Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Zuma yahoze atwara South Africa yatezuriwe ku mvo z'amagara
Uwahoze ari umukuru wa Afrika y'Epfo Jacob Zuma yahawe uruhusha rwo kuva mw'ibohero ku mvo z'amagara amukitse.
Zuma, w'imyaka 79, ari mu gihano c'umunyororo w'amezi 15 kubera gukengera ubucamanza.
Indwara arwaye ntiyamenyeshejwe, ariko itangazo ryavuze ko iminsi y'umunyororo asigaje azoyirangiriza mu bitaro hisunzwe ingingo zidasanzwe.
Prezida wa Africa y'Epfo Cyril Ramaphosa yashimye iyo ngingo yo kurekura uwahoze ari umukuru w'igihugu Jacob Zuma kubera imvo z'amagara.
Ramaphosa yifurije Zuma gukira vuba, akaba yabivuze igihe yariko arasozera inama ya komite nshingwabikorwa y'umugambwe uri ku butetegetsi ANC.
Yavuze ati : "Turashimye iyo ngingo. Twarumvise ko amagara yiwe atifashe neza none twashahaka tumwfurize kworoherwa vuba vuba mu gihe yemerewe gusubira i muhira iwe kuba kumwe n'abamukunda".
Zuma amaze ukwezi ari mu bitaro aho yakozwe (yabazwe).
Azoguma muri ivyo bitaro gushika abaganga bamurekuye.
Zuma yishikanye ku gipolisi mu kwezi kw'indwi inyuma yo gucirirwa umunyororo kubera ukwanka kwitaba amatohoza ku bijanye n'ibiturire mu gihe c'ubutegetsi bwiwe.
Ifungwa ryiwe ryabaye irya mbere rishikiye uwahoze ari umukuru w'igihugu, ryarateye imyiyerekano irimwo imigumuko n'ugusahura.
N'ubwo yasunitswe mu kuva ku butetsi n'umugambwe wiwe ANC mu 2018, Zuma aracafise abantu bamushigikiye batari bake, na cane cane mu ntara yiwe y'amavukiro ya KwaZulu Natal.
Zuma yaciriwe urubanza ku wa 29 ukwezi kwa gatandatu kubera kutubahiriza ingingo yamutegeka kuja kuvuga ivyo azi mu matohoza ku biturire mu gihe c'ubutegetsi bwiwe bwamaze imyaka icenda.
Yitavye rimwe gusa ayo matohoza ku camenyekanye cane nka "state capture" - n'ukuvuga kunyonyeza amatungo ya reta.
Abagwizatunga bagirijwe kuba bakorana n'abategetsi b'igihugu kugira ngo hafatwe ingingo zijanye n'inyungu zabo mu gihe yari ku butegetsi.
Zuma yagumye asubiramwo ko ahorwa imvo za poritike.
Ingingo yo kumutezurira ku mvo z'amagara yavuye ku cegeranyo c'abaganga carungikiwe urwego rwa Africa y'Epfo rujejwe amabohero, nk'uko rwo nyene rubivuga.
Afise n'urundi rubanza rujanye n'ibiturire nyene na rwo ruzosubira kuburanishwa itariki icenda z'uku kwezi.
Ingingo yo gutezurirwa kubera amagara amukitse ishobora guhagarikwa gusa ari uko Zuma atubahirije ibijanye na yo, nk'uko bivugwa n'umuvugizi w'urwego rw'amabohero Singabakho Nxumalo.
Nxumalo yavuze ati: "Twashaka kumenyesha ko gutezurirwa ku mvo z'amagara ari ikintu gisanzwe gitegekanijwe ku bantu bose baba baciriwe igihano, ico basabwa kukaba ari ukwubahiriza ingingo bijana gusa. Dusavye abanye Afrika y'Epfo bose guha Zuma iteka mu gihe abandanya kuvurwa"
Umuvugizi wa Zuma yavuze ko ataravugana na we kuva inkuru imenyekanye, ariko ko "ategerezwa kuba yiruhukije".
Yabwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP ko umunyororo wunyuye amagara yiwe "kuko ufise ingaruka zikomeye cane mu gutuma asinzikara gusumba".
Umugambwe utavuga rumwe n'ubutegetsi muri Afrika y'Epfo, Democratic Alliance, waneguye iryo tezurirwa uvuga ko "ridahuye n'amategeko kandi risuzugura " ingingo zijanye n'amabohero"
Zuma n'imanza:
- 2005: Yagirijwe gusambanya ku nguvu umugore wo mu muryango bacuditse - yambikwa izera mu 2006
- 2005: Yagirijwe kurya ibiturire mu masezerano yo kugura ibigwanisho biciye miriyoni z'ama dorari mu 1999 - ivyaha vyahebwe gato imbere y'uko aba umukuru w'igihugu mu 2009
- 2016: Sentare yategetse ko akurikiranwa ku vyaha 18 vy'ibiturire kuri ayo masezerano - arunguruza, ariko mu 2017 aratsindwa mu rubanza rwo guheba ivyo birego
- 2016: Sentare yaciye urubanza ko yarenze ku ndahiro yiwe y'umukuru w'igihugu mu gukoresha amafaranga y'igihugu mu gusubiramwo inzu yiwe bwite i Nkandla -ariko arishura ayo mafaranga
- 2017: Umushikirizamanza w'igihugu avuga ko yoshiraho umugwi w'amatohoza urongowe n'umucamanza wo gutohoza ibivugwa ko yakuye inyungu mu bucuti bwiwe n'umuryago w'aba Gupta -arahakana ivyo aregwa, co kimwe n'aba-Gupta
- 2018: Zuma yemeye ko haba amatohoza mu bivugwa ko reta yanyonyejwe
- 2018: Urwego rw'igihugu rw'ubushikirizamanza rwemeje ko Zuma akurikiranwa ku vyaha 12 birimwo ubusuma, kimwe c'amanyanga, bibiri vy'ibiturire, n'ikindi c'amafaranga y'inkomoko mbi, bijanye n'amasezerano y'ibigwaniso, ivyaha Zuma ahakana
- 2021: Atanguye igihano c'umunyororo w'amezi 15 sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro imaze gutegeka ko afatwa kuko yanse kurenguka imbere y'umugwi utohoza kw'inyonyezwa rya reta.