Misire yo gucungera ikirere ya Syria yaguye hafi y'ikigo ca nikleyeri ca Israel

File photo from 20 July 2020 showing Syrian air-defence missile fired from near Damascus during Israeli air strikes

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Igisirikare ca Israel kivuga ko iyi misire ari imwe mu yandi atari make yatewe imbere y'aho ku ndege ya Israel (ifoto ya kera)

Igisasu ca misire gikorora indege ca Syria caturikiye mu bumanuko bwa Israel, ku birometero 30 gusa uvuye ku kigo c'ibanga ca nucléaire.

Amahona yo gutabaza (sirènes) yatanguye kwumvikana imbere y'uko ico gisasu giturika mu karere ka Dimona. Nta wakomeretse kandi nta vyononekaye.

Igisirikare ca Israel kivuga ko iyi misire ari imwe mu yandi atari make yatewe imbere y'aho ku ndege ya Israel. Nayo yaciye yihora mu gutera ibirindiro bitari bike muri Syria vyo gucungera ikirere.

Igisirikare ca Syria kimenyesha ko izo misire za Israel zaguye hafi y'ibigo biri hafi y'umugwa mukuru Damas/Damascus.

Igisirikare ca Syria kivuga kandi ko nyinshi muri izo misire zategerewe mu kirere zikamanurwa, ariko ko abasirikare bane bakomeretse, kandi ko hari "ibintu bimwe bimwe vyononekaye".

Ishirahamwe rikurikiranira hagufi ibijanye n'agateka ka muntu muri Syria, Syrian Observatory for Human Rights, rifise icicaro mu Bwongereza, rivuga ko misire za Israel zatewe ku kirindiro co gucungera ikirere mu gisagara ca Dumayr kiri ku birometero 40 mu buraruko bushira ubuseruko bwa Damas.

Ako karere kazwi ko ari bwo bubiko bw'ibirwanisho vy'abarwanyi bashigikiwe na Iran basanzwe barwana ku ruhande rw'igisirikare ca reta ya Syria mu ntambara iri muri ico gihugu.

Map showing Israel and Syria

Mu misi iheze, hari amakuru yavuga ko ibirindiro vyo gucungera ikirere vya Israel biri hafi ya Dimona hamwe no ku kivuko ca Eilat kiri ku kiyaga gitukura (Red Sea) vyongerejwe inguvu mu kwicungera mu gihe hoba igitero c'abarwanyi bashigikiwe na Iran muri ako karere, harimwo n'abari muri Syria.

Icuka kibandanya kiba kibi hagati y'ibi bihugu bisanzwe birabana ribi, Iran ikagiriza Israel ko ari yo iherutse gukora igitero ku kigo ca Natanz gihingura ubutare bwa uranium mu ntango z'uku kwezi. Israel ntiyigeze ivuga ko ari yo yakoze ico gitero.

Ikigo ca nucléaire ca Dimona muri Israel kivugwa ko cahinguye ibirwanisho vy'ubumara. Israel ntihakana canke ngo yemeze ko ifise ibirwanisho vy'ubumara.