China Vs US: Ubushinwa bwafatiye ibihano abategetsi ba Amerika

Ahavuye isanamu, Reuters
Ubushinwa buriko burafatira ibihano abantu batari bake n'amashirahamwe atari make ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu kwihora ku bihano Amerika nayo iherutse gufatira abategetsi b'Ubushinwa muri Hong Kong.
Mu bafatiwe ibi bihano harimwo uwahoze ari umunyamabanga wa Amerika ajejwe ubudandaji, Wilbur Ross.
Ibi bihano vyo kwihora bifashwe hasigaye imisi mike ngo icegera c'umunyamabanga wa reta Wendy Sherman agendere Ubushinwa.
Amerika ivuga ko yafatiye ibihano abategetsi b'Ubushinwa muri Hong Kong kubera uruhara rwabo mu guhungabanya umutekano muri ako karere.
Washington kandi yaragabishije abarwizatunga bayo bakorera muri Hong Kong ku ngorane bashobora kugira zibandanya ziyongera.
Ubushinwa bwatanguje itegeko ry'igihugu rijanye no kubungabungsa umutekano (National Security Law) muri Hong Kong mu mwaka uheze mu ntumbero yo gutuza imyiyerekano y'abaharanira intwaro rusangi.
Mw'iryo tegeko, ukwiyonkora ku gihugu, gusenyura ubutegetsi no gukorana n'ingabo mvamakungu ni ivyaha bihanwa n'amategeko, kandi bigahanishwa igihano gikomeye c'umunyororo w'ubuzima bwose.
Ejo ku wa gatanu, umushikiranganji w'imigenderanire w'Ubushinwa, yavuze ko ibiharo Amerika iheruka gufatira ico gihugu vyari bifise intumbero yo "gucafuza ubucuruzi muri hong Kong ata mvo n'imwe" hamwe no "guhonyanga bikomeye amategeko mpuzamakungu n'amarangamutima shingiro agenga imigenderanire mpuzamakungu".
Ubushinwa buvuga ko buzofatira ibihano amashirahamwe n'abategetsi indwi ba Amerika, harimwo na Ross.
Igihe yari umunyamabanga ajejwe ubudandaji ku butegetsi bwa Donald Trump, Ross yarongereje igitigiri c'amakompanyi adashobora gukorana urudandaza na Amerika ataronse uruhusha, harimwo n'amakompanyi akomeye y'amaterefone nka Huawei na ZTE.
Mu bandi bafatiwe ibihano n'Ubushinwa harimwo Sophie Richardson, umukuru wa Human Rights Watch mu Bushinwa; Carolyn Bartholomew, umukuru w'umurwi ujejwe kwihweza ibijanye n'imigenderanire hagati ya Amerika n'Ubushinwa mu bijanye n'ubutunzi n'umutekano; hamwe na Adam King wo mu kigo International Republican Institute.
Umunyamabanga wa Maison Blanche/White House ajejwe kumenyesha amakuru Jen Psaki yabwiye abanyamakuru ko Amerika idashobora "guhungabanywa" n'uku kwihora kw'Ubushinwa.
Umupfasoni Psaki ati: "Izi ngingo ni uturorero twa vuba twerekana ingene Pékin/Beijing ihana abanyagihugu, amakompanyi n'amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike agize ico ashikiriza mu bijanye na poritike y'igihugu".
Imigenderanire hagati ya Pékin na Washington yaratosekaye cane ku butegetsi bwa Trump. Gushika ubu ntiyifashe neza biturutse ku bibazo bimwe bimwe harimwo amamuko ya Covid-19, agateka ka zina muntu, hamwe n'ibitero nyabwonko (cyber-sécurité/cybersecurity).
Mu mpera z'iyi ndwi, umupfasoni Sherman aritezwe mu Bushinwa mu twigoro two kugarukana imigenderanire myiza. Ni we mutegetsi wa mbere wo ku rwego rwo hejuru mu butegetsi bwa Joe Biden azoba agendeye iki gihugu.
Ross ni we muntu yahoze mu butegetsi bwa Trump aherutse gufatirwa ibihano n'Ubushinwa. Mu kwa mbere, bwatangaje ko bwafatiye ibihano uwari umunyamabanga wa reta Mike Pompeo hamwe n'abandi bategetsi 27 bari mu ntwaro ya Trump.
Ubutegetsi bwa Biden buvuga ko iyi ngingo ataco imaze kandi ko ata nyungu irimwo.













