Tokyo Olympics: 'Amafaranga, amazu, inka' - Ingene ibihugu bimwe bishimira abatahukanye imidari

Umunya-Philippines aterura ibiremereye cane Hidilyn Diaz ariko arahiganwa mu nkino za Tokyo Olympics

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Hidylin Diaz, yabaye umunya-Philippines wa mbere atahukanye umudari w'inzahabu muri Olympic , yahawe amafaranga arenga $600. 000 mu dushirakubute kubera iyo ntsinzi
    • Umwanditsi, Na Fernando Duarte
    • Igikorwa, BBC World Service

Hari ibituma vyinshi umukinyi arondera gutsindira umudari mu nkino za Olympics... iteka, kwiyumva ko waranguye ikintu gikomeye, no kumenyekana.

Ariko wari uzi ko ibihugu vyinshi bitanga utundi dushimwe ku bakinyi bavyo, harimwo amafaranga abona, amazu mbere n'inka?

Mu gihe Comite International Olympique (CIO/IOC) ata mafaranga itanga ku babaye batatu bambere bakurira ingazi z'iteka (podium), ibihugu bitari bike biragerageza kuguma vyakije akariro ko guhiganwa mu gutanga udushimwe.

Raba bimwe mu vyo abakinyi bo mu nkino za Olympics za Tokyo 2020 bashobora kuronka, uretse gutahana inzahabu.

Inzu zibiri

Umunya-Philippines aterura ibiro vyinhsi Hidilyn Diaz yigina intsinzi mu nkino za Tokyo

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umunya-Philippines aterura ibiro vyinshi Hidilyn Diaz ariko arigina umudari w'inzahabu wa mbere w'ico gihugu kuva : ubu afise inzu zibiri yaronse nk'agashirukabutse kubera intsinzi yiwe

Umugore w'umunya-Philippines aterura ibiremereye cane Hidilyn Diaz yatumye igihugu cose kimerereza ku wa 26 ukwezi kw'indwi aho yatwara umudari wa mbere wa Olympic w'inzahabu w'ico gihugu kuva kibaho.

Yarushije abandi mu mugwi w'abagore batarenza ibiro 55 aca aba intwari mu gihugu.

Ariko ivyo Diaz yashitseko vyaciye bihindura ubuzima bwiwe birenze urwego rw'inkino.

Uretse kuronka agashimwe k'amafaranga abona arenga ibihumbi $600.000 (hafi miriyaridi 1,2 mu mafaranga y'Uburundi) - arimwo ayatanzwe n'umugwi wa Philippines ujejwe inkino hamwe n'umukuru w'ico gihugu Rodrigo Dutertes ubwiwe- yahawe kandi inzu zibiri nshasha. Imwe muri izo ni appartement nziza cane yahawe n'umunya-Philippines akomoka mu Bushinwa afise itunga riharurwa muri za miriyaridi z'ama dorari, Andrew Lim Tam.

Si ikintu gito na gato ku mukinyi w'umugore asanzwe ahembwa $500 kw'ipete rya sergeant mu ngabo zo mu kirere za Philippines.

Uvyemere canke ureke, uwo mudari yawutsindiye kandi ata hantu ho kwitegurira inkino za Olympics (gym) yari afise, ahubwo yiterateranije wenyene ivyo guterura aho we na bagenziwe bakinana bamariye amezi 18 baheze muri Malaysia mu gihe c'ikiza ca Covid-19.

Ibihembo vy'amafaranga

Soh Wooi Yik na Aaron Chia (i bubamfu ) bigina umudari wabo wa bronze muri badminton y'abagabo mu nkino za Tokyo 2020

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Malaysia ni kimwe mu bihugu bitanga udushirukabute tw'amafaranga dufadika ku wutahukanye umudari wa Olympic, ariko gushika ubu kimaze kuronka uwa bronze umwe gusa mu mukino wa badminton

Udushimwe tw'amafaranga turatandukanye bivanye n'igihugu kimwe kimwe.

''Ibihugu bikukumba imidari myinshi", aho abakinyi bakoresha uburyo bwinshi mu kwitegura no mu bikoresho, akenshi nta kinini bikunda gutanga, kurusha ivyo usanga iteka rya Olympic ari ririni gusumba, aho rifatwa nk'ubutwari.

Malaysia, igihugu kimaze gutwara imidari 11 yonyene mu nkino za Olympics 13, cemeye gutanga $241.000 ku wuzotahana umudari w'inzahabu mu nkino za Tokyo, ariko uwo n'ubu akaba akirindiriwe (agashimwe ku mudari w'ifeza ni $150.000 na $24.000 ku wa bronze).

Kuva itari 2 ukwezi kw'umunani, Malaysia yari imaze kuronka umudari umwe gusa muri izo nkino: uwa bronze muri badminton y'abagabo bakina ari babiri babiri.

Ku rundi ruhande, Australia, igeze ku midari irenga 500 kuva ku wa 29 ukwezi kw'indwi, yemeye gutanga ayari munsi ya 10% y'agaciro k'iyo midari kuri buri wese abaye muri batatu baronka imidari - aho muri izo nkino za Tokyo, Australia imaze kuronka imidari 30.

Imodoka nshasha ziyagayaga

Umurongo w'imodoka nshasha zahawe abakinyi b'abarusiya batahanye imidari mu nkino za Olympic za Rio mu 2016

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abakinyi b'abarusiya batahanye imidari baronka imodoka nshasha nka tumwe mu dushirukabutse bahabwa n'abategetsi

Ubushinwa n'Uburusiya nivyo bihugu bifise ico vyisangije ubigereranije n'ibindi vya rutura mu kwegeranya imidari nyinshi.

