Kenya: Sentare yanse integuro BBI ya Perezida Kenyatta yo guhindura ibwirizwashingiro

Umwumvikano hagati ya Raila Odinga (i buryo) na Uhuru Kenyatta (i bubamfu), bahoze bankana urunuka, wavyawe n'iciswe "Handshake" mu 2018

Ahavuye isanamu, Ikulu Kenya

Insiguro y'isanamu, Umwumvikano hagati ya Raila Odinga (i buryo) na Uhuru Kenyatta (i bubamfu), bahoze bankana urunuka, wavyawe n'iciswe "Handshake" mu 2018

Sentare y'iyungururizo ya Kenya yemeje ingingo iherutse gufatwa na Sentare nkuru y'igihugu yo gufuta integuro yo guhindura ibwirizwashingiro ry'ico gihugu, izwi nka BBI (Building Bridges Initiative).

Iyi nteguro ya BBI yateguwe na Perezida Uhuru Kenyatta ari kumwe n'uwahoze ari umukeba wiwe ruhebwa ariko ubu bakaba ari akadasohoka, Raila Odinga, yarondera ko ibwirizwashingiro rihinduka kugira ngo, nk'uko bivugwa n'abayitanguje, ribe irihuza Abakenya bose.

Ryarondera gushiraho izindi nzego, harimwo urwego rw'umushikiranganji wa mbere, ivyegera vy'umukuru w'igihugu bibiri, hamwe n'intara n'imiburiburi 70.

Mu kwa gatanu, Sentare nkuru y'ico gihugu yarazibiye iyo nteguro, aho yavuze ko itisunze amategeko kandi ko iteye kubiri n'ibwirizwashingiro, iyi ngingo ikaba yumvikanyweko n'abacamanza indwi bagize iyo sentare.

Abenshi mu bagize iyo sentare bategetse ko Perezida Kenyatta ata bubasha afise bwo guhindura ibwirizwashingiro yihishije inyuma y'abanyagihugu, bakavuga ko ivyo kurihindura bitegerezwa gukorwa n'abanyagihugu bo nyene ubwabo.

Bemeje kandi ko ibwirizwashingiro rya Kenya rifise integuro shingiro itegerezwa gukingirwa, kandi ko ico cose coza gishaka kurihindura gitegerezwa kubanza kwemezwa n'abanyagihugu ata guca ku ruhande.

Mw'iyo ngingo, sentare yarabujije umurwi wigenga ujejwe gutegura no guhagarikira amatora (Independent Electoral and Boundaries Commission, IEBC), gukoresha amatora ya kamarampaka kuri iyi nteguro BBI ya 2020 yo guhindura ibwirizwashingiro.

Mw'itangazo yasohoye hasigaye akanya gato ngo iyo ngingo itangazwe icese, Raila Odinga yavuze ko yemeye ingingo ya sentare y'iyungururizo, kandi ko agiye kubandaniriza ahandi ibiganiro ku bijanye n'iri bwirizwashingiro.

'Imana yamanutse gufasha ba nyarucari' mu kubungabunga ibwirizwashingiro

Icegera c'umukuru w'ico gihugu, William Ruto, ubu akaba ari umukeba wa Perezida Kenyatta na Raila Odinga, ntiyatanzwe kwishimira iyi ngingo ya Sentare y'iyungururizo.

William Ruto avuga ko BBC yari ifise intumbero yo kumukumira we n'abanywanyi biwe
Insiguro y'isanamu, William Ruto avuga ko BBC yari ifise intumbero yo kumukumira we n'abanywanyi biwe

Aciye ku rubuga rwa Twitter, Ruto yavuze ko "Imana yamanutse gufasha ba nyarucari mu kubungabunga ibwirizwashingiro".

Tambuka X ubutumwa
Uremeye ibiri kuri X?

Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.

Uragaba: Ibitangwa n'izindi mbuga bishobora kubamwo gutangaza

Impera ya X ubutumwa

Mu butumwa bwiwe, ruto yavuze ko igihe kigeze ko ba ntahonikora bafata ibintu mu minwe kugira ngo babogore ubutunzi w'igihugu cabo.

Kuri ruto, ingingo ya sentare y'iyungururizo ni icemezo ko atarira busema mu kwiyamiriza iyi nteguro ya BBI, aho yamye avuga ko itari ifise intumbero nziza, cane cane ko yari integuro yo kumwigiza inyuma we nk'umunyaporitike n'abanywanyi biwe.

Umwumvikano hagati ya Raila Odinga na Uhuru Kenyatta wavyawe n'iciswe "Handshake", igikorwa co guhana ukuboko nko kwerekana ko basubiranye, hari mu 2018, iki kigafatwa ko ari co catumye William Ruto nk'icegera c'umukuru w'igihugu hamwe na Perezida Uhuru Kenyatta bacanamwo bikomeye.

Integuro ya BBI yamye yiyamirizwa n'uruhande rwa Ruto rwabona ko ari nk'amayeri yariko arakorwa n'urunani ODM ruhurikiyemwo impande za Raila Odinga na Perezida Uhuru Kenyatta mu myiteguro yabo yo mumatora ategekanijwe mu mwaka uza.