Kenya: Umushingamateka yahagaritswe yagirizwa ko yatutse umukuru w’igihugu

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umushingamateka wo muri Kenya yahagaritswe inyuma y'amajambo yavuze ku mukuru w'igihugu Uhuru Kenyatta mu mpera z'indwi iheze, nk'uko bivugwa n'ibinyamakuru vyo muri ico gihugu.
Johanna Ng'eno yagirizwa gukoresha amajambo y'ibitutsi mu kwifatira mu gahanga umukuru w'igihugu, nk'uko bitangazwa n'igipolisi.
Ireresi yerekana uyu mushingamateka ariko avuga ku bijanye no kutumvikana kuri hagati ya Perezida Kenyatta n'icegera ciwe William Ruto yarakwiragijwe cane ku mbuga hwaniro.
Uyu mushingamateka yumvikana abwira umukuru w'igihugu ko abogoza leta yiwe nimba yananiwe no gukorana na Bwana Ruto.
Urubuga rwiwe rwa Facebook rwarerekanye ikibiriraho akaguma kadutse igihe uyu mushingamateka wo mu karere ka Emurua Dikirr mu ntara ya Rift Valley yahagarikwa.
Umushingamateka Ng'eno amaze gufatwa, icegera c'umukuru w'igihugu yanditse ubutumwa bwiwe aciye ku rubuga rwa Twitter avuga ati:
"Abategetsi bategerezwa kwihangana bakareka gukoresha amajambo y'ibitutsi ku Bakenya bagenzi babo".
Ati: "Amajambo mabi ku bagore no ku mukuru w'igihugu, OYA, OYA. Naho woba ushavuye bingana gute, nta nsiguro n'imwe yotuma ukoresha imvugo itukana. Hariho inzira nziza umuntu yocamwo mu kwerekana akari ku mutima".
Vyitezwe ko umushingamateka Johanna Ng'eno arenguka kuri uyu munsi wa kabiri.










