Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Tokyo Paralympics: Abanonotsi bagendana ubumuga ba Afghanistan bahungishijwe
Komite mpuzamakungu y'inkino z'abagendana ubumuga iremeza ko abanonotsi babiri b'abanye Afghanistan bahungishijwe igihugu cabo.
Vyari bitegekanijwe ko abo banonotsi bakina taekwondo, Zakia Khudadad na Hossain Rasouli, bahiganwa mu nkino z'abagendana ubumuga i Tokyo zatanguye kuri uyu wa gatatu.
Ariko abo babiri bari mu bantu ibihumbi n'ibihumbi batari bwashobore kuva muri ico gihugu inyuma y'aho aba Talibani bafatiye ubutegetsi.
Ibendera rya Afghanistan ryatwawe n'umukorerabushake mu birori vyo kwugurura izo nkino ku musi wa kabiri.
Umuvugizi wa komite mpuzamakungu y'inkino z'abagendana ubumuga (IPC) Craig Spence yagize ati: "Harakozwe utwigoro kugira tubakure muri Afghanistan, ubu bari mu kibanza gitekanye".
"Sinshobora kubabwira aho bari kuko ibi ntibiraba ukwinonora imitsi, ibi vyerekeye ubuzima bw'abantu no gukingira abantu.
"Ni vyo baciye mu bihe bikomeye, barabandanya gukurikiranwa no gufashwa mu bibazo boba baragize mu mutwe.
"Tuguma tumenyeshwa umwanya ku mwanya aho bari n'ingene ubuzima bwabo bwifashe".
Khudadadi w'imyaka 23, yari kuba umupfasoni wa mbere aserukiye Afghanistan mw'ihiganwa ry'abagendana ubumuga, kandi yari yasavye ubufasha bwo guhunga inyuma y'aho abatalibani bafatiye ubutegetsi muri Afghanistan.