Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Afghanistan: US ifise ubwoba ko IS ishobora gutera ikibuga c'indege i Kabul
Reta Zunze Ubumwe za Amerika ziragabisha abanyagihugu bazo kwirinda kuja ku kibuga c'indege mu gihe hari ubwoba ko ishami rya Etat Islamique rikorera muri Afghanistan ryoba ririko ritegura ibitero.
Itangazo rigabisha ryaraye risohotse nijoro ku wa gatandatu ribwira abanyamerika kwigira kure kubera "umutekano ushobora guhungabana inyuma ya bariyeri".
Abategetsi bo mu bunyamabanga bujejwe kwivuna abansi bwa Amerika bavuga ko bariko barakurikiranira hagufi iki kibazo banarondera n'izindi nzira.
Nta nsiguro nyinshi zatanzwe kuri iki gitero kivugwa ko coba kiriko kirategurwa na IS, kandi n'uwu muhari ntaco urigera utangaza ku mugaragaro kijanye n'uko woba uriko urategura ibitero i Kabul.
Iri tangazo ryo kugabisha risohotse mu gihe hanze y'ikibuga c'indege harangwa akajagari, hakaba hari amakuru avuga ko hari abantu bahonyanzwe mu gihe ibihumbi n'ibihumbi babandanya bagerageza guhunga Afghanistan inyuma y'aho aba Taliban bafatiye ubutegetsi.
Haraciye indwi uwu muhari wifatiye igihugu cose n'umugwa mukuru Kabul.
Abantu benshi babandanya biyegeranya uko bukeye uko bwije, bizeye ko bashobora kwemererwa kwurira indege bakava mu gihugu.
Abakoranye na Amerika n'incuti zayo, co kimwe n'abo bose bari mu baharanira agateka ka muntu, baratinya ko aba Taliban bashobora kubatoteza mu gihe vyokwanka ko bava mu gihugu.
Ivyabereye ku kibuga c'indege i Kabul ejo ku wa gatandatu ntibiratomoka neza gushika ubu.
Ariko, umumenyeshamakuru w'imboneshakure Sky News, Stuart Ramsay, avuga ko abantu "bahonyanzwe gushika barapfa", abasirikare b'abongereza bakaba bariko bafasha kurokora abari bageramiwe kubera ubwinshi bw'abantu.
Avuga ko ejo "wari wo musi mubi abonye gushika ubu", akemeza ko hari abantu bahapfiriye.
Mu kiganiro c'ejo ku wa gatandatu, ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Amerika bwavuze ko abantu 17.000 bamaze kuvanwa ku kibuga c'indege, harimwo abanyamerika bashika 2500.
Hari umutegetsi yavuze ko hari "igitigiri gito" c'abanyamerika n'abanya Afghanistan bakubaguwe bariko barondera kuva mu gihugu. Rimwe na rimwe baranakubiswe mu gihe bari mu nzira batera baja ku kibuga c'indege.
Umuvugizi w'ubushikiranganji bujejwe imigenderanire yabwiye BBC mu nyuma ko basohoye itangazo ribuza ibirwi vy'abantu benshi hanze ya bariyeri z'ikibuga c'indege.
N'ibindi bihugu navyo nyene vyaragabishije abantu bavyo ku biriko biraba.
Reta y'Ubudagi yasohoye itangazo aho imenyesha ko "ibintu vyifashe nabi cane kandi ko rimwe na rimwe bigoye gushika ku kibuga c'indege".
Ni mu gihe ubushikiranganji bw'Ubuswisi bujejwe imigenderanire nabwo butangaza ko umutekano "wifashe nabi cane kuva mu masaha make aheze", bukaba bwabaye burahagarika urugendo rw'indege rwari rutegekanijwe mu ntumbero yo gukura abanyagihugu babwo i Kabul.
Ingabo za Amerika muri kino gihe nizo zigenzura ikibuga c'indege. Ziriko zifasha guhungisha abanyagihugu ba Amerika n'abandi b'ibindi bihugu, harimwo n'abanya Afghanistan bakoranye n'ingabo zo mu bihugu vy'Uburengero, ubu bakaba batinya ko umutekano wabo ushobora guhungabana ku butegetsi bw'aba Taliban.
Ariko rero, Amerika ivuga ko igikorwa co guhungisha abayo kizorangira ku wa 31 z'uku kw'umunani, bikaba bitaratomoka neza ingene ibintu bizogenda inyuma y'iryo genekerezo.
Umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe OTAN/NATO, Jens Stoltenberg, avuga ko ibihugu bitari bike vyo muri iryo shirahamwe bisaba ko ikibuga c'indege ca Kabul kibandanya cuguruwe kugira ngo ibikorwa vyo guhungisha abantu bibandanye inyuma y'itariki 31 z'uku kw'umunani.
BBC yabwiwe ko Ubwongereza ari kimwe muri ibi bihugu, kandi ko bwasavye ko iki kiringo congerezwako imisi mikeya.
Hari abafise ubwoba ko bitazokunda ko ibihugu vyose bihungisha abantu bavyo, canke abanya Afghanistan bose babona ko umutekano wabo ugeramiwe.
Ishirahamwe ry'ibihugu vya Bulaya "riridogera" Amerika ko itorohereza abarondera guhunga, kandi ko ingabo zayo zibuza abanya Afghanistan bakoranye n'abanyabulaya kwinjira ku kibuga c'indege, nk'uko bivugwa na Josep Borrell ajejwe imigenderanire muri iryo shirahamwe.
Avugira mw'ikoraniro muri reta ya Alabama ejo ku wa gatandatu, Donald Trump yahoze arongoye Amerika yaraneguye uburyo Joe Biden "yavyifashemwo nabi" mu gukura ingabo za Amerika muri Afghanistan, aho yavuze ko ari "ikintu gitangaje cane cerekana ubushobozi buke bw'umukuru w'igihugu".
Eka n'uwahoze ari umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Tony Blair, ari na we yarungitse ingabo z'Ubwongereza muri Afghanistan haraciye imyaka 20, avuga ko ingingo ya Biden ari iy'"ubujuju...ibabaje, iteye ibibazo kandi itari ikenewe".
Mw'ijambo yashikirije icese ubwa mbere kuva aba Taliban bafashe Kabul, Blair yavuze ko ari "nkenerwa ko ingabo z'Ubwongereza ziguma muri Afghanistan gushika abo bose bipfuza guhunga bavanywe muri ico gihugu.
Hagati aho, aba Taliban bobo babandanya bagerageza gutsimbataza ubutegetsi bwabo muri Afghanistan.
Mullah Abdul Ghani Baradar, umwe mu bashinze uwo muhari, yashitse i Kabul akaba yitezwe kwitaba ibiganiro vyo gushinga reta nshasha.
Niwe mutegetsi mukuru w'umu Taliban ari mu gihugu, akaba aboneka ko azoba afise ububasha budasanzwe muri reta iyo ari yo yose izoba irongowe n'aba Taliban.
Niwe yateye igikumu ku masezerano na Amerika yo mu 2020, aho Amerika yiyemeza gukura ingabo zayo zose muri Afghanistan.