Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Afghanistan: Ingabo mvamakungu zitegerezwa kugenda imbere y'itariki ntarengwa - Taliban
Aba Taliban babwiye BBC ko ingabo mvamakungu izo ari zo zose zizoba zikiri muri Afghanistan inyuma y'ikiringo ntarengwa co mu kw'icenda cahawe abasirikare ba OTAN/NATO ngo babe bagiye, zishobora gufatwa nk'izavogereye igihugu.
Uyu murwi uvuze ibi mu gihe hari amakuru avuga ko ingabo za Amerika 1,000 zishobora kuguma mu gihugu kugira ngo zikingire ibiro vy'ubuserukizi bw'ibihugu hamwe n'ikibuga c'indege mpuzamakungu ca Kabul.
Mu bisanzwe, ibikorwa vy'iri shirahamwe ryo kwivunira umwansi hamwe rihuza ibihugu vy'uburengero OTAN vyari bimaze imyaka 20 vyarangiye.
Ariko, imishamirano mu gihugu irabandanya yiyongera, mu gihe aba Taliban babandanya bigarurira utundi turere.
Mu gihe ingabo za Afghanistan ziriko zitegura gufata ibintu mu minwe zonyene, amakenga ni menshi kuri kazoza ka Kabul, umugwa mukuru wa Afghanistan.
Umuvugizi w'aba Taliban Suhail Shaheen avuga ko ivyo kwigarurira Kabul ku nguvu za gisirikare "bitari muri politike y'aba Taliban".
Ariko mu gihe yavugana na BBC ari mu biro vy'uyu murwi muri Qatar, yavuze ko ata ngabo mvamakungu - harimwo n'abasirikare begukira amakompanyi ya gisirikare y'abacangero - zitegerezwa kuba ziri muri ico gisagara inyuma y'itariki ntarengwa.
Shaheen yabwiye BBC ati: "Mu gihe boramuka basize inyuma ingabo zabo, ivyoba biteye kubiri n'amasezerano ya Doha, ubwo rero uburongozi bwacu bwoca bufata ingingo y'ukuntu ibintu bigiye kubandanya".
Ati: "Twotegerezwa kugira ico dukoze kandi ingingo ya nyuma yofatwa n'indongozi zacu".
Ashimangira ko abakozi bo mu biro vy'ubuserukizi mvamakungu, abo mu mashirahamwe y'abagiraneza hamwe n'abasivire b'abanyamahanga batazokorwako n'aba Taliban, kandi ko ata ngabo zo kubakingira zikenewe.
"Twebwe twanka ingabo mvamakungu, ntitwanka abaserukira ibihugu vyabo, amashirahamwe y'abagiraneza, abakozi bo mu buserukizi mvamakungu - kuko ibi ni vyo abanyagihugu bacu bakeneye. Nta ngorane n'imwe tuzobatera".
Shaheen avuga ko ingingo y'ingabo mvamakungu yo kuva ku kirindiro ca Bagram cakorerako abasirikare barwanira mu kirere - kikaba cahoze ari co kirindiro kinini cane c'ingabo za Amerika muri Afghanistan - ari "ikintu gikomeye mu mateka y'igihugu".
Mu masezerano bagiriraniye n'aba Taliban, Reta Zunze Ubumwe za Amerika n'incuti zazo zo muri OTAN baremeye gutahukana ingabo zabo zose, maze abarwanyi nabo biyemeza ko batazemerera al-Qaeda canke uwundi murwi w'intagondwa uwo ari wo wose gukorera mu turere bagenzura.
Perezida Joe Biden yategekanije ko igenekerezo ntarengwa ry'ingabo za Amerika zose kuva mu gihugu ari ku wa 11/09/2021 - umusi w'isabukuru rigira 20 yo kwibuka ibitero vyo ku wa 11 z'ukwa cenda muri Amerika - ariko hari amakuru avuga ko mu misi mike iri imbere ingabo zose zishobora kuva zavuyeyo.
Umushingamateka wa Afghanistan yavuze kw'izina rya reta y'ico gihugu avuga ko iki gikorwa co kuva mu gihugu kititondewe neza.
Uyu mushingamateka, Razwan Murad, yabwiye BBC ko reta yiteguriye ibiganiro hamwe no guhagarika intambara, rero ko ubu aba Taliban bategerezwa kwerekana ko koko biyemeje guhagararira amahoro.
Shaheen arahakana ko uyu muhari wagize uruhara mu mishamirano iheruka kwiyongera.
Ashimangira ko ututere twinshi twagiye mu minwe y'aba Taliban biciye mu nzira y'ibiganiro inyuma y'aho abasirikare ba Afghanistan bankiye kurwana.
Ku wa Mungu, aba Taliban barigaruriye akandi karere kari mu ntara ya Kandahar iri mu bumanuko bw'igihugu. Aba barwanyi bavuga ko ubu bagenzura hafi ica kane c'uturere tugera ku 400 tugize igihugu.
Umuvugizi w'aba Taliban avuga ko reta y'ubu "iri ku mpfiro", anavuga ko igihugu kigendera ku butegetsi bw'idini rya Islam - ibi bikerekana ko uyo muhari utegekanya ubutegetsi bushingiye kw'idini kandi ko batiteguye kwemera ibijanye n'amatora bisabwa na reta ya Afghanistan.
Shaheen avuga ko gushika ubu ikibazo c'amatora kitigeze kivugwa mu biganiro hagati y'aba Taliban na reta ya Afghanistan.
Ingabo mvamakungu zirongowe na Amerika ni zo zomoye aba Taliban ku butegetsi mu 2001. Uyu murwi wari uhaye indaro Osama Bin Laden n'abandi bategetsi ba al-Qaeda bafise uruhara mu gitero co ku wa 11/09 muri Amerika.
Perezida Biden avuga ko ingingo ya Amerika yo kuva muri Afghanistan ifise ishingiro kubera ingabo za Amerika zakoze ibishoboka vyose kugira ngo Afghanistan ntisubire kuba ikirimbiro ry'abarwanyi mvamakungu biyitirira idini rya Islam barondera guhungabanya ibihugu vyo mu burengero.
Hagati aho, Perezida Ashraf Ghani wa Afghanistan ashimangira ko ingabo z'igihugu zifise ubushobozi bwose bwo kuzibira aba barwanyi, ariko abenshi babona ko iyi ngingo ya OTAN/NATO yo kuva muri ico gihugu ishobora gutuma gisubira kwigarurirwa n'aba Taliban.