Abanya Africa bagiye kurondera ubuzima muri UAE barakubagurwa

Abanyafrika bagiye gupagasa muri Emira Zunze Ubumwe z'Abarabu (UAE) barahohoterwa, bagapfungwa mu nyuma bakirukanwa, nk'uko abashakashatsi b'amashirahamwe abiri aharanira agateka ka muntu yabibonye.

Mu cegeranyo gishasha, amashirahamwe Euro-Mediterranean Human Rights Monitor hamwe na Impact International for Human Rights Policies arerekana ingene abimukira bahagaritswe mu kivunga mu kwa gatandatu, bagafatwa bunyamaswa mu gihe bari mw'ibohero.

Umwe muri aba bimukira, umuganda Kennedy Rubangakene yavugiye mu kiganiro ca BBC Focus on Africa ati: "Baciye badutwara mw'ibohero, si no mu gasho k'igipolisi".

"Naguye mu gahundwe kuko sinamenye igituma mpfunzwe… Nari mfise ivya ngombwa vyose. Amasezerano yanje y'akazi yari yanongerejwe ikiringo".

"Nta caha na kimwe banyagirije. Nta n'uko bandengukishije imbere ya sentare".

Abategetsi ba UAE bavuga ko ihagarikwa ry'aba bantu ryakurikije amategeko, kandi ko ryabaye mu ntumbero yo kurwanya "imirwi y'ubumalaya ifise uruhara mu rudandaza rw'abantu, mu bikorwa vy'ibiterasoni hamwe n'uburiganya".

Bavuga ko "abo bose bahagaritswe basanze bafise uruhara muri ubu bukozi bw'ikibi".

Aba bashakashatsi bavuganye n'abantu barenga 100 muri abo batotejwe, abenshi bakaba bava muri Uganda, Cameroun na Nigeria.

Bari bafise ivya ngombwa kandi bafise ubuzi butandukanye harimwo abakora isuku, abakora mu mazu y'uburiro, abaforoma n'abahinga mu bijanye n'amatara (é lectriciens), nk'uko icegeranyo cabo kibuvuga.

Michela Pugliese wo muri Euro-Mediterranean Human Rights Monitor avuga ko "ivyo bitero vyari vyateguwe, bitumbereye abantu kanaka kandi bishingiye kw'ivanguraruhu ".

Avuga kandi ko agahembo ku bakozi bari muri UAE kagenda gatandukana bivanye n'amamuko y'umuntu.

Mu kwishura, reta ya UAE "yamirira kure ibijanye n'ivanguraruhu biri muri cegeranyo, igashimangira ko igihugu gifise amategeko atihanganira na gato ivangura iryo ari ryo ryose".