Abakinyi bavyo batahanye imidari ya Olympic uretse guhabwa amafaranga abona, bazohabwa n'utundi dushimwe tw'igihugu n'utwaho basanzwe baba.

Ku vyerekeye Uburusiya, udushimwe turimwo imodoka nshasha n'amazu (appartements).

Inka

Inka mw'iraro muri Afrika y'Epfo

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Bamwe mu bakinyi bigeze guhabwa inka ku vyo bashitseko

Tumwe mu dushimwe ariko ntitumenyerewe.

Abanya-Afrika y'Epfo bahiganwa mu gusoza ubwato Sizwe Ndlovu, Matthew Brittain, John Smith na James Thompson batsinze ihiganwa mu nkino za Londres mu 2012, bahawe inka umwe umwe. Bahawe ivyo bitunngwa na Jan Scannel, umugwizatunga akaba n'uwuremesha ibiganiro vyo guteka kuri television cane cane mu vyerekeye kwotsa inyama (barbecue).

Ubuzi bushasha, kwongerwa imishahara, uruhusha rwo kutaja mu gisirikare

Uuhindikazi aterura ibiro vyinshi Mirabai Chanu

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Mirabai Chanu wo mu Bhindi yatsindiye umudari w'ifeza mu guterura ibiro vyinshi - aca aduzwa n'ipete mu kazi

Mu bihugu vyinshi umudari wa Olympic ushobora kuguhesha akazi.

Canke ukongerwa umushahara.

Umugore wo mu Buhindi ahiganwa mu guterura ibiro vyinshi Mirabai Chanu yarahawe agashimwe ka $350.000 ku mudari w'ifeza yaronkeye Tokyo , ariko na cane cane icatanjgaje, yaciye yemererwa imbere y'abantu kuduzwa ipete mu kazi n'umukoreshab wiwe, kompanyi y'indarayi (inzira za gariyamoshi) y'Ubuhindi.

Muri Korea y'Epfo, abatahanye imidari barahabwa amafaranga, ariko kamwe mu bushimwe buruta ubundi ku bagabo batahanye imidari, ni uguhabwa uruhusha rwo kutitaba ibikorwa vya gisirikare bitegerezwa kuri buri wese ku kiringo c'amezi 18.

I Tokyo, ako gashimwe kari ako kwandura ku bakinyi babiri b'ico gihugu bitavye amahigwnwa ya golf , Sungjae Im na Si Woo Kim - yamara, nta n'umwe muri bo yatahanye umudari.

Vyinshi kurusha kuronka ibifadika

Bethany Shriever yigina intsinzi y'ihiganwa rya BMX mu nkino za Olympics

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Bethany Shriever wo mu Bwongereza ahiganwa mu makinga aca mu mayira agoye BMX , kugira aronke uburyo bwo kwitegurira inkino za Tokyo yabicishije mu guterereza abantu benshi

Ivyo guha udushimwe abatahanye imidari ya Okympic si bishasha kuko vyatanguye mu myaka ya 1980.

Ariko utwo dushirukabute twakomeje kugenda tuba tunini kuva ico gihe.

Uwutabizi yobibaza umwozi wo muri Singapore Joseph Schooling: amaze gutsinda rurangiranwa w'umunyamerika Michael Phelps ku mudari w'inzahabu ku metero 100 boga nk'abashaka kuguruka, yaciye ahabwa agashimwe ka $750.000 na reta yiwe.

Ariko kuri benshi, bene utwo dushimwe tuza kubatezurira kuko benshi bahiganwa mu nkino ata benshi bazitaho mu binyamakuru, n'ababafata mu mugongo uretse mu rwego rwa Olympic ugasanga kubaronka ntivyoroshe.

Abitaba amahiganwa ya Olympics muri Brezil, nk'akarorero, ahanini bakoresha uburyo buke reta ibaha, muri abo hakaba harimwo uwuhiganwa muri gym Rebeca Andrade, yashwangamuye isi mu gutsindira imidari ibiri mu mahiganwa y'abagore.

Mu kwezi kwa kabiri, Global Athlete, ikigo gikora ubushakashatsi cabajije abakinyi 500 bakomeye mu bitaba inkino za Olympic bo mu bihugu 48 bitandukanye, kibabaza ibijanye n'amafaranga. Hafi 60 kw'ijana bakibwiye ko ''bibona nk'abatagira amaragamo" mu bijanye n'amafaranga.

Abakinyi mu bihugu vyinshi, harimwo n'ibitahana imidari myinshi nka Amerika, bakoresheje inzira zo guterereza abantu benshi mugabo batanga duke duke cane (crowdfunding) kugira baronke uburyo bwo kwitegurira inkino za Tokyo.

Nka Bethany Shriever, umwongerezakazi aja mu mahiganwa yo gutwara ikinga mu nziza zigoye BMX (mubona kw'ifoto aho haruguru) nibwo buryo yakoresheje kugira ashike ku ndoto ziwe za Olympic inyuma y'aho mu 2017 hagabanuriwe amafaranga yo gushigikira abagore bakora bene ayo mahiganwa.

Ikiza ca Covid-19 catumye ibintu bigora gusumba, inyuma y'aho hahagarikiwe hayuma hagafutwa amahiganwa aho abakinyi bahabwa amafaranga yo guhagarara mu kibanza ca batatu ba mbere hamwe n'udushimwe tw'amafaranga.

Iciza n'uko ibi ari ibintu benshi mu bakinyi bavuzwe aho harugu, bitakibaraje ishinga, kubera udushimwe dushasha baronse, harimwo uwuterurira ibiro vyinshi Hidilyn Diaz, yavuze mu kiganiro aheje gutsinda ati: "N'aho hari ikiza, turi ngaha kandi dutahanye umudari" akongerako ati "nta na kimwe kidashoboka".