EU: Indangamuntu ya Covid-19 yoba isigura iki ku ngenzi?

Indangamuntu nshasha ya Covid mw'ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Bulaya (EU), Digital Covid Certificate/Certificat COVID numérique - "indangamuntu" y'iri shirahamwe yerekana ko waronse urucanco - iriko iratanguzwa hose mu bihugu 27 vy'iri shirahamwe.

Ni nde ayifitiye uburenganzira, yoba isigura iki ku ngenzi?

Iyi ndangamuntu ya Covid ni iki?

Ni uburyo bw'ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Bulaya bwerekana ko abanyagihugu:

  • Baronse urucanco rwa Covid-19
  • Baherutse kwipimisha uwu mugera bakaba batawutowemwo
  • Ko baherutse kurwara hanyuma bagakira Covid-19

Ibihugu vyose 27 vy'iri shirahamwe ry'Ubumwe bwa Bulaya - co kimwe no mu bihugu vy'Ubuswisi, Iceland/Islande, Norvège na Liechtenstein - birayifise kandi birayemera.

Itangwa ku buntu - kandi abanyagihugu ba EU, co kimwe n'abanyamahanga baba muri ibi bihugu vya EU mu mategeko (bakaba bafise uburenganzira bwo gutembera mu bindi bihugu vyo muri iri shirahamwe) bashobora kuyivoma (download) bakayigumana kuri ngendanwa zabo, canke barakonswa urukaratasi rw'ikopi.

Hari ibihugu bimwe bimwe vyari vyamaze gutangura kuyikoresha ku gushaka kwavyo - ariko rero ku wa 01 z'uku kw'indwi niho yatanguzwa icese, mu kiringo c'amezi atandatu.

Izoba ifise code QR hamwe n'urupfunguruzo nyabwonko (digital signature key/clé de signature numérique) umuntu yisangije, ibi bikazoshoboza umuntu kwinjira mu bubiko yisangije burimwo amakuru yose ajanye n'incanco yaronse - nk'akarorero ibitaro, ikigo canke urwego rwamuhaye uru rucanco.

Amakuru y'umuntu yisangije azoguma kuri iyi ndangamuntu yiwe, ntazobikwa canke ngo agumanwe, nk'akarorero ku kibuga c'indege, mu gihe bazoba bahejeje guhinyuza ko ari ay'ukuri.

Kubera iki iyi ndangamuntu ari nkenerwa?

Abantu barizeye ko iyi ndangamuntu izokworohereza ingenzi gutembera mu bihugu vy'ishiramahwe EU.

Ntabwo ari igitabo c'inzira - ingenzi izotegerezwa kuba igifise canke urundi rukaratasi urwo ari rwo rwose rwerekana ibiyiranga.

Gusa, umuntu uwo ari we wese azoba afise iyi ndangamuntu, mu bisanzwe azoba arekuriwe kwinjira mu gihugu ico ari co cose atarinze gupimwa canke kubanza gutaramurwa mu kiringo kanaka.

Iyi ndangamuntu yoba ari co kimwe n'iyindi y'Ubwongereza Covid Pass

Si co kimwe - ariko zompi zerekana amakuru amwe kandi zifise intumbero imwe yo kwerekana ingene umuntu ahagaze ku bijanye na Covid.

Ishirahamwe EU ntiriremeza Covid Pass, ariko ibihugu ku gatwe kavyo, nk'akarorero Ubugiriki na Espagne, biramaze kuyemera.

EU ivuga ko iriko irakora uko ishoboye kwose kugira ngo iyi ndangamuntu ise n'izindi z'ibihugu bitari muri EU.

Urucanco umuntu azoba yaronse hari ikibazo ruzotera?

Mu bisanzwe nta ngorane ihari. Hari incanco zine zose zemewe mu Bwongereza no mu bihugu vyo muri EU - gusa hari zitatu mu zemewe mu Bwongereza rimwe na rimwe zizwi ku mazina atandukanye, ariko ni zimwe.

Muri EU:

  • Pfizer-BioNTech hamwe hamwe izwi kw'izina rya Comirnaty
  • Oxford-AstraZeneca (AZ) izwi kandi kw'izina rya Vaxzevria
  • Moderna izwi kandi kw'izina rya Spikevax
  • Janssen rimwe na rimwe ihabwa izina rya Johnson & Johnson.

Ariko, Oxford-AstraZeneca (AZ) yahinguwe n'ikigo Serum Institute co mu Buhindi (SII) ifise irindi zina rigira gatatu - Covishield. N'aho ari co kimwe n'iyo yahinguriwe i Bulaya, ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Bulaya ntiriyemera.

None hari ingorane kubona Covishield itemewe ku mugabane wa Bulaya?

Covishield irakoreshwa cane mu bihugu bikenye biciye muri wa mugambi mpuzamakungu w'incanco uzwi nka Covax, ubu hakaba hari impungenge ko iyi ndangamuntu ya Bulaya ishobora kutemera ingenzi ziva muri ivyo bihugu.

Ikigo ca Bulaya kijejwe imiti, European Medicines Agency/Agence européenne des médicaments (EMA) ntigitegerezwa kubanza kwemeza ikigo c'Ubuhindi gihingura Oxford-AstraZeneca, kubera ata ncanco ziva muri ico gihugu zinjira muri EU.

Ariko ikigo Serum Institute kivugwa ko coba kibanza gusaba uruhusha muri EU kugira ngo gishobore guhingura Covishield.

Ikigo AstraZeneca kandi kivuga ko kiriko kirakorana na EMA kugira ngo barabe ko "Covishield nayo yokwemerwa kuja muri izi ndangamuntu z'incanco".

Gusa EMA ivuga ko gushika ubu itarigera ironka igisabo ico ari co cose kirondera ko uru rucanco rwemerwa.

N'ubwo uru rucanco rutemewe gukoreshwa mw'ishirahamwe rya Bulaya, ishami rya ONU rijejwe amagara y'abantu OMS ryaremeje ko rushobora gukoreshwa mu buryo bwihutirwa - kandi n'ishirahamwe rya Bulaya rivuga ko ibihugu vyaryo ku giti cavyo bishobora kwemerera ingenzi kwinjira mu gihe bahawe urucanco rwa Covishield.

Hanyuma kandi, ibihugu bimwe bimwe vyari bisanzwe vyemera izindi ncanco - nk'akarorero Ubugiriki buremera urucanco rw'Ubushinwa Sinovac, urucanco rw'Uburusiya Sputnik V hamwe n'izindi zitari nke.

Urwego rukuru rushinzwe amagara y'abantu muri Afrika ruranegura cane ingingo y'Ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Bulaya yo gukura ku rutonde ingenzi zahawe incanco za AstraZeneca zakorewe mu Buhindi mu mugambi w'iyi ndangamuntu ya Covid.

Umukuru w'ikigo ca Afrika kijejwe kurwanya indwara Centres for Disease Control and Prevention, John Nkengasong, avuga ko ingingo y'Ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Bulaya itisunze ubuhinga n'amakuru yerekana ingene incanco zakorewe mu Buhindi zihagaze, kandi ata cerekana ko zidakora neza uzigereranije n'iza Bulaya.