Ayo mande yahavuye agabanywa ku miliyaridi $1.7 harinze kuba ibiganiro vyo ku rwego rwo hejuru hagati y'imigwi yose ukwo ari ibiri.