Xi Jinping agabisha ko China idashobora kwihanganira uwushaka kuyihonyora ku gakanu

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umukuru w'igihugu c'Ubushinwa Xi Jinping aragabisha ibihugu vyo hanze ko "bazobimena imitwe" ni vyahirahira bikarondera gutoteza canke kwinjirira igihugu.
Kuri uwu wa kane, yashikirije ijambo ry'ukwishigikira mu gihe igihugu cariko gihimbaza imyaka ijana umugambwe Communist Party uri ku butegetsi umaze.
Perezida Xi yavuze kandi ko Pékin/Beijing (umugwa mukuru w'Ubushinwa) itazokwemera "amajambo y'ukwishira hejuru", amajambo abenshi babona ko yabwiye Reta Zunze Ubumwe za Amerika.
Avuze ibi mu gihe Ubushinwa bunegurwa ko buhonyanga agateka ka zina muntu n'uko buriko burahasha abaharanira ubwigenge bwa Hong Kong.
Imigenderanire hagati ya Amerika n'Ubushinwa yaratosekaye cane kuva mu misi iheze bivuye ku kutumvikana mu vyo ubudandaji, igendereza n'ikiza ca coronavirusi.
Ikibazo ca Taiwan naco nyene ni ikindi kintu giteje icuka kibi. Mu gihe Taiwan yibona ko ari igihugu cigenga, Pékin yoyo ibona iri zinga nk'intara yayo yiyonkoye.
Amerika, yisunze amategeko yayo bwite, isabwa guha Taiwan uburyo bwo kwirwanako mu gihe Pékin yokoresha inguvu kugira ngo isubire kwigarurira iri zinga.
Kuri uwu wa kane, Perezida Xi yavuze ko Ubushinwa bubandanya umugambi "bwiyemeje ata gusubira inyuma" wo gusubirana na Taiwan.
Ati: "Nta n'umwe akwiye gusuzugura icemezo, ugushaka n'ubushobozi vy'Abashinwa mu gukingira ubwigenge n'ubusugire bwabo".

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ibirori vyo guhimbaza imyaka ijana y'uwu mugambwe mu gatondo ko kuri uyu wa kane vyari bigizwe n'idefire z'indege za gisirikare mu kirere, kurasa vya muzinga n'indirimbo zo gukunda igihugu.
Abantu batowe mu bwitonzi ntangere bari bitabiriye ibi birori vyabereye mu kibanza citiriwe Tiananmen Square i Pékin, abenshi muri bo bakaba ata n'udupfukamunwa bari bambaye.
Hong Kong nayo nyene uno musi iri mu birori vyo guhimbaza umusi mukuru wo kwibuka aho Ubwongereza bwayishikiriza Ubushinwa.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ni igiki nyamukuru kiri mw'ijambo rya Xi?
Mw'ijambo yashikirije hafi mu kiringo c'isaha yose, Perezida Xi, yashimangiye uruhara rw'uwo mugambwe mu Bushinwa bwa none, aho yavuze ko wabaye ishingiro ry'iterambere ry'igihugu kandi ko utwigoro two kugerageza kuwutandukanye n'abanyagihugu "ataho tuzoshika".
Ati: "Intwaro ya gisosiyaliste yonyene niyo ishobora gukiza Ubushinwa, kandi ubusosiyaliste bushingiye ku karanga k'Abashinwa nibwo bwonyene bushobora guteza imbere Ubushinwa".
Yongerako ati: "Ntituzigera twemerera uwo ari we wese azorondera gutoteza, gukandamiza canke guhonyora ku gakanu Ubushinwa".
Ati: "Abazohirahira bakagerageza gukora ivyo, imitwe yabo izohondwa icike amaraso ku Rukuta Runini rw'Icyuma rwubatswe n'Abashinwa barenga imiliyaridi 1.4"
Ubushinwa bwamye bwagiriza Amerika ko ishaka kugerageza gucuvya iterambere ryabwo - aya majambo kandi akaboneka nk'ayaraba Washington.
Umugambwe Chinese Communist Party (CCP) washinzwe mu 1921 uca ushikira ubutegetsi imyaka 72 iheze, ni ukuvuga mu 1949, inyuma y'intambara ndenge hagati mu gihugu.
Kuva ico gihe, igihugu cagiye gica mu mpinduka zikomeye.
Ubushinwa bwarashitse kw'iterambere rikomeye mu vyo ubutunzi, mu mpera z'ibirori abari aho bakaba baririmvye indirimdo ivuga ngo "Iyo utaba umugambwe Communist Party Ubushinwa bushasha ntibuba bwarabayeho".
Xi Jinping, uwuboneka ko ari we mukuru w'igihugu w'Ubushinwa bwa none akomeye cane gusumba abandi bose inyuma ya Mao Zedong, yakeje abanyagihug biwe "kw'isi nshasha" avuga ko ari bo batumye ibaho.
Amakuru yegeranijwe na Waiyee Yip hamwe na BBC Chinese












