UK na US vyagiriza Iran gukora igitero ku bwato bw'igitoro cahitanye babiri

Ubwato Mercer Street

Ahavuye isanamu, Johan Victor via Reuters

Insiguro y'isanamu, Ubwato Mercer Street bwatewe bugeze mu micungararo y'umweha wa Oman, babiri mu bari muri bwo bakaba barahasize ubuzima

Ubwongereza na Reta Zunze Ubumwe za Amerika bibona ko Irani ari yo yakoze igitero ku bwato butwara igitoro kigahitana abantu babiri, bibaka birahira bikarengwa ko bitegerezwa kwihora. Vyagiriza iki gihugu ko cahonyanze amategeko mpuzamakungu.

Ubwato MV Mercer Street bwegukira Israel bwaratewe ku wa kane bugeze hafi y'umweha wa Oman.

Abantu babiri, umwe ava mu Bwongereza uwundi akomoka muri Romania, nibo baguye muri iki gitero.

Amatangazo y'ibi bihugu bibiri asohotse inyuma y'aho umushikiranganji wa mbere wa Israel Naftali Bennett avugiye ko hari "ivyemezo" ko umwansi wayo rutura, Iran, ari yo yakoze iki gitero.

Umushikiranganji Bennett agabisha ati "turazi ingene turungika ubutumwa muri Irani mu buryo bwacu", mu gihe Tehran yoyo yiyamiriza ivyo yise "ibirego bitagira mvura".

Ico gitero kuri MV Mercer Street gisa n'icerekana ko ibintu biriko birarenge inkombe mu ntambara "itaja ahabona" hagati ya Israel na Irani.

Haciye amezi haba ibitero bitari bike ku mato ya Israel na Irani, mu biboneka ko ari "ijisho ku rindi iryinyo ku rindi", n'aho bidakunze kugwamwo abantu.

Irani kandi iragiriza Israel ko ibangamiye ibigo vyayo vyo guhingura ubutare bw'ubumara n'abahinga bayo.

Mw'itangazo ry'ejo ku wa Mungu, umushikiranganji w'imigenderanire w'Ubwongereza Dominic Raab yavuze ko Londres yemeza ko Irani yakoresheje imwe muri za ndege zitagira abadereva, zizwi nka drones, mu gutera ubwato MV Mercer Street.

Raab avuga ko ari "ihonyanga ry'amategeko mpuzamakungu, ryeruye, ryateguwe kandi ryakozwe n'ibigirankana".

Yongerako ati: "Iran itegerezwa guhagarika ibitero nk'ibi, kandi amato ategerezwa kugira uburenganzira bwo gukora ingendo ata nzitizi".

Umunyamabanga wa reta wa Amerika ajejwe imigenderanire Antony Blinken avuga ko Washington yizeye neza ko "Irani ari yo yakoze ibi", kandi ko "inyishu nyayo" itegerezwa gukurikira.

Umushikiranganji wa mbere wa Israel avuga ko yiteze ko amakungu ategerezwa kwereka neza Irani ko yakoze icaha gikomeye.

Naftali Bennett yumvikanye avuga ivyo kwihora, agira ati "turazi ingene turungika ubutumwa muri Irani mu buryo bwacu"

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Naftali Bennett yumvikanye avuga ivyo kwihora, agira ati "turazi ingene turungika ubutumwa muri Irani mu buryo bwacu"

Mu nyishu yatanze, Iran nta na kimwe yemera ko yakoze.

Umuvugizi w'ubushikiranganji bwayo bujejwe imigenderanire, Saeed Khatibzadeh, yabwiye abanyamakuru ko "ubutegetsi bwa Siyoni (Israel) buteje umutekano muke, iterabwoba n'akaguma".

Avuga ko Israel "itegerezwa guhagarika ibirego bitagira mvura", anagabisha ati: "Uwuzobiba umuyaga azosoroma igihuhusi".

Iki gitero kibaye mu gihe hari ibiganiro bicumbagira hagati ya Irani n'ibihugu vya rutura i Vienne/Vienna (umugwa mukuru wa Autriche/Austria) mu ntumbero yo kunagura ya masezerano yo mu 2015 yerekeye guhagarika umugambi wa Irani wo guhingura ubutare bw'ubumara.

Ibihugu vyo mu burengero bw'isi vyikeka ko Irani ishobora kuba iriko irahingura ibirwanisho ruhonyanganda vy'ubumara ibanje guhonyanga amasezerano - ivyo Irani yiyamiriza yivuye inyuma.