Kenya-Ruto: Icegera c'umukuru w'igihugu aravuga ku kubuzwa urugendo

Mu matora abiri aheruka Kenyatta (ibumoso) na Ruto biyamamarizaga hamwe, ariko ubu ntibahuza ku matora ya 2022

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Mu matora abiri aheruka Kenyatta (i bubamfu) na Ruto biyamamariza hamwe, ariko ubu ntibahuza ku matora ya 2022

Icegera c'umukuru wa Kenya William Ruto avuga ko ingingo y'abategetsi yo kumubuza gufata urugendo rwo kuja mu gihugu kibanyi ca Uganda ari integuro yo kumutera umutima mubi nk'icegera c'umukuru w'igihugu no kubangamira ivyo yifuza gushikako muri poritike.

Mu kiganiro n'iradiyo yo muri Kenya (Inooro FM) mu gitondo co kuri uyu wa gatatu, William Ruto yavuze ko muri kahise yari amaze gufata ingendo z'akazi canke ziwe bwite ata ntambamyi.

Yasiguye ko urugendo rwiwe rwari rugamije kwigira ku kigega c'ubutunzi muri Uganda mu ntumbero y'umugambi w'ubutunzi aherutse gutanguza wa 'Bottoms Up' - ugamije guteza imbere ubuzima bw'abantu baronka amikoro make nk'inzira yo kuzamura ubutunzi bwa Kenya.

Abajijwe igituma umukuru w'igihugu ata na kimwe yari azi kuri urwo rugendo, Ruto yaciye yigovyora mu kubaza ngo: ''Urazi neza ko umukuru w'igihugu atarwo yari azi?'

Harun Aydin ajemwo gute?

Ruto yabandanije avuga ko mu myaka icenda amaze ari icegera c'umukuru w'igihugu atari bwigere asabwa kubanza gusaba uruhusha ku ngendo ziwe zo hanze y'igihugu, aca anibaza igituma ivyo bishitse ubu.

Ruto yanatanze umuco ku muntu aturuka muri Turkiya, Harun Aydin yari ku rutonde rw'abo bari kujana muri urwo rugendo.

Yavuze ko Aydin ari umugwizatunga afise imitahe muri Kenya, akaba anashaka kwagurira ibikorwa vyiwe muri Uganda na Tanzania.

Umwidondoro n'ubutumwa bw'uwo mugwizatunga vyatumye hari ibibazo vyibazwa biranavugwa cane mu binyamakuru bitandukanye mu gihugu.

Icegera c'umukuru w'igihugu yavuze ko ari ''ugusara hamwe na poritike itagira agaciro'' gufata uwo munyamahanga nk'uwokekwa kuba uwukora iterabwoba ata kindi kibitumye atari uko yari amuherekeje.

Abanyakenya benshi bari bafitiye icyizere ubumwe bw'aba bategetsi bari bakiri bato, Ruto na Kenyatta, aha bari kumwe mu kwa 10/2014

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Abanyakenya benshi bari bafitiye icizere ubumwe bw'aba bategetsi bari bakiri bato, Ruto na Kenyatta, aha bari kumwe mu kwa 10/2014

Ku wa mbere, inyuma yo kurindira amasaha atatu kugira yemerewe gufata urugendo, icegera c'umukutu w'igihugu yahavuye abuzwa kwurira indege yo kuja muri Uganda.

Kutarabana ryiza vyatanguye ryari, kubera iki?

Amategeko ya reta ya Kenya asaba abakozi bakuru ba reta gusaba uruhusha umukuru w'akazi ka reta imbere yo gufata ingendo zo mu bindi bihugu - ariko kubuza icegera c'umukuru w'igihugu gufata urugendo ntaho vyari bwigere biba.

Umukuru wa Kenya Uhuru Kenyatta n'icegera ciwe ntibagifitaniye ubucuti bari bafitaniye bagitangura amabanga yo kurongora igihugu mu 2013.

William Ruto (ibumoso) mu gihe Uhuru Kenyatta (hagati) ari guseka na Odinga mu kwa 11/2019

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, William Ruto (i buryo) mu gihe Uhuru Kenyatta (hagati) ariko aratwenga na Odinga mu kwa 11/2019

Ubwo bucuti bwabo bwatosekaye kuva umunsi Prezida Uhuru Kenyatta akorana mu minwe n'uwutavuga rumwe na reta Raila Odinga mu 2018.

Kuva ico gihe icegera c'umukuru w'igihugu yaciye aba nk'uwushizwe ku ruhande mu bikorwa vy'icese vya reta.

Ruto arondera iki muri Uganda?

Umutegetsi wo muri reta ya Uganda Duncan Abigaba, yari asanzwe ariwe ahuza ibikorwa vy'urugendo rw'icegera c'umukuru w'igihugu, yemereye BBC ko vy'ukuri Ruto yari yitezwe muri Uganda mu butumwa bwiwe bwite.

Yasiguye ko Ruto hari inyungu arondera mu gisata c'uburimyi bw'urudandazwa no gukorera ku mugambi wiwe wo kuri kaminuza ya Makerere wo gushinga igisata c'ivyigwa vy'uburongozi, the Dr.William Samoei Ruto Centre for Leadership.

Mu kwezi guheze icegera c'umukuru w'igihugu yahagarariye itanguza rw'uruganda rw'urucanco muri Uganda ku butumire bwa prezida Yoweri Museveni.

Ariko ubushikiranganji bwa Uganda bujejwe imigenderanire bwavuze ko ata rugendo rw'icegera c'umukuru wa Kenya bwari buzi.

Ministre wa reta ajejwe imigenderanire, Oryem Okello yasiguye ko urwo rugendo rutamenyeshejwe ubushikiranganji bwiwe kandi ko n'abakira abashitsi batari biteguriye umuzo wiwe.