Burundi - DR Congo: FARDC ivuga ko Abasirikare bayo babiri biciwe muri Tanganyika ku kwihenda

Igisirikare ca Congo kivuga ko abasirikare baco babiri biciwe mu kiyaga Tanganyika n'abasirikare b'abarundi babitiranije n'abasuma.

Umuvugizi w'igisirikare ca RD Congo mu ntara ya Kivu y'Epfo, Capt Dieudonne Kasereka, avuga ko abasirikare ba Congo bari mu gikorwa gisanzwe co gukizura mu kiyaga Tanganyilka.

Agira ati: "Bari abasirikare bagwanira mu mazi ba Republika ya Demokrasi ya Congo bariko barakizura mu kiyaga Tanganyika, bari bafise ikibazo c'itumatumanako, ari na ho abasirikare bagwanira mu mazi b'abarundi biyumviriye ko ari abasuma bitwaje ibigwanisho baca muri ico kiyaga."

Yabandanije avuga ko rimwe na rimwe abasuma bava mu Burundi baja muri Congo, ikindi gihe bakava muri Congo baja mu Burundi.

Abajijwe nimba abasirikare ba Congo bararenze urubibe bakavogera u Burundi, Capt Kasereka avuga ko hari mu mwiza, ko bigoye kumenya.

Avuga ati: "Hari mu mwiza, igisirikare ca Congo nticashobora kubona ko carenze urubibe. Ntawokwemeza canke ngo ahakane ko igisirikare ca Congo cari carenze urubibe kuko hari mu mwiza kandi na jewe si ho nari ndi."

Avuga ko abarundi biyumviriye ko bari abasuma basanzwe bakoresha ikiyaga Tanganyika.

Abandanya avuga ko bibabaje kuko bahatakarije abasirikare babiri, ariko ko bidasigura ko hari ingorane hagati y'ibi bihugu bibiri.

Aremeza kandi ko hariko haraba ibiganiro ku rwego rwo hejuru kugira ico kibazo kironke inyishu.

Ati: "Ku rwego rwo hejuru baramaze kuvugana, ariko twebwe nk'abasirikare ntituri muri politike, ariko ndazi ko habaye ibiganiro kugira hamenyekanye ivyashitse, kandi bitazotuma haba agatosi mu migenderanire iri hagati y'u Burundi na Congo."

BBC iracagerageza kumenya ico igisirikare c'u Burundi kivuga kuri ivyo vyabereye mu kiyaga Tanganyika.