US na China bateranye amajambo akarishe mu biganiro barimwo muri Alaska

Opening session of US-China talks in Anchorage, Alaska, March 18, 2021

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Nivyo biganiro vya mbere vyo ku rwego rwo hejuru hagati ya Amerika n'Ubushinwa ku ntwaro ya Biden

Intumwa za Reta Zunze Ubumwe za Amerika n'izo Ubushinwa zateranye amajambo akarishe mu biganiro vya mbere vyo ku rwego rwo hejuru hagati y'ubutegetsi bwa prezida Joe Biden n'Ubushinwa , biriko birabera Alaska.

Intumwa z'Ubushinwa zagirije Amerika gukaburira ibihugu "gutera Ubushinwa", Amerika na yo ivuga ko Ubushinwa bushitse aho "kwiyerekana cane".

Haheze imyaka imigenderanire hagati y'ivyo bihangange bibiri imeze nabi cane.

Amerika yiyemeje kuvuga ku bibazo biteye umutima uhagaze nk'ingene ubutegetsi bw'Ubushinwa bufata aba Islam b'aba Uighur muri Xinjiang.

Ivyo biganiro vyatanguriye kw'isemo mbi mu gisagara ca Anchorage birimwo umunyamabanga wa reta wa Amerika Antony Blinken n'umujenama ajejwe ibibazo vy'umutekano w'igihugu Jake Sullivan ku ruhande rwa Amerika, ku ruhande rw'Ubushinwa na ho hari uwuza imbere mu bategetsi bajejwe poritike yo hanze, Yang Jiechi n'umushikiranganji ajejwe imigenderanire Wang Yi.

Ariko, umwe mu ntumwa za Amerika yavuze ko ibiganiro vyabandanije mu mw'ihererero vyari ''bifashe, bikomeye kandi bidaca irya n'ino" kandi bimara amasaha abiri yari ategekanijwe.

Mw'ijambo ryeruye ryo kwugurura imbere y'uko ibiganiro bibandaniriza mu mw'iherero, Blinken yavuze ko Amerika ija "kuvuga amakenga dufise ku bikorwa vy'Ubushinwa , harimwo muri Xinjiang, Hong Kong, Taiwan, ubukozi bw'ikibi buciye kuri internet bukorerwa Amerika, agacinyizo k'ubutunzi ku bihugu dukorana".

Yavuze ati:"Kimwe kimwe cose muri ivyo bikorwa kibangamira ingendo ishingiye ku mategeko ituma isi igira amaragamo."

Amwishura, Yang yagirije Amerika gukoresha ububasha bwayo bwa gisirikare n'amafaranga mu gucinyiza ibindi bihugu.

Yongeyeko ati:"Irikika mu kiza ku citwazo c'umutekano w'igihugu kugira ibangamire urudandazwa rusanzwe, no gukaburira ibihugu bimwe bimwe guhanga Ubushinwa."

Yang Jiechi (c), and Wang Yi at the Alaska talks. 18 March 2021

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Yang Jiechi (hagati ) yabwiye Amerika guhagarika gushira imbere ingene itahura demokrasi

Wang yavuze ko agateka ka zina muntu kari hasi cane muri Amerika, aho abirabure "bicwa".

Sullivan yasubije, avuga ko ubutegetsi bwa Amerika butarondera intambara n'Ubushinwa, ariko yongerako ati: "Tuzokwama duhagararira ingingo tugenderako ku neza y'igihugu cacu, no ku neza y'abagenzi bacu."

Uko guterana amajambo kwabaye imbere y'ibinyamakuru vy'isi yose, kwabandanije mu kiringo kirenga isaha. Ni kwo kwuguruye ibikorwa biba mu ncuro zitatu, bikarangira kuri uyu wa gatanu (mu gitondo mu masaha ya Amerika).

Ni vyo bikorwa vya mbere vy'intumwa zo mu rwego rwo hejuru bibaye hagati ya Amerika n'Ubushinwa kuva mu kwezi kwa gatandatu guheze - ku ntwaro y'uwahora ari umukuru w'igihugu , Donald Trump.

Mu nyuma , intumwa za Amerika zagirije Ubushinwa guca kubiri n'ivyo bari bumvikanye ko amajambo yo kwugurura ibiganiro atorenza iminota ibiri kuri buri ruhande.

Umwe mu bategetsi bo mu ntwaro yavuze ati:"Intumwa z'Ubushinwa… umenga zaje zifise intumbero yo kwiyerekana, zishira imbere ikinamico aho kuja ku bintu bifadika".

Uwo mutegetsi yavuze ko Amerika ija kubandanya ibiganiro nk'uko bitegekanijwe, yongerako ati "gukavya mu gushikiriza amajambo mu vy'imigenderanire akenshi biba bigenewe abo mu gihugu[c'uwuba ariko aravuga]".

Mu nyuma mu kinyamakuru ca reta, intumwa z'ubushinwa zavuze ko ari Amerika, atari Ubushinwa, itubahirije ivyo bumvikanye mu kurenza iminota ibiri yo gushikiriza ijambo ryo kwugurura.

Bwagirije abanyamerika "kubuvogera ata shingiro, muri poritike yabwo yo mu gihugu hagati no mumahanga".

Mu ruhande rwiza, ico kinyamakuru casubiyemwo amajambo ya Yang avuga ko "ingorane zikomeye hagati y'Ubushinwa na Amerika zo muri kahise zidategerezwa kubandanya".

Umunyamakuru wa BBC Barbara Plett Usher avuga ko ivyo biganiro ari akaryo ka mbere kuri prezida Biden ko kwerekana ingene agiye gukemura ikibazo Blinken yise "ikibazo ca mbere gikomeye c'inyungu n'imigenderanire mu kinjana ca 21".

Uwo munyamakuru abandanya avuga ko Ubushinwa burondera ko ibintu vyosubira itoto inyuma y'aho imigenderanire ishikiye ku rugero rwa mbere rwo hasi ku ntwaro ya Trump. Wang yavuze ko ubutegetsi bw'Ubushinwa bwiteguriye kwugurura ''ibiganiro vyubaka."

Ni ibiki Ubushinwa na Amaerika badahurizako?

Ni vyinshi.

Urudandaza nk'akarorero. Amerika yagiriza Ubushinwa ingendo itariyo, nko mu gufasha amahinguriro, kwiba ubuhinga bwakozwe n'abandi, kugumiza hasi agaciro k'ifaranga ryabwo no gushira inzitizi mu rudandaza.

Ubushinwa na bwo bushaka ko ama taxes yashizweho n'intwaro ya Trump ku bidandazwa vy'Ubushinwa avanwaho. Bwagiriza kandi Amerika gucinyiza ama kompanyi y'Ubushinwa ateye imbere mu buhinga bwa none, nka Huawei.

Agateka ka zina muntu na demokrasi. Amerika yagiriza Ubushinwa ihonyabwoko ku ba Uighur mu ntara ya Xinjiang, guhonyanga demokrasi muri Hong Kong biciye ku mategeko mashasha y'umutekano.

Ariko Ubushinwa busaba Amerika kureka kwivanga mu co bwita ibibazo vy'imbere mu gihugu, bukagiriza Amerika ''kugaya" umugambwe w'aba Communiste uri ku butegetsi muri ico gihugu.

Ubushinwa bushaka kandi ko ingabo za Amerika zo mu mazi zitabandanya kwinjira mu mazi y'ikiyaga ca South China Sea , ubutegetsi bw'Ubushinwa bufata nk'igice c'igihugu cabwo.