Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Afgahistan : "Nta kiringo co kuvanayo abantu tuzokwongera"- Taliban
Aba-Taliban bavuga ko ata munsi n'umwe bazokwongera kw'isango ry'itariki 31 z'uku kwezi kw'umunani kugira habandanye igikorwa co kuvana muri Afghanistan abantu bavyipfuza, nk'uko vyavuzwe n'umuvugizi wabo.
Yavuze ko umukuru wa Amerika Joe Biden yari yavuze ko ingabo zizoba zakuwe muri ico gihugu kuri iyo tariki, ko kwongera ikiringo vyosigura kwongera ikiringo c'uko Afghanistan ibandanya iri mu minwe y'abanyamahanga, aca agabisha ko hazoba ingaruka hamwe hogira igihinduka.
Umushikiranganji wa mbere w'Ubwomgereza, Boris Johnson vyari vyitezwe ko kuri uyu wa kabiri azosaba prezida Joe Biden kuba arabangiriye mu gukura ingabo muri Afghanistan kugirango igikorwa co kuvanayo abantu kibandanye ku kibuga c'indege ca Kabul. Johnson ivyo yobikoreye mu nama yihuta y'ibihugu indwi vya mbere bitunze kw'isi G7.
Abantu ibihumbi n'ibihumbi vy'abanya-Afghanistan n'abanyamahanga n'ubu baracuzuranye ku kibuga c'indege barondera kuronka indege zobakura muri ico gihugu.
Hagati aho Ubwongereza bwongereje abakozi batanu i Kabul gufasha mu bikorwa vyo kuvanayo abantu, nk'uko bitangazwa n'ubushikiranganji bujejwe imigenderanire.
Ubu hari abakozi 19 bakorera aho ku kibuga ca Kabul, harimwo uwuhagarariye ico gihugu muri Afghanistan Sir Laurie Bristow yashimagijwe cane kuba yagumye ku kibuga c'indege ca Kabul afasha abakozi biwe mu gikorwa co gutanga impusha zo kwinjira mu Bwongereza(visa).
Ku ndwi iheze Ubwogereza bwamenyesheje ko bufise umugambi wo kwakira impunzi z'abanya-Afghanistan ibihumbi 20, ibihumbi bitanu mu mwaka wa mbere.
Hasigaye amasaha, nta ndwi zigisigaye
Hagati aho Ubwongereza buvuga ko ubu haharurwa amsaha gusa kugira abantu bavanwe muri Afghanistan, nk'uko vyavuzwe n'umushikiranganji wo kwivuna abansi.
Ben Wallace yavuze ko ingabo zizoba zavuye ku kibuga ca Kabul umunsi Abanyamerika bazohava, aho naho akaba ari itariki 31 ukwezi kw'umunani.
Yavuze ko yari yibajije ko Amerika yari ''kwiga'' inzira z'ingene hoba ukwongera igihe kugira indege zivanayo abantu zibandanye.
Abantu ibihumbi n'ibihumbi bacarindiriye ku kibuga ca Kabul indege zobavana muri ico gihugu indwi imwe inyuma y'aho aba-Taliban bafatiye uwo mugwa mukuru.
Wallace yavuze ko yavuganye na mugenziwe wa Amerika aca avuga ko ukuvanayo ingabo "bizoca bivanaho inzira" y'ibikorwa vyo guvanyo abantu.
"Ubu duharura amasaha, ntiduharura indwi. Dutegerezwa gukoresha umunota wose usigaye kugira tuvaneyo abantu".
Umushsikiranganji ajejwe imgabo Wallace James Heappey yabwiye BBC ko ku ndwi iheze havanyweyo abantu 6.631 bajanwa um Bwongereza, kandi ko hari indege icenda zitezwe guhaguruka nmu masaha 24.
Yavuze ko hari abantu 1.800 bari mu "bashobora kwemererwa" canke abafise passeports z'Ubwongereza - hamwe n'abanya-Afghanistan 2.275 nabo bashobora kwimurwa kubera bakoreye reta y'Ubwongereza "hamwe n'urutonde rw'abandi banya-Afghanistan bo mu mashirahamwe ya societe civile twifuza kuvanayo hamwe twobishobora".